Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In my first book, Theophilus, I wrote about everything Jesus began to do and teach, Yewe Teyofilo, mu gitabu ca mbere nanditse, navuze ivyo Yesu yakoze n’ivyo yigishije vyose kuva mu ntango y’igikorwa ciwe,
2 until the day he was taken up, having given commands through the Holy Spirit to the apostles he had chosen. gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje kwongera kubwira intumwa yari yaratoranije ibizokurikira, ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera.
3 After his suffering, he showed himself alive to them through many proofs, appearing to them forty days, speaking of our Father's kingdom. Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aja ariyereka izo ntumwa, azereka ibemenyetso bigaragaza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.
4 While staying with them, he ordered them not to leave Jerusalem but to wait for my Father's promise—"which," he said, "you heard from me; Umusi umwe, ariko asangira na bo, yababwiye ashimitse ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira.
5 for John baptized with water, but within a few days you will be baptized with the Holy Spirit." Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”
6 So, gathered together, they asked, "Lord, will you restore the kingdom to Israel now?" Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: “Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ya ngoma ya Isirayeli?”
7 He said to them, "You're not to know times or seasons that my Father has set by his own authority. Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke imisi Data yashinze; ivyo biri mu bubasha bwiwe wenyene.
8 But when the Holy Spirit falls on you, you'll gain power to be my witnesses—in Jerusalem, all Judea, Samaria, and earth's farthest reaches." Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”
9 After he said these things, as they watched, he was lifted up, and a cloud took him from their sight. Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.
10 As they stared into heaven while he went, suddenly two men in white clothes stood beside them. Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo.
11 They said, "Galileans, why stare at the sky? This Jesus, taken from you into heaven, will return exactly as you saw him go." Barababaza bati: “Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda.”
12 Then they returned to Jerusalem from the Mount called Olivet, near Jerusalem, about a half-mile away. Nuko baca bava kuri uwo Musozi wa Elayono, basubira i Yerusalemu, ni nk’urugendo rwemewe ku musi w’Isabato.
13 Entering, they went up to the upstairs room where they stayed: Peter, John, James, Andrew, Philip, Thomas, Bartholomew, Matthew, James son of Alphaeus, Simon the Zealot, and Judas son of James. Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi, na bo ni aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.
14 All these persisted together in prayer, with the women, Mary the mother of Jesus, and his brothers. Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.
15 In those days Peter stood up among the brothers (about 120 in all) and said, Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abo bene Data (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),
16 "Brothers, the Scripture the Holy Spirit spoke beforehand through the mouth of David about Judas—who became guide to those who arrested Jesus—had to be fulfilled. arababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi.
17 For he was numbered among us and was allotted his share in this ministry." Yuda yari umwe muri twebwe, kandi twari dusangiye igikorwa.”
18 (This man bought a field with the pay for his wrongdoing, then fell headfirst, burst open in the middle, and all his insides spilled out. (Ingero Yuda yahawe kubera ikibi yakoze yaguzwemwo itongo kandi ni ryo yaguyemwo, akoroka atanguje umutwe, inda yiwe irasaba, amara arasanzara.
19 This became known to everyone living in Jerusalem, so the field was named in their language Akeldama, that is, Field of Blood.). Ababa i Yerusalemu bose baramenye iyo nkuru, baca bita iryo tongo Akelodama, bisobanurwa ngo: Itongo ry’amaraso.)
20 "For it's written in the Book of Psalms: 'Let his camp become empty, with no one living there,' and 'Let another take his position.' Petero avuga ati: “Mu gitabu ca Zaburi handitswe ngo: ‘I muhira iwe haze habe umusaka, ntihagire n’umwe azohaba.’ Kandi ngo: ‘Aze asubirizwe mu mabanga yiwe y’uburongozi.’
21 So one of the men who accompanied us all along, while the Lord Jesus went in and out among us, Ni co gituma dukwiye gutora umwe mu bo twabanye mu gihe cose Umwami Yesu yagendanye natwe,
22 from John's baptism until the day he was taken up from us—one of these must become with us a witness to his resurrection." uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”
23 And they put forward two—Joseph called Barsabbas, who was also called Justus, and Matthias. Nuko baca batanga amazina y’abantu babiri ngo batoremwo umwe. Umwe yari Yosefu bita Barusaba (akongera akitwa Yusito), uwundi yari Matiyasi.
24 They prayed and said, "You, Lord Jesus, who know all hearts, show which one of these two you chose, Nuko barasenga, bavuga bati: “Ewe Mwami Imana, ni wewe uzi imitima y’aba bantu bose. None rero niwerekane uwo utoranije muri aba babiri,
25 to take the place in this ministry and apostleship that Judas left to go to his own place. kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.”
26 They cast lots for them; the lot fell to Matthias, and he was counted with the eleven apostles." Nuko bagira ubupfindo, Matiyasi aba ari we atorwa, aca yongerwa kuri bamwe cumi n’umwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]