Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 King Nebuchadnezzar, to all peoples, nations, and languages living throughout the earth: May your peace be multiplied. Umwami Nebukadineza arungika ubu butumwa ati: Ku mahanga yose n’abantu bavuga ururimi rwose, baba kw’isi yose: “Amahoro n’iterambere bibe muri mwebwe!”
2 I am glad to declare the signs and wonders the Most High God has done for me. Binteye umunezero kubamenyesha ivyerekeye ibitangaza n’ibimenyetso, n’utwumiza Imana Musumbavyose yankoreye.
3 How great are his signs, and how mighty are his wonders! His kingdom is an everlasting kingdom, and his dominion is from generation to generation. Mbega ukuntu ibimenyetso vyayo bikomeye; n’ubushobozi buri mu bitangaza vyayo! Ubwami bwayo ni ubw’ibihe bidashira; kandi inganji yayo yamaho uko urunganwe rukurikirana n’urundi.
4 I, Nebuchadnezzar, was at ease in my house and flourishing in my palace. Jewe, Nebukadineza, nari ku kirimba iwanje, nguwe neza kandi nteye imbere.
5 I saw a dream that frightened me; thoughts on my bed and visions in my head terrified me. Hanyuma ijoro rimwe ndarota kandi iyo ndoto yanteye ubwoba bwinshi. Nari ndyamye ku buriri bwanje; hanyuma nerekwa ibintu vyandanduye umutima.
6 So I ordered all Babylon's wise men brought before me to tell me the dream's meaning. Maze, nca ntanga itegeko ryo guhamagaza abanyabwenge bose b’i Babiloni ngo baze bambwire ico iyo ndoto ivuga.
7 Then the magicians, enchanters, Babylonians, and astrologers entered. I told them the dream, but they could not interpret it for me. Igihe abanyamareba, abapfumu, abaragurisha kuraba inyenyeri, abahamagara imizimu baza, nta n’umwe yashoboye kumbwira ico isobanura.
8 Finally Daniel came before me—named Belteshazzar after my god's name, the holy gods' spirit in him—and I told him the dream. Mu nyuma, ni ho Daniyeli ari we Beluteshaza yaza, ansobanurira ivy’iyo ndoto. Iryo zina yarihawe kubera ryegeranye n’izina ry’imana yanje, ariko impwemu y’imana zitagira agasembwa iba muri we.
9 Belteshazzar, chief magician, I know the spirit of the holy gods is in you, and no mystery baffles you—tell me the visions of my dream that I saw, and their meaning. Ndamubwira nti: “Beluteshaza, mukuru w’abapfumu bose, ndazi neza ko impwemu y’imana zitagira agasembwa iri muri wewe kandi ko ata binyegejwe wewe udashobora kumenya. Iyi ni yo ndoto yanje, mbwira rero uko isobanurwa.
10 The visions in my mind while in bed: I saw a tree in the middle of the earth, very tall. Igihe nari ndyamye ku buriri bwanje, nabonye igiti kinini cane kiri hagati kw’isi.
11 The tree grew and became strong, and its top reached to heaven, and it was visible to the ends of the whole earth. Ico giti kirakura kiba kinini kandi kiba kirekire, gikora ku bicu ku buryo umuntu wese aho ari kw’isi hose yashobora kukibona.
12 Its leaves were beautiful and its fruit abundant, and in it was food for all. Wild animals found shade under it, and the birds of the heavens lived in its branches, and all flesh was fed from it. Cari gifise amababi meza n’ivyamwa vyinshi ku buryo abantu bose bashobora kubiryako. Ibikoko vyo mw’ishamba vyaraza bikibera mu gitutu caco, inyoni na zo zikarika mu mashami yaco. Icaremwe cose cashobora kurya ivyamye kuri co.
13 In my visions in bed I saw a watcher, a holy one, coming down from heaven. Mu vyo neretswe, nkiryamye kuri ubwo buriri, mbona imbere yanje hari intumwa yejejwe imanutse iva mw’ijuru.
14 He shouted: Cut down the tree, chop its branches, strip its leaves, scatter its fruit. Let animals flee from under it, birds from its branches. Ica ivuga n’ijwi rirenga iti: ‘Icira ico giti, mugikureko n’amashami yaco, mugikunkumure kandi ivyamwa vyaco mubisanzaze, hanyuma mwirukane ibikoko biri mu gitutu caco hamwe n’inyoni ziri mu mashami yaco.
15 But leave the stump of its roots in the earth, bound with a band of iron and bronze, in the grass of the field. Let him be drenched with the dew of heaven, and let his portion be with the wild animals in the grass of the earth. Igishitsi caco n’imizi mubireke, ariko mubiboheshe iminyororo y’ivyuma n’iy’imiringa, ivyatsi bitotahaye bikirenge hejuru. Mukireke gitondweko n’urume ruva kw’ijuru, kibane n’ibikoko vyo mw’ishamba.
16 Let his human mind be taken away and a beast's mind be given to him, and let seven periods of time pass over him. Kandi mu gihe kingana n’imyaka indwi, ntikize congere kugira ivyiyumviro nk’ivy’abantu, ariko kigire ivyiyumviro nk’ivy’ibikoko.
17 The sentence is by the decree of the watchers, the decision by the word of the holy ones, so that the living may know that the Most High rules over the kingdom of men and gives it to whom he will and sets over it the lowliest of men.' Iyo ngingo yatangajwe n’intumwa, ku rubanza ruciwe n’uwejejwe, kugira ngo umuntu wese ahumeka amenye ko Imana Musumbavyose, iri hejuru y’ingoma zose zo kw’isi kandi yimika uwo ishatse, ikamushira hejuru yazo, naho yoba ari uwo musi y’abandi bose.’
18 This is the dream I, King Nebuchadnezzar, saw. Tell me its meaning, Belteshazzar, for my kingdom's wise men can't explain it, but you can—the spirit of the holy gods is in you. Iyo ni yo ndoto, Jewe umwami Nebukadineza nagize. Ubu rero, wewe Beluteshaza, mbwira uko isobanurwa, kuko nta n’umwe wo mu banyabwenge bose bo mu bwami bwanje, ashobora kuyinsobanurira. Ariko, nzi neza ko wewe ushobora gutahura ico ivuga, kuko impwemu y’imana zitagira agasembwa iri muri wewe.”
19 Then Daniel, called Belteshazzar, was stunned briefly, alarmed by his thoughts. The king said, "Belteshazzar, don't let the dream or its meaning alarm you." Belteshazzar answered, "My lord, may the dream be for your haters, its meaning for your enemies!" Maze Daniyeli ari we bise Beluteshaza aca amara umwanya mu gacerere arengewe n’ivyiyumviro. Ariko, umwami aramubwira ati: “Ntuterwe ubwoba n’iyo ndoto canke ukwo isobanurwa.” Na we aca ambwira ati: “Nyeningoma, ese icompa ivyo iyo ndoto ivuga bikaba ku bansi n’insiguro yayo ikaba ku bakugwanya!”
20 The tree you saw grew strong, its top reaching heaven, visible to all the earth, Ico giti wabonye cakuze cane kandi kigakomera, kikaba kirekire ku buryo gikora kw’ijuru kigashobora kubonwa n’abari kw’isi yose,
21 beautiful leaves, abundant fruit, food for all—wild animals lived beneath it, birds of the sky nested in its branches. amababi yaco yari meza cane kandi kigatanga ivyamwa bikwiye ku vyaremwe vyose, ibikoko bikibera mu gitutu caco kandi n’inyoni zikarika mu mashami yaco.
22 It is you, king—you have grown and become strong; your greatness has grown, reaching heaven, your dominion to the ends of the earth. Nyeningoma, ico giti ni wewe. Wabaye uwuhambaye n’uwukomeye, icubahiro cawe gishika kw’ijuru kandi ubwami bwawe bwuzuye isi yose.
23 Because the king saw a watcher, a holy one, come down from heaven, saying: Cut down the tree, destroy it—but leave the stump of its roots in the ground, bound with a band of iron and bronze in the field's grass. Let him be drenched with the dew of heaven; his portion with the wild animals, until seven periods of time pass over him. Nyeningoma wabonye uwutagira agasembwa amanuka avuye mw’ijuru azanye ubutumwa, avuga ati: “Ico giti nimucicire mugihonye! Ariko igishitsi caco n’imizi mubirekere mw’ivu, biboheshejwe iminyororo y’ivyuma n’iy’imiringa. Mukirekere mu vyatsi bitotahaye, kimare imyaka indwi gitondwako n’urume.”
24 This is the interpretation, my king: the Most High's decree has come upon my lord the king, Nyeningoma, iyi ni yo nsobanuro, Imana Musumbavyose yatanze itegeko kuri wewe mwami Nyeningoma:
25 you'll be driven from people to live among wild animals, eating grass like oxen, drenched with the dew of heaven, until seven times pass over you and you know the Most High rules the human kingdom, giving it to whoever he chooses. uzokurwa mu bantu uje kubana n’ibikoko vyo mw’ishamba; uzorisha ivyatsi nk’inka, utondweko n’urume rwo kw’ijuru. Ibihe indwi bizokuranwa kuri wewe, kugeza aho uzotahurira ko Iyisumbavyose ari yo iganza ubwami bwose bwo mw’isi, ikabuha uwo ishatse wese.
26 The command to leave the stump and its roots in the ground: your kingdom will be restored to you once you know Heaven rules. Itegeka ko igishitsi n’imizi babireka. Ivyo bisobanurwa ko uzosubira ku ngoma yawe, umaze gutahura ko Imana yo mw’ijuru ari yo iganza vyose.
27 So, king, accept my advice: break from your sins through righteousness, your wrongdoing through mercy to the poor, so your prosperity may continue. Nuko, Nyeningoma, ndagusavye wakire impanuro ndaguhaye: “Uve mu vyaha vyawe utangure kubaho mu bugororotsi; ugirire imbabazi abahahazwa. Ni ho ivyawe bizogenda neza, ugatera imbere ikindi gihe kirekire.”
28 All this came upon King Nebuchadnezzar. Ivyavuzwe ku mwami Nebukadineza vyaramushitseko vyose.
29 Twelve months later, he was walking on the roof of Babylon's royal palace. Inyuma y’amezi icumi n’abiri, yariko agendagenda hejuru ku kirimba i Babiloni,
30 The king said, "Is this not great Babylon I built as a royal house by my mighty power, for the glory of my majesty?" maze aravuga ati: “Mbega aha si i Babiloni, igisagara gihambaye ahari ikirimba niyubakiye n’ubushobozi bwanje ngo kimpeshe icubahiro?”
31 The words were still in the king's mouth when a voice fell from heaven: "King Nebuchadnezzar, this is said to you: the kingdom has left you. Ayo majambo akiva mu kanwa kiwe, haza ijwi rivuye mw’ijuru rimubwira riti: “Mwami Nebukadineza, iyi ni yo ngingo yafashwe kuri wewe, ububasha buva ku ngoma urabwatswe.
32 You'll be driven from people, living with wild animals, eating grass like an ox. Seven periods will pass over you, until you know the Most High rules mankind's kingdom and gives it to whomever he wills." Uzokurwa mu bantu hanyuma uje kubana n’ibikoko vyo mw’ishamba; aho uzorisha ivyatsi nk’inka. Uzomara imyaka indwi ibihe bigukuranwako, kugeza igihe uzotahurira ko Imana Musumbavyose ari yo iganza ingoma zose zo kw’isi kandi ko ingoma yose iyiha uwo ishatse.”
33 At once the word came true against Nebuchadnezzar: driven from people, he ate grass like cattle, his body soaked by the dew of heaven, until his hair grew like eagle feathers, his nails like bird claws. Ubwo nyene, ivyari vyavuzwe kuri Nebukadineza vyaciye bishika. Yaciye akurwa mu bantu, hanyuma arisha ubwatsi nk’inka. Umubiri wiwe utondwako n’urume rwo kw’ijuru kugeza aho umushatsi wiwe wakuze ukamera kurya kw’amoya y’inkona n’inzara ziwe zirakura zimera nk’iz’inyoni.
34 When the days ended, I, Nebuchadnezzar, raised my eyes to heaven, and my reason returned. I blessed the Most High, praised and honored the One who lives forever, whose rule is everlasting, whose kingdom spans every generation. Iyo myaka indwi iheze, jewe Nebukadineza, narangamije mw’ijuru, ubwenge buragaruka. Maze nca ntangura gutazira no gushima Iyisumbavyose no guha icubahiro Ibaho ibihe bitazoshira. Inganji yayo ntizorangira, kandi ingoma yayo izohoraho uko urunganwe ruzogenda rusubirira urundi.
35 All the inhabitants of the earth are counted as nothing, and he does according to his will among the host of heaven and among the inhabitants of the earth; and no one can hold back his hand or say to him, "What have you done?" Abantu bose bo kw’isi, baboneka bameze nk’ubusa. Ikora ivyo ishatse, n’ubushobozi bwo mw’ijuru hagati mu bantu bo kw’isi. Nta muntu n’umwe ashobora gufata ukuboko kwayo, canke ngo ayibaze ati: “Mbega aho wakoze iki?”
36 Then my sanity returned; my majesty and splendor returned for my kingdom's glory. My advisers and nobles sought me; I was restored over my kingdom, and surpassing greatness was added to me. Uwo mwanya nyene nasubijwe ubwenge, nsubizwa n’ubwiza n’icubahiro vyanje, kugira ngo ingoma yanje igire ubwiza. Abahanuzi n’abandi banyacubahiro banje baca barandondera hanyuma nsubizwa ku ngoma yanje, mbere nca mba uwuhambaye kurusha uko nari imbere y’aho.
37 Now I, Nebuchadnezzar, praise, exalt, and honor Heaven's King, for all his works are right, his ways just; those walking in pride he can humble. Ubu rero, jewe Nebukadineza, ndahimbaza kandi ngaha icubahiro nongera nshima Umwami wo mw’ijuru. Kuko ibikorwa vyiwe ni ivy’ukuri kandi biragororotse, ashobora no gucisha bugufi abibone bose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]