Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When the day of Pentecost arrived, they were all together in one place. Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe.
2 Suddenly a sound like a violent, rushing wind came from heaven and filled the entire house where they sat. Ubwo nyene haza igihinda kivuye mw’ijuru kimeze nk’umuyaga mwinshi w’igihuhusi, cuzura mu nzu barimwo.
3 What looked like divided tongues of fire appeared and rested on each one of them. Baca babona ibimeze nk’imbeya z’umuriro zitandukanije, zigenda zija kuri umwumwe wese mu bari ngaho bose.
4 All were filled with the Holy Spirit and began speaking in other tongues, as the Spirit gave them words to say. Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.
5 At that time devout Jews from every nation under heaven were living in Jerusalem. Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari ngaho bavuye mu mahanga atandukanye ari kw’isi.
6 When this sound rang out, a crowd gathered, confused, since each one heard them speak in his own language. Bumvise ukwo guhinda, bose baca birukira aho hantu, baratangara cane kuko umwe wese yumva abizera bavuga ururimi rwiwe.
7 They were amazed and astonished, saying, "Are not all these who are speaking Galileans? Mu gutangara bakabazanya bati: “Aba bantu bose bariko baravuga si Abanyagalilaya?
8 How is it, then, that each of us hears them in our own native language? None bigenda gute ngo umwumwe wese muri twebwe abumve bavuga ururimi kavukire rw’iwe?
9 Parthians, Medes, and Elamites; those who live in Mesopotamia, Judea and Cappadocia, Pontus and Asia, Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mezopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya,
10 Phrygia, Pamphylia, Egypt, the parts of Libya near Cyrene; visitors from Rome, Jews and converts to Judaism; i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye i Kurene, n’abavuye i Roma
11 Cretans and Arabs—we hear them telling in our own tongues the mighty works of our Father!" (bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakireti, n’Abarabu. Kandi twese tubumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.”
12 They were all amazed and perplexed, saying to one another, "What does this mean?" Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”
13 But others mocked and said, "They are full of sweet wine." Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.”
14 But Peter stood with the eleven, raised his voice, and declared to them: "Men of Judea, everyone living in Jerusalem—know this and listen carefully to my words. Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari ngaho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye.
15 These people are not drunk, as you suppose, for it is only nine o'clock in the morning. Aba bantu ntibaborewe nk’uko bamwe muvyiyumvira. Raba haracari isaha zitatu z’igitondo.
16 No, this is what was spoken through the prophet Joel: Ibi ni ivyari vyaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli, aho yavuga ati:
17 'And in the last days, says our Father, I will pour out my Spirit on all people; your sons and your daughters will prophesy, your young men will see visions, and your old men will dream dreams. ‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.
18 Even on my male servants and my female servants in those days I will pour out my Spirit, and they will prophesy. N’abasavyi banje, abagabo n’abagore, muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje kandi bazovugishwa nanje.
19 I will show wonders in the heavens above and signs on the earth below—blood and fire and billows of smoke. Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru n’ibimenyetso hasi kw’isi: amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi.
20 The sun will be turned to darkness and the moon to blood, before the great and glorious day of the Lord comes. Izuba rizohinduka umwijima, ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza.
21 And everyone who calls on the name of the Lord will be saved.'" Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’
22 "Men of Israel, hear these words: Jesus of Nazareth—a man our Father attested to you through miracles, wonders, and signs our Father did through him among you, as you yourselves know. Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.
23 This man, handed over by our Father's set plan and foreknowledge, you crucified and killed by the hands of lawless men. Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.
24 But our Father raised him, freeing him from death's agony, since death could not hold him. Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.
25 For David says of him: 'I saw our Father always before me, for he's at my right hand, so I won't be shaken.' Dawidi yaramuvuzeko ati: ‘Namye nshize amaso yanje k’Uhoraho. Aho ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.
26 Therefore my heart was glad and my tongue rejoiced; moreover, my body also will rest in hope. Ni co gituma umutima wanje unezerewe, ururimi rwanje rugahimbarwa, n’umubiri wanje ukaruhukana ivyizigiro,
27 For you will not abandon my soul to the grave, nor let your Holy One see decay. kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.
28 You have shown me the paths of life; you will fill me with gladness in your presence." Wamenyesheje inzira y’ubugingo, uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe.’
29 "Brothers, I can tell you plainly: our ancestor David died, was buried, and his tomb remains with us to this day. Bene Data, ndashobora kubabwira ntakekeranya ko sogokuruza wacu Dawidi yapfuye agahambwa, kandi n’imva yiwe iracari hano gushika n’uwu musi.
30 Since he was a prophet, he knew our Father had sworn an oath to seat one of his descendants on his throne, Yari umuvugishwa n’Imana kandi yari azi ko Imana yari yaramusezeraniye ishizeko n’indahiro ko izokwimika ku ngoma yiwe umwe mu ruvyaro rwiwe.
31 he foresaw and spoke of the Christ's resurrection, that he was not abandoned to the grave, nor his body saw decay. Yeretswe ibizoba muri kazoza, avuga ivy’ukuzuka kwa Kristo, ko atazorekerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kandi ko n’umubiri wiwe utazobora.
32 This Jesus our Father raised up, and we are all witnesses of it. Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe.
33 So, lifted up to our Father's right hand, having received the promised Holy Spirit from the Father, he poured out what you now see and hear. None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, amusuka kuri twebwe. Nk’uko muriko murabibona kandi muvyumva.
34 For David never went up into heaven, but he himself says: "Our Father said to my Lord, 'Sit at my right hand, Dawidi ntiyaduze mw’ijuru, ariko ni we yavuze ati: ‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje
35 until I make your enemies a footstool for your feet.'" kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’
36 "So let the whole house of Israel know for certain: our Father made this Jesus, whom you crucified, both Lord and Christ." Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”
37 Cut to the heart at this, they asked Peter and the other apostles, "Brothers, what should we do?" Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”
38 Peter said to them, "Repent, and each of you be baptized in the name of Jesus Christ for the forgiveness of your sins, and you will receive the gift of the Holy Spirit. Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
39 For the promise is for you, your children, and all far off—as many as the Sovereign our Father will call to himself." Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”
40 And with many other words he warned and urged them, saying, "Save yourselves from this corrupt generation." Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.”
41 So those who welcomed his message were baptized, and about 3,000 people were added that day. Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.
42 They devoted themselves to the apostles' teaching and deep communion, to the breaking of bread and the prayers. Maze abizera bose bashishikara gushira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.
43 Awe came over everyone, and many wonders and signs were done through the apostles. Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.
44 All who believed were together and had all things in common. Abizera bose baba hamwe kandi bagasangira ivyabo vyose.
45 They sold their property and possessions and distributed the proceeds to all, as anyone needed. Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bakurikije ubukene bw’umwumwe wese.
46 Every day, devoting themselves together in the temple, breaking bread house to house, they shared food with joyful, sincere hearts, Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.
47 praising our Father, with favor among all the people. The Lord added to their number daily those being saved. Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bagashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]