Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days, as the disciples multiplied, the Greek-speaking Jews grumbled against the Hebrews because their widows were overlooked in the daily distribution of food. Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.
2 So the Twelve called all the disciples together and said, "It's not right for us to neglect our Father's word to serve tables. Bamwe cumi na babiri baca bakoranira hamwe n’abandi bigishwa, bavuga bati: “Si vyiza ko dufata minenegwe igikorwa co kugabura ijambo ry’Imana bitumwe no kugabura ivyokurya.
3 So, brothers, pick seven men among you, well-respected, full of the Holy Spirit and wisdom, whom we'll appoint to this task. Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,
4 But we will devote ourselves to prayer and to the ministry of the word." hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”
5 The whole assembly approved, and chose Stephen—full of faith and the Holy Spirit—along with Philip, Prochorus, Nicanor, Timon, Parmenas, and Nicolaus, a convert from Antioch. Abari ngaho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Setefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.
6 They presented these men to the apostles, who prayed and laid their hands on them. Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.
7 The word of our Father spread, and disciples in Jerusalem multiplied greatly; a great number of priests became obedient to the faith. Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa kiragwira cane i Yerusalemu, kandi n’abaherezi benshi bo mw’idini ry’Abayuda barizera.
8 Now Stephen, full of grace and power, was performing great wonders and signs among the people. Setefano yari umuntu yuzuye ubuntu n’ubushobozi vy’Imana, vyatuma akora ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi imbere y’abantu.
9 Some from the so-called Synagogue of the Freedmen—Cyrenians, Alexandrians, and men from Cilicia and Asia—rose up to argue with Stephen. Maze abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi y’abiyita Abahoze ari abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Setefano.
10 Yet they could not stand up against the wisdom and the Spirit with which he was speaking. Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge yahabwa na Mpwemu Yera iyo ariko aravuga.
11 Then they secretly instructed men to say, "We heard him speak blasphemous words against Moses and God." Ni ko guca baha ingero abantu mu mpisho ngo baje kumudodobereza bamurega bati: “Twumvise Setefano atuka Mose, yongera atuka n’Imana.”
12 They stirred up the people, elders, and scribes; came upon him, seized him, and brought him before the council. Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abakuru b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Setefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.
13 They brought in false witnesses, saying, "This man never stops speaking against this holy place and the law. Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyoma, bavuga bati: “Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’ivyagezwe.
14 For we heard him say this Jesus of Nazareth will destroy this place and change the customs Moses handed down to us." Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”
15 Everyone sitting in the council stared at him and saw his face was like an angel's face. Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]