Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In King Belshazzar's third year, a vision appeared to me, Daniel, after the earlier one. Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli nongeye kwerekwa ibindi, bikurikira ivyo nari mperutse kubona.
2 In the vision I was in the citadel of Susa, in Elam province; and in the vision I was beside the Ulai Canal. Muri ukwo kwerekwa, nabona ndi i Suza, igisagara gikomeye c’i Babiloni co mu ntara yitwa Elamu; muri ukwo kwerekwa mbona mpagaze impande y’Uruzi rwitwa Ulayi.
3 I looked up: a ram stood before the canal, two tall horns—one taller than the other, the taller coming up last. Ngize gutya, mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze i ruhande y’urwo ruzi, kandi ayo mahembe yari maremare. Ihembe rimwe ryari rirerire gusumba irindi, ariko mu nyuma na ryo n’irindi naryo rirakura.
4 I watched the ram charging west, north, and south. No animal could stand against him, none could rescue from his power. He did as he pleased and grew great. Iyo mpfizi y’intama igenda iraseka itumbereye mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko. Nta gikoko na kimwe cari gikomeye ku buryo coshoboye kuyihangara, kandi nta kintu na kimwe cashobora kunanira ubushobozi bwayo. Yakora uko ishaka, mbere igera aho iba agahambaye cane.
5 As I was considering this, suddenly a male goat came from the west across the whole earth without touching the ground; it had a prominent horn between its eyes. Nkiriko ndavyiyumvirako, ubwo nyene nca mbona impfizi y’impene ifise ihembe rimwe hagati y’amaso, ije ivuye mu burengero, mbona igendagenda kw’isi yose kandi ikanyaruka ku buryo wamenga amaguru ntiyakora no hasi.
6 He came to the two-horned ram I saw standing by the canal and ran at it in raging power. Igenda itumbereye ya mpfizi y’intama nari nabonye ihagaze i ruhande y’uruzi, yiruka iyitumbereye ifise uburake bwinshi.
7 I saw him reach the ram, enraged, striking and shattering its two horns. The ram had no strength to stand against him; the goat threw it down and trampled it, and no one could rescue the ram from his power. Mbona iyigwanya n’ishavu ryinshi, iseka iyo ntama ivuna ya mahembe yompi. Iyo mpfizi y’intama nta bushobozi yari igifise bwo kugwana n’iyo mpfizi y’impene, iyikubita hasi irayisiribanga. Nta muntu n’umwe yari gushobora gutabara iyo mpfizi y’intama ngo ayikure mu maboko y’iyo mpfizi y’impene.
8 The goat grew very great, but at its full strength the great horn broke, and four prominent horns grew up in its place toward the four winds of heaven. Iyo mpfizi y’impene ica iba agahambaye. Ariko igeze aho ikomera cane, rya hembe ryayo rirerire riravunika. Mu kibanza c’iryo hembe rirerire, hamera ayandi mahembe ane atumbereye impande zine z’isi.
9 From one of them a little horn came out, growing very great toward the south, east, and the glorious land. Maze, mu kibanza c’ihembe rimwe muri ayo, hamera ihembe ritoya ariko rica rirakomera rigira ububasha bwinshi butumbereye mu bumanuko, mu buseruko no mu gihugu ciza Isirayeli.
10 It grew great, up to the host of heaven, casting down to earth some of the host and of the stars, and trampled them. Ako gahembe karakomera gashikira amajuru, kugeza aho kagwanya ingabo zo kw’ijuru, kandi zimwe muri zo kazikubita hasi, karazisiribanga.
11 It made itself great against the Prince of the host; the Prince's regular offering was removed and his sanctuary's place thrown down. Mbere kagwanya umukuru w’ingabo zo mw’ijuru mu kubuza abantu kumuha ibimazi no mu gusambura urusengero rwiwe.
12 Because of wrongdoing, the army was handed over to it with the daily offering; it threw truth to the ground and acted and thrived. Ingabo zo mw’ijuru zirabujijwe kuja kugwanya ubwo bugarariji. Maze, ikimazi gitangwa imisi yose nticaba kigitangwa, ukuri nakwo kurahonyangwa. Ako gahembe kagira intsinzi mu vyo kakora vyose.
13 Then I heard a holy one speaking, and another holy one asked the speaker, "How long is the vision—the regular offering, the wrongdoing that brings desolation, sanctuary and host handed over to trampling?" Hanyuma numva abera babiri bo mw’ijuru bavugana, umwe abaza mugenziwe ati: “Mbega ivyo vyerekanywe bizofata igihe kingana iki? Ivyerekanywe vyerekeye umugararizo utuma ikimazi cama gitangwa ku musi ku musi, gihagarikwa hamwe no guhumanya urusengero? Urusengero n’abantu b’Imana bizoba musi y’ububasha bw’ako gahembe kugeza ryari no gusiribangirwa musi y’ibirenge vyako?”
14 He told me, "For 2,300 evenings and mornings; then the sanctuary will be restored to its rightful state." Uwundi aramwishura ati: “Kugira ngo urusengero ruhumanurwe kandi rwongere gukora, hazoca amajoro n’ibitondo ibihumbi bibiri n’amajana atatu.”
15 As I, Daniel, watched the vision seeking to understand, one like a man stood before me. Igihe nariko nderekwa ngerageza gutahura ivyo mbonye ivyo ari vyo, nabonye uwusa n’umuntu aje ahagaze imbere yanje.
16 I heard a human voice from the Ulai calling, "Gabriel, make this man understand the vision." Kandi ngaho impande y’uruzi Ulayi, hava ijwi rimeze nk’iry’umuntu rivuga riti: “Gaburiyeli, bwira uwo mugabo insobanuro y’ivyo yeretswe.”
17 He came near where I stood, and as he drew close I was terrified and fell facedown. He said to me, "Understand, son of man: the vision is for the time of the end." Maze Gaburiyeli yegereye aho nari mpagaze, ngira ubwoba bwinshi nca nikubita hasi nubamye. Aca arambwira ati: “Mwana w’umuntu, tahura ko ivyo weretswe vyerekeye igihe c’iherezo.”
18 As he spoke, I fell into a deep sleep, face to the ground; but he touched me and set me on my feet. Akiriko aravuga, nca ncika intege, ngwa hasi nubamye. Ariko Gaburiyeli ankorako, aramvyura arampagarika.
19 He said, "Listen, I will tell you what will happen in the later time of the wrath, for it concerns the appointed time of the end. Hanyuma aca ambwira ati: “Ngiye kukubwira ibizoba hanyuma mu gihe Imana izokwerekana uburake bwayo, kuko ivyo weretswe vyerekeye igihe cashinzwe c’iherezo.
20 The ram you saw with the two horns is the kings of Media and Persia. Amahembe abiri y’intama asobanura abami b’Abamedi n’Abaperesi.
21 The shaggy goat is Greece's king; the great horn between his eyes is the first king. Impfizi y’impene na yo, isobanura ubwami bw’Abagiriki, ihembe rirerire ryayo riri hagati y’amaso risigura umwami wa mbere w’ubwo bwami bw’Abagiriki.
22 The broken horn, four rising in its place: four kingdoms rise from his nation, but without his power. Amahembe ane yasubiriye rimwe ryavunika, yerekana ko ubwo bwami bw’Abagiriki buzogabanganywa, havemwo ubwami bune, ariko ntibuzoba bukomeye nka bumwe bwa mbere.
23 At the end of their reign, when sinners reach full measure, a fierce-faced king skilled in intrigue will arise. Ubwo bwami bugiye kurangira, igihe ibicumuro vyabwo bizoba vyuzuye, hari uwundi mwami azokwima, azoba ari inkozi y’ikibi kandi ari indyarya.
24 His power will be great—but not his own—and he will cause terrible destruction, prosper, and act. He will destroy the mighty and the people of the holy ones. Azokomera cane, ariko bitavuye ku bushobozi bwiwe. Azokwica ibintu vyinshi kandi ivyo agomba gukora vyose azobishikako. Azotikiza abarongozi bakomeye kandi yice abera b’Imana.
25 By cunning he makes deceit thrive under his hand, and in his heart he lifts himself up. Without warning he destroys many, and rises against the Prince of princes—yet he will be broken, by no human hand. Ibinyoma vyiwe bizotuma ashishikara kuja imbere, bitume yishira hejuru; kandi azokwica abantu benshi giturumbuka yongere agwanye Umwami w’abami, mu nyuma azovunagurwa, ariko bitavuye ku nkomezi z’umuntu.
26 The vision of the evenings and mornings told to you is true, but seal it up, for it concerns days far off." Ivyo weretswe vyerekeye amajoro n’ibitondo ni ukuri. Ariko ubigire ibanga kuko bizoba haciye igihe kirekire.”
27 I, Daniel, was overcome and sick for days. Then I got up and did the king's business, but the vision left me appalled, beyond understanding. Hanyuma, jewe Daniyeli nca numva ncitse intege. Ndakumbagara, mara imisi myinshi ngwaye. Maze mu nyuma ndavyuka, nkora ibikorwa nari njejwe gukorera umwami. Ariko nari mbabajwe cane n’ivyo neretswe kuko ntashobora kwumva neza ivyo ari vyo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]