Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now a man named Ananias, together with his wife Sapphira, sold a piece of property. Ariko hariho umugabo yitwa Ananiya, yari afise umugore yitwa Safira. Bagurisha itongo ryabo babigiye inama.
2 He kept back part of the proceeds for himself, with his wife aware, and brought only a portion, laying it at the apostles' feet. Aca yumvikana n’uwo mugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, igice kindi aba ari co bajana bagishira imbere y’ibirenge vy’intumwa.
3 But Peter said, "Ananias, why has Satan filled your heart to lie to the Holy Spirit and keep back part of the land's price? Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni gute wemeye ko Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?
4 Wasn't it yours while unsold? After selling, wasn't the money yours to control? Why did you plan this in your heart? You didn't lie to people, but to our Father." Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire gukora ikintu nk’ico? Erega si twebwe wabeshe, ahubwo wabeshe Imana!”
5 Hearing these words, Ananias fell down and died; great fear seized all who heard. Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.
6 Then the young men rose, wrapped up his body, carried him out, and buried him. Maze abasore bari ngaho baca bava hasi, batekera ikiziga ciwe bakijana kugihamba.
7 About three hours later his wife came in, not knowing what had happened. Haciye nk’amasaha atatu umugore wiwe aca arashika, atazi ivyabaye.
8 Peter asked her, "Tell me, did you sell the land for this much?" She said, "Yes, for that much." Petero aramubaza ati: “Mbwira! Aya ni amahera yose mwe na Ananiya mwakuye mw’itongo mwagurishije?” Safira amwishura ati: “Egome, ni ayo.”
9 Then Peter said to her, "Why did you conspire to test the Spirit of our Father? Look, the feet of those who buried your husband are at the door, and they'll carry you out too." Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi nawe barakujana.”
10 At once she fell at his feet and died. The young men came in, found her dead, carried her out, and buried her beside her husband. Ubwo nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vya Petero, aracikana. Ba bantu baca barinjira, basanga na we arapfuye, baramufata baja kumuhamba, bamuryamika i ruhande y’umugabo wiwe.
11 And great fear came upon the whole church and upon all who heard of these things. Ishengero ryose n’abumvise ivyabaye bose baca bafatwa n’ubwoba bwinshi.
12 Many signs and wonders happened among the people through the apostles' hands. They all gathered together in Solomon's Portico. Inyuma y’ivyo, intumwa zibandanya zikora ibitangaza n’utwumiza mu bantu, kandi abizera bose bama bahurira hamwe mw’ibaraza rya Salomo, bahuje umutima n’inama.
13 None of the rest dared to join them, but the people held them in high honor. Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.
14 Even more believers were added to the Lord—crowds of men and women, Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana.
15 so they even carried the sick into the streets and put them on cots and mats, hoping that at least Peter's shadow might fall on some of them as he passed. Vyatuma kandi abantu benshi bama bazana abagwaye bakabaryamika mu nderuzo no ku birago i ruhande y’inzira, kugira ngo Petero arenganye igitutu ciwe gipfume kibashikira.
16 Crowds also came from towns around Jerusalem, bringing the sick and those tormented by unclean spirits, and all were healed. Abantu isinzi bama bakorana bavuye mu mihana ikikuje Yerusalemu, bazanye abagwaye n’abafashwe n’impwemu mbi, kandi bose barakira.
17 The high priest rose up, and all with him, the Sadducee party, and they were filled with jealousy. Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari ryinshi intumwa.
18 They arrested the apostles and put them in the public prison. Nuko barabafata babashira mw’ibohero.
19 But at night an angel of our Father opened the prison doors, led them out, and said, Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’iryo bohero, arabasohora.
20 "Go, stand in the temple and speak to the people all the words of this Life." Maze arababwira ati: “Nimugende muhagarare mu rusengero, mubwire abantu ubutumwa bwuzuye bw’ivy’ubu bugingo bushasha.”
21 Hearing this, they went into the temple at dawn and began teaching. When the high priest and those with him arrived, they convened the council—the full assembly of elders of Israel—and sent to the jail to have them brought. Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, bahejeje barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.
22 But the guards found no one there when they arrived; they returned and reported, Ariko abo barinzi b’urusengero bashitse kw’ibohero, ntibabasangayo, baca basubira inyuma gutanga inkuru,
23 "We found the prison locked tight, guards standing at the doors, but opening them, found no one inside." bavuga bati: “Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata muntu n’umwe yariyo.”
24 Hearing this, the temple guard captain and chief priests were baffled, wondering where it would lead. Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abaherezi bakurubakuru bavyumvise barazazanirwa cane bibaza ibishobora gukurikira.
25 Someone came and reported, "Look, the men you jailed are standing in the temple teaching the people!" Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: “Ba bagabo mwashira mw’ibohero, bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu.”
26 Then the captain and officers went and brought them, without force, fearing the people would stone them. Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana izo ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.
27 When they had brought them, they set them before the council. And the high priest questioned them, Babashikanye, babashira imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko, maze umuherezi mukuru atangura kubasambisha.
28 saying, "We strictly ordered you not to teach in this name, yet you've filled Jerusalem with your teaching and intend to bring this man's blood on us." Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutongera kwigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”
29 But Peter and the apostles answered, "We must obey our Father rather than men. Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!
30 The God of our fathers raised Jesus, whom you killed by hanging him on a tree. Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu mu bapfuye, uwo mwari mwishe mumubamvye ku musaraba.
31 Our Father exalted him to his own right hand as Ruler and Savior, to give Israel repentance and forgiveness of sins. Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.
32 We are witnesses of these things, and so is the Holy Spirit, whom our Father gave to those who obey him." Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”
33 When they heard this, they were enraged and wanted to kill them. Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.
34 But a Pharisee named Gamaliel, a law teacher honored by all the people, stood up in the council and ordered the men taken outside briefly. Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gatoya izo ntumwa.
35 He told them, "Israelites, think carefully about what you're about to do with these men. Aca abwira abagize inama nkuru y’Abayuda ati: “Bagabo bo muri Isirayeli, mwiyumvire neza ku vyo mugomba kugirira aba bantu.
36 Before this, Theudas appeared, claiming to be somebody; about 400 men followed him. He was killed, his followers all scattered, and it came to nothing. Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baciye basanzara, ntibagira ico bashikako.
37 After him, Judas the Galilean rose up during the census and drew people away after him. He too died, and all who followed him were scattered. Inyuma yaho, Yuda Umunyagalilaya yaje mu misi yo gusansuma abantu, arongoye umugwi w’abantu bagumutse. Na we nyene yarishwe, abamukurikira barasanzara.
38 Now I tell you: stay away from these men and leave them alone. If this plan or work is from men, it will fail. None rero ku bw’aba bantu na bo, ndabahanure: Nimurekure aba bantu bigire! Kuko nimba ivyo bariko barakora vyavuye ku bantu, nta ho bizoshika.
39 But if it's from our Father, you won't be able to overthrow them; you might even find yourselves fighting our Father." So they were persuaded by him. Ariko nimba biva ku Mana, ntimuzoshobora kubagwanya; ahubwo muzosanga muriko mugwanya Imana.”
40 Persuaded by him, they called in the apostles, beat them, ordered them not to speak in the name of Jesus, and released them. Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.
41 So they left the council, rejoicing they'd been counted worthy to be shamed for the name. Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.
42 Every day, in the temple and house to house, they never stopped teaching and proclaiming the good news: the Christ is Jesus. Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]