Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 King Belshazzar held a great feast for 1,000 nobles, drinking wine in the presence of the 1,000. Hashize imyaka myinshi, umwami Belushaza agirira umusi mukuru abantu igihumbi bo mu baganwa n’abatware biwe, basangira umuvinyu.
2 While tasting the wine, Belshazzar ordered in the gold and silver vessels his father Nebuchadnezzar took from Jerusalem's temple, for the king, his nobles, wives, and concubines to drink from. Igihe Belushaza yariko aranywa uwo muvinyu, aca atanga itegeko ngo bazane ibikombe bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero i Yerusalemu, kugira ngo we, abaganwa n’abatware biwe, hamwe n’abagore n’incoreke ziwe babinyweshe.
3 Then they brought the gold vessels taken from the temple, our Father's house in Jerusalem; the king, his nobles, wives, and concubines drank from them. Nuko, bazana ivyo bikombe bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza vyanyazwe mu rusengero rw’Imana i Yerusalemu, umwami, abaganwa n’abatware biwe, abagore biwe n’incoreke barabinywesha.
4 They drank the wine and praised the gods of gold, silver, bronze, iron, wood, and stone. Bariko baranywa, bahimbaza ibigirwamana vyabo bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu vyuma, mu biti no mu mabuye.
5 Just then a human hand's fingers appeared and wrote on the plaster of the king's palace wall opposite the lampstand, and the king watched the hand writing. Ubwo nyene, umwami aja abona igikonjo kiriko kirandika ibintu ku gihome cera kiri impande y’igiterekwako amatara.
6 The king's face changed color, his thoughts terrified him, his hips gave way, and his knees knocked. Akibonye, afatwa n’ubwoba bwinshi, mu maso harahinduka. Amavi yiwe arakomangana kubera kudegezwa, kandi amaguru yiwe acika intege.
7 The king shouted for the enchanters, astrologers, and fortune-tellers, telling Babylon's wise men, "Whoever reads this writing and tells me what it means will wear purple, a gold chain on his neck, and rule third in the kingdom." Umwami aca arasemerera ngo bamuzanire abapfumu, abaragurisha kuraba inyenyeri n’abahamagara imizimu. Maze aca abwira abo banyabwenge b’i Babiloni ati: “Umuntu wese ansomera birya vyandiko akambwira n’ico bisigura, azoca yambikwa impuzu y’inyambarabami, yambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi. Azoca ahabwa ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubu bwami.”
8 Then all the king's wise men came in, but none could read the writing or tell him its meaning. Abanyabwenge bose baraza, ariko nta n’umwe muri bo yashoboye gusoma iyo nyandiko canke kuvuga ico isobanura.
9 So King Belshazzar grew even more terrified, his face paler still, and his nobles were bewildered. Umwami akomeza kumererwa nabi, mbere no mu maso hiwe akomeza kwiraburanirwa, kandi abanyacubahiro biwe babura ico bari bukore.
10 At the king's and his nobles' words, the queen entered the banquet hall, saying, "King, live forever! Don't let your thoughts terrify you or your face turn pale. Nyina w’umwami, yumvise ijwi ry’umwami n’amajwi y’abanyacubahiro biwe, aca yihutira kuja mu cumba c’amazimano. Maze abwira umwami ati: “Umwami arakaramba! Ntugire ubwoba ngo ucike intege, kandi ntiwiraburanirwe.
11 A man in your kingdom has the spirit of the holy gods. In your father's days he showed insight, understanding, and wisdom like the gods' wisdom. King Nebuchadnezzar your father—your father the king—made him chief of magicians, enchanters, astrologers, and fortune-tellers, Mu bwami bwawe, hariho umuntu afise impwemu y’imana zitagira agasembwa. Ku ngoma y’umwami, so, uwo mugabo yarerekanye ko afise ubumenyi n’ubwenge busa n’ubw’imana. Ni co catumye umwami so amuha kugaba abanyamareba, abapfumu, n’abaragurisha kuraba inyenyeri, n’abahamagara imizimu.
12 because extraordinary spirit, knowledge, and understanding—interpreting dreams, explaining riddles, untying knots—were found in this Daniel, whom the king named Belteshazzar. Now call Daniel; he will interpret." Uwo mugabo Daniyeli, uwo umwami yataziriye Beluteshaza, vyarabonetse ko afise ubushobozi budasanzwe, kandi yuzuye ukumenya no gutahura, kandi agashobora no gusobanura indoto, kumenya ibihishijwe no gutora inyishu z’ibibazo bigoye. Tumako Daniyeli, arakubwira ico iyo nyandiko ivuga.”
13 Daniel was brought before the king, who asked, "Are you Daniel, one of the Judean exiles my father the king brought from Judah? Nuko Daniyeli ashikanwa imbere y’umwami. Umwami aramubaza ati: “Ni wewe Daniyeli, umwe wo mu nyagano data yazanye akuye i Buyuda?
14 I heard the spirit of the gods is in you—light, understanding, and rare wisdom found in you. Bambwiye ko impwemu z’imana ziba muri wewe kandi ko ufise kumenya, gutahura hamwe n’ubwenge.
15 The wise men and enchanters were brought before me to read this writing and tell me its meaning, but couldn't. Abanyabwenge n’abaraguzi babazanye baragerageza kunsomera amajambo yanditswe ku gihome ariko ntibabishoboye.
16 I've heard you can interpret and untie knots. If you read this writing and tell me its meaning, you'll wear purple, a gold chain on your neck, and rule third in the kingdom." Numvise rero ko wewe woshobora kunsobanurira iyo nyandiko kandi ko ushobora no gutora inyishu y’ibibazo bigoye. Hamwe woshobora kunsomera iyo nyandiko no kumbwira ico isobanura, uzokwambikwa impuzu y’icubahiro y’i bwami, wambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, uhabwe ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubu bwami.”
17 Daniel answered the king, "Keep your gifts; give your rewards to another. Still, I will read the king the writing and tell him its meaning. Daniyeli yishura umwami ati: “Ndagusomera iyo nyandiko, ndakubwire n’uko isobanurwa. Ariko ingabire zawe zigumirize canke uzihe uwundi.”
18 Your Majesty, the Most High our Father gave your father Nebuchadnezzar the kingdom, greatness, glory, and majesty. Nyeningoma, Iyisumbavyose yahaye so Nebukadineza ubushobozi, icubahiro, no kuba uwuhambaye,
19 Because of the greatness he gave him, all peoples, nations, and languages trembled and feared before him. He killed whom he wished, let live whom he wished, raised whom he wished, humbled whom he wished. Icubahiro yamuhaye catumye abantu bo mu moko yose, n’amahanga yose, n’indimi zose bajugumira imbere yiwe. Yarica abo ashatse kwica, agakiza abo agomba gukiza, kandi agaha icubahiro abo ashatse kugiha, agacisha bugufi uwo ashatse gucisha bugufi.
20 When his heart grew proud and his spirit hardened into arrogance, he was deposed from his royal throne and his glory taken away. Ariko, igihe agiriye ubwibone mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe, yacishijwe bugufi, yakwa ingoma yiwe n’ubwiza bw’icubahiro ciwe.
21 He was driven from people, his mind made like an animal's; he lived with wild donkeys, was fed grass like an ox, and the dew of heaven soaked him—until he knew the Most High our Father rules the kingdom of men and sets over it whomever he chooses. Yakuwe mu bantu, ahabwa ivyiyumviro vy’igikoko, abana n’indogoba zo mw’ishamba kandi arisha ubwatsi nk’inka; umubiri wiwe utondwako n’urume, kugeza umusi yatahuriye ko Iyisumbavyose ari yo itegeka ubwami bwose bwo kw’isi kandi ko ari yo ishira ku ngoma uwo ishatse.
22 But you, Belshazzar his son, have not humbled your heart, though you knew all this. “Kandi nawe Belushaza umuhungu wiwe, naho wari uzi ivyo vyose, ntiwicishije bugufi.
23 Instead, you lifted yourself against heaven's Sovereign. You had his house's vessels brought before you, and you, your nobles, wives, and concubines drank wine from them. You praised gods of silver, gold, bronze, iron, wood, and stone—gods that cannot see, hear, or know anything. But the One holding your breath in his hand, who owns all your ways—our Father—you have not honored. Ahubwo wishize hejuru imbere y’Imana yo mw’ijuru. Wategetse ko bazana ibikombe vyo mu Ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abanyacubahiro bawe, abagore bawe n’incoreke zawe, babinyweshe umuvinyu. Uhimbaza ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu vyuma, mu biti no mu mabuye, bidashobora kubona, kwumva canke gutahura. Ariko ntiwahaye icubahiro Imana kandi ari yo ifise ubugingo bwawe mu kiganza cayo, ikanamenya kazoza kawe.
24 Therefore he sent the hand that wrote this inscription. Ni co gituma Imana yatumye ico gikonjo kwandika ayo majambo.
25 This is the writing that was inscribed: MENE, MENE, TEKEL, PARSIN. Ibi ni vyo vyari vyanditswe: mene, mene, tekeli, parisini
26 This is what it means: MENE—our Father counted your kingdom's days and ended it. Uku ni ko ayo majambo asobanurwa: Mene risobanurwa ngo ‘Imana yaharuye imyaka umaze ku ngoma, iyishizeko iherezo.’
27 TEKEL—you have been weighed on the scales and found wanting. Tekeli risobanurwa ngo ‘wapimwe ku munzane, basanga nta bilo bikwiye ufise.’
28 PERES—your kingdom has been divided and given to the Medes and Persians." Parisini risobanurwa ngo ‘ubwami bwawe buragabuwe, buhawe Abamedi n’Abaperesi.’ ”
29 Then Belshazzar gave the order, and they clothed Daniel in purple, put a gold chain on his neck, and proclaimed him third ruler in the kingdom. Ubwo nyene Belushaza aca atanga itegeko, ko bambika Daniyeli impuzu y’icubahiro y’i bwami, yambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, kandi ko ahabwa ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubwo bwami.
30 That very night Belshazzar, king of the Babylonians, was killed. Iryo joro nyene, Belushaza umwami w’i Babiloni aricwa,
31 And Darius the Mede received the kingdom, being about sixty-two years old. hanyuma Dariyusi Umumedi aca atwara ubwo bwami. Yari afise imyaka mirongo itandatu n’ibiri.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]