Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 While Peter and John were speaking to the people, the priests, the temple captain, and the Sadducees came up to them, Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baja aho Petero na Yohana bariko barigishiziza.
2 greatly annoyed because they were teaching the people and proclaiming the resurrection from the dead in Jesus. Bari bashavujwe cane n’uko izo ntumwa zariko zigisha abantu, zibabwira ivyo kuzuka kw’abapfuye kubonerwa muri Yesu Kristo.
3 They arrested them and put them in custody until the next day, since it was already evening. Baca bafata Petero na Yohana, kandi kubera bwari bwije, babashira mw’ibohero gushika bukeye.
4 But many who heard the message believed, and the men's number reached about 5,000. Ariko benshi mu bumvise ubutumwa bavuze bari bizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.
5 The next day their rulers, elders, and teachers of the law gathered together in Jerusalem, Bukeye, abatware, abakuru n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu.
6 with Annas the high priest, Caiaphas, John, Alexander, and all who were of the high-priestly family. Anasi umuherezi mukuru ni ho yari ari, ari kumwe na Kayafa, na Yohana, na Alegizandere hamwe n’abandi benshi bo mu muryango w’abaherezi bakuru.
7 They stood them in the middle and asked, "By what power or by what name did you do this?" Nuko barengutsa Petero na Yohana, babashira hagati, baca batangura kubabazagiza bati: “Ni ubushobozi nyabaki mwakoresheje, canke ni mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”
8 Then Peter, filled with the Holy Spirit, said to them, "Rulers of the people and elders, Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aca ababwira ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko,
9 if we're questioned today about a good deed to a sick man, how he was healed. uwu musi turiko turasambishwa kubera igikorwa ciza cakorewe ikimuga, tubazwa n’ingene cakize.
10 Know this, all of you and all Israel's people: by the name of Jesus Christ of Nazareth, whom you crucified, whom our Father raised from the dead—by him this man stands before you well. Nuko rero mwese nimumenye neza ibi, mwebwe ubwanyu hamwe n’ubwoko bwose bw’Abisirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.
11 This Jesus is "the stone you builders rejected, which has become the cornerstone." Ni we ‘buye ryatawe n’abubatsi, ariko ryahindutse irigumya imfuruka.’
12 Salvation is in no one else; no other name under heaven is given among people by which we must be saved." Nta wundi agakiza karonkerwamwo, atari we, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”
13 Seeing Peter and John's boldness, and realizing they were uneducated, ordinary men, they were amazed and recognized they had been with Jesus. Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.
14 Seeing the healed man standing with them, they had nothing to say against it. Kandi kubera babona uwo muntu yakize ahagararanye na bo, nta co bari bafise bashobora gusubizayo.
15 So they ordered them to leave the council, and then they conferred among themselves, Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo.
16 saying, "What should we do with these men? A notable sign has happened through them, plain to all who live in Jerusalem, and we cannot deny it. Barabazanya bati: “Mbega aba bantu tubagire dute? Abantu bose baba i Yerusalemu barazi ko bakoze igitangaza kigaragara neza, kandi natwe ntidushobora kubihakana.
17 But to stop this from spreading further among the people, let's warn them to speak to no one in this name again." Ariko kugira tubuze ibi bintu kubandanya vyamamara mu bantu, reka tubabuze kubandanya bigisha muri iryo zina rya Yesu.”
18 They called them and ordered them not to speak or teach at all in Jesus' name. Nuko barabahamagara, babihanikiriza ngo ntibaze bahirahire ngo bongere kuvuga canke kwigisha mw’izina rya Yesu.
19 Peter and John answered them, "You judge whether it's right before our Father to listen to you rather than to him. Maze Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye mu nyonga z’Imana, ari kwubaha mwebwe canke ari kwubaha iyo Mana? Gira ico mubitubwiyeko!
20 For we cannot help speaking about what we have seen and heard." Kuko twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”
21 After more threats, they released them, finding no way to punish them because of the people, since all were glorifying our Father for what happened. Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha, bamaze kubura ingene bobahana; kubera abari ngaho bose bariko bashima Imana ku vyabaye.
22 For the man who had received this sign of healing was over forty years old. Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.
23 Once released, they went to their own people and reported all the chief priests and elders had said to them. Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abaherezi bakurubakuru n’abakuru bababwiye.
24 Hearing this, they raised their voices together to our Father and said, "Sovereign Father, you made heaven, earth, sea, and everything in them. Bavyumvise, bose baca bashira amajwi yabo hejuru, basenga Imana, bavuga bati: “Mwami Imana uganje vyose, ni wewe waremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.
25 You spoke by the Holy Spirit through the mouth of our father David, your servant: "Why did the nations rage and the peoples plot in vain?" Ni wewe wavuze biciye kuri Mpwemu Yera, no mu kanwa k’umusavyi wawe, sogokuruza Dawidi, uti: ‘Ni kuki amahanga yuzuye uburake, kandi ni kuki bategura imigambi ata co ishobora gushikako?
26 The kings of the earth took their stand, and the rulers gathered together against our Father and against his Anointed." Abami bo mw’isi bakuye hasi, n’abatware bagiye hamwe ngo bagwanye Uhoraho n’uwo yarobanuje amavuta.’
27 For truly, in this city, Herod and Pontius Pilate gathered with the Gentiles and peoples of Israel against your holy servant Jesus, whom you anointed, Ni mu vy’ukuri ivyo vyarabaye, Herode Antipa, Pontiyo Pilato, Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bw’Abisirayeli bo muri iki gisagara, barifatanije kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.
28 to do whatever your hand and your plan had decided beforehand should happen. Ariko bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.
29 Now, Father, see their threats, and let your servants speak your word with all boldness, None rero Mwami Imana, nurabe ingene badutera ubwoba, maze ushoboze abasavyi bawe kwigisha ijambo ryawe bashize amanga rwose.
30 as you reach out your hand to heal, and signs and wonders occur through the name of your holy servant Jesus. Gorora ukuboko kwawe maze ukize ingwara, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”
31 After they prayed, the place they were gathered in shook; all were filled with the Holy Spirit and spoke the word of our Father boldly. Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga rwose.
32 All the believers were one in heart and soul; no one called any possession their own, but held everything in common. Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose.
33 With great power the apostles testified to the Lord Jesus's resurrection, and great grace rested on them all. Intumwa zabandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose.
34 No one among them was needy: all who owned land or houses sold them and brought the price of what was sold, Nta n’umwe yagira ico akeheje muri bo, kuko abari bafise amatongo canke amazu, babigurisha bakazana amahera vyaguzwe,
35 and laid it at the apostles' feet, and it was distributed to each according to their need. bakayashikiriza intumwa, maze na zo zikayabagabanganya, umwumwe wese akaronka ayakwiranye n’ivyo akenye.
36 Joseph, a Levite from Cyprus, whom the apostles called Barnabas (which means Son of Encouragement), Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zise Baranaba (risobanura ngo Umuntu atera intege),
37 sold a field he owned, brought the money, and laid it at the apostles' feet. yagurishije itongo ryiwe aca azana amahera yose yarigurishije, ayashikiriza intumwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]