Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Peter and John were going up to the temple at around three in the afternoon, the hour of prayer. Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda.
2 A man lame from birth was carried and placed daily at the temple gate called Beautiful, to beg from those entering the temple. Hariho umuntu yavutse amugaye, bakama imisi yose bamujana bakamushira kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.
3 Seeing Peter and John about to go into the temple, he asked them for money. Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega.
4 And Peter, gazing at him with John, said, "Look at us." Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: “Nuturabe!”
5 And he fixed his attention on them, expecting to receive something from them. Uwo muntu aca abahanga amaso cane yiteze ko hari ico bagira bamuhe.
6 Peter said, "I own no silver or gold, but I give you what I have: in the name of Jesus Christ of Nazareth, rise and walk." Ariko Petero aca amubwira ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguhaye. Mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, va hasi utambuke!”
7 Taking his right hand, he raised him up; instantly his feet and ankles grew strong. Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera.
8 Jumping up, he stood, began walking, and entered the temple with them, walking, jumping, and praising our Father. Nuko aca atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka neza, yiterera hejuru, ahimbaza Imana.
9 And all the people saw him walking and praising our Father. Abantu bose bamubonye agendagenda ashima Imana,
10 They recognized him as the beggar who sat at the temple's Beautiful Gate, and were filled with wonder and amazement at what had happened to him. bamenya ko ari umwe yahora yama yicara kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza asegerereza. Barumirwa cane, batangajwe n’ibihejeje kumubako.
11 As he held on to Peter and John, all the people ran to them at the portico called Solomon's, utterly astonished. Kubera ko wa muntu yaguma afashe Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane.
12 Seeing this, Peter said to the people, "Israelites, why does this amaze you? Why stare at us, as if by our own power or godliness we made him walk? Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka?
13 The God of Abraham, Isaac, and Jacob, the God of our fathers, glorified his servant Jesus, whom you handed over and denied before Pilate, when Pilate decided to release him. Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ihesheje icubahiro umusavyi wayo Yesu, uwo mwanse, mukamushikiriza Pilato ngo yicwe, naho we yari yahisemwo kumurekura.
14 But you denied the Holy and Righteous One, asking that a murderer be given to you. Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.
15 You killed the Author of life; our Father raised him from the dead. To this we are witnesses. Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, twebwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe.
16 His name, through faith in his name, has made this man strong—the very man you see and know. And faith in Jesus has given him this complete health right before your eyes. Ni kubwo kwizera izina rya Yesu, uwu muntu mubona kandi muzi yakize. Ni kubwo kwizera Yesu n’izina ryiwe vyamukijije neza nk’uko namwe mwese muvyibonera.
17 "And now, brothers, I know that you acted in ignorance, as did also your rulers. None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.
18 But our Father fulfilled what he predicted through all the prophets: his Christ would suffer. Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.
19 Repent, then, and turn back, so your sins are wiped out, Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana,
20 that times of refreshing may come from our Father's presence, and that he may send the Christ appointed for you, Jesus, maze yongere ibarungikire uwo yabasezeraniye ngo ababere Kristo, ari we Yesu.
21 whom heaven must receive until all things are restored, about which our Father spoke through his holy prophets long ago. Uwo akwiye kuguma mw’ijuru kugeza igihe Imana izohindurira ibintu vyose bikaba bisha, nk’uko yabivuze kera ikoresheje abavugishwa bayo bera.
22 Moses said, 'Your Father will raise up a prophet like me for you, from your brothers. Listen to him in everything he tells you.' Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza uwuvugishwa n’Imana ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose.
23 Anyone who does not listen to that prophet will be utterly destroyed from among the people.' Uwutazomwumvira aze arandurwe mu bwoko bwiwe.’
24 All the prophets who spoke, from Samuel onward, also announced these days. Kandi, n’abandi bavugishwa n’Imana bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi.
25 You are the sons of the prophets and of the covenant our Father made with your fathers, telling Abraham, 'By your offspring all the families of the earth will be blessed.' Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa b’Imana, n’abana b’isezerano iyo Mana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’
26 Our Father raised up his servant and sent him to you first, to bless you by turning each of you from your evil." Imana yazura umusavyi wayo, maze ica ibanza kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]