Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Belshazzar king of Babylon's first year, Daniel dreamed and saw visions in his head on his bed. He wrote the dream, summarizing the matters. Mu mwaka wa mbere umwami Belushaza ari ku ngoma i Babiloni, Daniyeli yararose, kandi mu vyiyumviro vyiwe hacamwo ibintu vyinshi biza mu buryo bwo kwerekwa, aryamye ku buriri. Ivyo yarose yaravyanditse.
2 Daniel said: In my night vision I saw the four winds of heaven churning the great sea. Daniyeli avuga ati: “Mu vyo neretswe mw’ijoro, nabonye imiyaga ivuye ku mpande zine z’isi yisuka mu kiyaga kinini.
3 And four great beasts came up out of the sea, each different from the others. Hanyuma, mbona ibikoko bininibinini bine bisokoroka biva mu kiyaga. Nta gikoko na kimwe casa n’ikindi.
4 The first was like a lion, with eagle's wings. I watched until its wings were torn off; it was lifted off the ground, set on two feet like a human, and given a human heart. Igikoko ca mbere casa n’intare, kandi cari gifise amababa y’inkona. Nkomeje kuraba, mbona amababa yaco aravunaguwe hanyuma gica gihagarara cemye kurya kw’umuntu kandi gihabwa kugira kamere k’umuntu.
5 A second beast appeared, like a bear, raised up on one side, three ribs in its mouth between its teeth. It was told, 'Get up, eat much flesh.' Hanyuma nca mbona igikoko ca kabiri gisa n’idubu. Cari kiryamiye uruhande rumwe kandi gifise amagufa atatu y’imbavu mu kanwa, hagati y’amenyo. Numva ijwi rikibwira riti: ‘Vyuka, urye inyama nyinshi!’
6 After this I watched: another beast, like a leopard, with four bird wings on its back, four heads, and given authority to rule. Inyuma y’ivyo, nca mbona ikindi gikoko, casa n’ingwe. Ku mugongo cari gifise amababa ane nk’ay’inyoni, kikagira n’imitwe ine. Ico gikoko gihabwa ububasha bwo gutegeka.
7 After this, in my night vision, a fourth beast appeared—dreadful, terrifying, incredibly strong, with huge iron teeth. It devoured, crushed, and trampled the rest underfoot, different from every beast before it, with ten horns. Muri iryo joro, nkiriko nderekwa, mbona igikoko kigira kane: cari giteye ubwoba cane, kandi gikomeye rwose. Amenyo yaco yari manini kandi akozwe mu vyuma; carajanjagura ivyo cishe kikabirya, ibisigaye kikabisiribanga n’amaguru yaco. Cari gitandukanye cane n’ibindi bikoko kandi cari gifise amahembe cumi.
8 While I watched the horns, another—a little horn—rose among them, and three of the first horns were uprooted before it. It had eyes like human eyes and a mouth speaking boastfully. Nkiriko ndiyumvira ivyerekeye ayo mahembe yaco, nca mbona akandi gahembe gatoya gasokorotse hagati mu yandi mahembe kandi amahembe atatu aca akurwaho kugira ngo karonke ikibanza. Ako gahembe gatoya kari gafise amaso nk’ay’umuntu n’umunwa, kakavugana ubwibone.
9 As I watched, thrones were set in place, and the Ancient of Days, our Father, took his seat. His clothing was white as snow; the hair of his head was like pure wool. His throne was flaming with fire, and its wheels were all ablaze. Ndiko ndaraba, mbona intebe z’inganji zishirwa mu bibanza vyazo, hanyuma mbona uwusa n’Umukurambere, araje aricara. Impuzu ziwe, zarera derere, umushatsi wiwe ugasa n’ubwoya bw’intama bwera; Intebe yiwe yari igizwe n’imbeya z’umuriro, iteretswe ku mapine yaka urubeya.
10 A river of fire flowed out, streaming from before him. Thousands of thousands served him, and 10,000 upon 10,000 stood before him. The court sat, and the books were opened. Kandi uruzi rw’umuriro rwatemba ruva imbere yiwe. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari ngaho bamukorera; kandi ibihumbi cumi incuro ibihumbi cumi bari bahagaze ngaho bamushengereye. Urubanza ruratangura; hanyuma ibitabu birazingururwa.
11 I watched because of the boastful words the horn spoke; I watched until the beast was killed, its body destroyed and given to the burning fire. Nkomeza kwitegereza, numva ka gahembe kariko kavuga amajambo y’ubwibone. Nshishikara kuraba kugeza aho ca gikoko ca kane cicwa, umuvyimba waco utererwa mw’itanure ry’umuriro uragitongora.
12 The rest of the beasts lost authority but had their lives prolonged for a set time and season. Vya bikoko bindi bitatu, ubutware bwavyo birabwakwa, ariko vyemererwa kuba birabayeho ikindi gihe.
13 In my night vision I looked, and there before me, coming with the clouds of heaven, was one like a son of man. He approached the Ancient of Days, our Father, and was led into his presence. Muri uko kwerekwa mw’ijoro, nkomeza kuraba ivyo ndiko nderekwa, ngize gutya mbona uwusa n’Umwana w’Umuntu aje azananye n’ibicu vyo kw’ijuru. Yegera wa mukurambere, ashikanwa imbere yiwe.
14 And he was given authority, glory, and a kingdom, so that all peoples, nations, and languages would serve him. His dominion is an everlasting dominion that will not pass away, and his kingdom is one that will never be destroyed. Aca ahabwa ububasha, ubwiza n’ubushobozi bwo kuganza; amahanga yose yo kw’isi, n’abavuga indimi zitandukanye baramutazira. Ukuganza kwiwe kuzohoraho ibihe bidashira kandi ingoma yiwe ntizokwigera ikurwaho.
15 I, Daniel, was troubled in spirit, and the visions that passed through my mind alarmed me. Jewe Daniyeli, nca mpagarika umutima, kandi ivyo neretswe bituma mbura amahoro.
16 I approached one of those standing there and asked him the truth about all this. He told me, revealing its interpretation. Nca negera umwe mu bari ngaho hafi y’iyo ntebe y’inganji ndamubaza ico ivyo bisigura. Nuko aca abinsobanurira gutya:
17 'These four great beasts are four kings who will rise from the earth. Birya bikoko binini cane bine, bisigura ubwami bune buzohaguruka bugatwara isi.
18 But the holy ones of the Most High, our Father, will receive and possess the kingdom forever, forever and ever. Ariko, kw’iherezo, abantu b’Imana Musumbavyose, ni bo bazohabwa ubwami, kandi bazoganza ibihe n’ibihe.
19 Then I wanted the truth about the fourth beast, different from all others—most terrifying, iron teeth, bronze claws—devouring, crushing, and trampling what remained underfoot. Hanyuma nca nipfuza kumenya ivyerekeye igikoko ca kane, kuko cari gitandukanye rwose n’ibindi kandi giteye ubwoba cane kubera ayo menyo yaco y’ivyuma hamwe n’inzara z’imwakaka. Ico gikoko ivyo cishe, caca kibijanjagura, kikarya ivyo cishe ibisigaye kikabisiribanga n’amaguru yaco.
20 I also wanted to know about the ten horns on its head, and the other horn that came up before which three fell—the horn with eyes and a boastful mouth, appearing bigger than the rest. Kandi ndasubira ndondera kumenya ivyerekeye amahembe cumi ari ku mutwe waco n’ivyerekeye ka gahembe kandi gatoya kameze mu nyuma kandi kagatuma atatu aca akoroka. Ako gahembe wamenga kabaye agahambaye kuruta ayo yandi kandi kakaba gafise amaso nk’umuntu n’umunwa uvuga amajambo y’ubwibone.
21 As I watched, this horn was waging war against the holy ones and was defeating them, Nkiriko ndaraba, mbona ako gahembe kagwanya abera b’Imana kandi kakabanesha,
22 until the Ancient of Days, our Father, came, judgment was given for the holy ones of the Most High, our Father, and the holy ones' time came to possess the kingdom.' kugeza igihe wa mukurambere yaza, aca acira urubanza rwiza abatoranijwe b’Imana Musumbavyose, kuko igihe c’uko bahabwa ubwami cari kigeze.
23 He said: 'The fourth beast is a fourth kingdom on earth, unlike all other kingdoms. It will devour, trample, and crush the whole earth. Maze, aca aransobanurira ati: Kirya gikoko ca kane, ni ubwami bwa kane buzohaguruka kuganza isi. Buzoba butandukanye n’ubundi bwami bwabwitangiye imbere kandi buzotabagura isi yose, buyisiribange kandi buyijanjagure.
24 The ten horns: ten kings will arise from this kingdom. After them another arises, different from the first, and subdues three kings. Amahembe yaco cumi, ni abami cumi bazotegeka ubwo bwami. Hanyuma uwundi mwami atandukanye n’abo cumi azokwima kandi azokuraho abami batatu.
25 He will speak words against the Most High, our Father, oppress the holy ones of the Most High, our Father, and try to change the set times and the law. The holy ones will be handed to him for a time, times, and half a time. Uwo mwami azovuga ibintu bibi ku Mana Musumbavyose, kandi azogirira nabi cane abera b’Imana, agerageze guhindura amabwirizwa y’Imana n’imisi mikuru yashinzwe. Abera b’Imana bazoshirwa mu maboko yiwe ikiringo kingana n’igihe, n’ibihe bibiri, hamwe n’igice c’igihe.
26 But the court will sit in judgment, and his dominion will be taken away, consumed and destroyed forever. Ariko, mu nyuma ubucamanza buzomucira urubanza, n’ubushobozi bwose abwakwe, hanyuma arandurwe ibihe vyose.
27 Kingdom, dominion, and greatness of all kingdoms under heaven will be given to the people, the holy ones of the Most High, our Father. His kingdom is a kingdom without end; all rulers will serve and obey him.' Ni ho ukuganza, ubushobozi, no gushirwa hejuru kwose kw’ubwami buri musi y’izuba buzohabwa abera b’Iyisumbavyose. Ubwami bwiwe buzokwamaho ibihe bidashira, kandi abatware bose bazomutazira bamwumvire.
28 This ends the matter. I, Daniel—my thoughts terrified me, my face turned pale, but I kept it to myself. Aho ni ho ukwerekwa kwagarukiye. Jewe, Daniyeli, nagize ubwoba bwinshi kubera ivyiyumviro vyinshi bivuye ku vyo neretswe, mu maso hanje hariraburanirwa, ariko ndabigumiza mu mutima wanje.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]