1Then the high priest asked, "Are these things true?"OKCBNuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”
2Stephen said, "Brothers and fathers, listen: Our Father of glory appeared to our father Abraham in Mesopotamia, before he lived in Haran,OKCBNa we amwishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire. Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.
3and told him, 'Leave your land and relatives, and go to the land I'll show you.'OKCBYamubwiye iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu bwoko bwawe, uje mu gihugu nzokwereka.’
4He left the Babylonians' land and settled in Haran. After his father died, our Father moved him from there into this land you now live in.OKCBNuko Aburahamu ava mu gihugu c’Abakarudaya, aja kuba i Harani. Se wiwe amaze gupfa, Imana imurungika muri iki gihugu mubamwo.
5He gave him no inheritance in it, not even a foot of ground—yet promised it to him and his descendants after him as a possession, though he had no child.OKCBNta mugabane yamuhaye muri ico gihugu, nta n’aho guhonyoza ikirenge, ariko Imana yamusezeraniye ko we n’uruvyaro rwiwe bazokwegukira iki gihugu, n’aho ico gihe Aburahamu atari bwaronke umwana.
6And our Father said his offspring would be foreigners in a land not their own, enslaved and mistreated 400 years.OKCBImana yamubwiye iti: ‘Uruvyaro rwawe ruzoba mu gihugu kitari icabo, bitwe abanyamahanga kandi bazogirwa abaja, bacinyizwe imyaka amajana ane.’
7'I will judge the nation they serve,' our Father said, 'and after, they will come out and worship me in this place.'OKCBImana irongera kandi ivuga iti: ‘Ariko nzohana ihanga rizobagira abagurano, kandi mu nyuma bazorivamwo, baze kunsengera muri iki gihugu.’
8He gave him the covenant of circumcision. Abraham fathered Isaac and circumcised him on the eighth day; Isaac fathered Jacob, and Jacob the twelve ancestors.OKCBNuko ica iha Aburahamu isezerano ryo gukebwa. Aburahamu na we avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani. Isaka avyara Yakobo aramukeba, Yakobo na we avyara ba sogokuruza cumi na babiri, na we arabakeba.
9The ancestors, jealous of Joseph, sold him into Egypt, but our Father was with him,OKCBKubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, baramugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we,
10and rescued him from all his troubles, gave him favor and wisdom before Pharaoh king of Egypt, who made him ruler over Egypt and Pharaoh's whole household.OKCBmaze imukiza amarushwa yiwe yose. Imuha ubwenge budasanzwe n’ikiganza ciza kuri Farawo, umwami wa Egiputa, na we amuha ubutware kuri Egiputa yose no mu bakozi biwe.
11A famine and great suffering struck all Egypt and Canaan, and our fathers found no food.OKCBIgihe kimwe inzara itera mu gihugu cose ca Egiputa n’i Kanani, abantu babona amakuba, ba sogokuruza babura ivyokurya.
12Hearing there was grain in Egypt, Jacob sent our fathers there first.OKCBYakobo yumvise ko muri Egiputa hariyo ingano, arungikayo ba sogokuruza incuro ya mbere.
13On the second visit, Joseph made himself known to his brothers, and Pharaoh learned of Joseph's family.OKCBBasubiyeyo ubwa kabiri, Yosefu yihishurira benewabo, Farawo na we abona kumenya umuryango wa Yosefu.
14And Joseph sent for his father Jacob and all his relatives, seventy-five persons in all.OKCBMaze Yosefu aca atumako se Yakobo n’umuryango wiwe wose. Bose hamwe bari mirongo indwi na batanu.
15And Jacob went down into Egypt, and he died, he and our fathers.OKCBNuko Yakobo amanuka muri Egiputa. Mu nyuma arapfa, co kimwe na ba sogokuruza.
16They were taken back to Shechem, and buried in the tomb Abraham had bought for silver from Hamor's sons in Shechem.OKCBIbisigarira vyabo vyatahukanywe i Shekemu, bishingurwa mu mva ziri ahantu Aburahamu yari yaguriye abahungu ba Hamori i Shekemu.
17As the time of the promise our Father gave Abraham neared, the people grew and multiplied in Egypt,OKCBIgihe c’uko Imana ishitsa amasezerano yahaye Aburahamu cegereje, igitigiri c’ubwoko bwacu cari kimaze kugwira, kirongerekana cane muri Egiputa.
18until there arose over Egypt another king who did not know Joseph.OKCBMu nyuma muri Egiputa himikwa uwundi mwami atigeze amenya ivya Yosefu.
19This king exploited our people and mistreated our fathers, forcing them to abandon their infants to die.OKCBAkorera ikibi ubwoko bwacu, ategeka ba sogokuruza guta abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.
20At that time Moses was born, beautiful in our Father's sight. He was raised three months in his father's house.OKCBIco gihe ni ho Mose yavuka, avuka ari umwana adasanzwe imbere y’Imana. Nuko arererwa mu muryango wiwe gushika ashikanye amezi atatu.
21And when he was abandoned, Pharaoh's daughter adopted him and brought him up as her own son.OKCBAmaze gutabwa, umukobwa wa Farawo aramutora, amurera nk’umwana wiwe bwite.
22Moses was trained in all Egyptian wisdom, and was strong in speech and action.OKCBNuko Mose yigishwa ubwenge bwose bw’Abanyegiputa, kandi aba uwuhambaye mu mvugo no mu ngiro.
23When he was forty years old, he decided to visit his brothers, the sons of Israel.OKCBMose amaze imyaka mirongo ine, yumva mu mutima yotemberera benewabo b’Abisirayeli.
24Seeing one of them wronged, he defended the oppressed man and avenged him by striking down the Egyptian.OKCBMaze asanga Umunyegiputa ariko akubita Umwisirayeli, aca aramutabara, ndetse yica uwo Munyegiputa.
25He thought his brothers would understand our Father was giving them salvation through his hand, but they didn't understand.OKCBMose we yibaza ko benewabo baza gutahura ko Imana iriko iramukoresha mu kubakiza. Ariko Abisirayeli bo ntibabitahuye gutyo.
26The next day he came upon them as they were fighting and tried to reconcile them, saying, 'Men, you are brothers. Why do you wrong each other?'OKCBBukeye Mose aragenda asanga Abisirayeli babiri bariko baragwana, aca agerageza kubumvikanisha, ababwira ati: ‘Mwa bagabo mwe, ko muri abavukanyi, ni iki gituma mugiriranira nabi?’
27But the man wronging his neighbor shoved Moses aside, saying, 'Who made you ruler and judge over us?OKCBUwariko ararenganya mugenziwe aca asunura Mose, amubaza ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?
28Do you want to kill me as you killed the Egyptian yesterday?'OKCBUgomba kunyica nk’uko ejo wishe wa Munyegiputa?’
29At this word, Moses fled and lived as a foreigner in the land of Midian, where he fathered two sons.OKCBMose avyumvise, aca ahungira mu ntara ya Midiyani, abayo nk’umunyamahanga, avyarirayo abahungu babiri.
30Forty years later, an angel appeared to him in the wilderness of Mount Sinai, in a burning bush's flame.OKCBHaheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu bugaragwa bw’Umusozi Sinayi, mu rubeya rw’umuriro wakira mu gisaka.
31Moses saw it and was amazed; as he approached to look closer, our Father's voice came:OKCBMaze Mose atangajwe n’ivyo abonye, yegera igisaka ngo arabe neza ivyo ari vyo, ni ho yumva ijwi ry’Umwami Imana rimubwira riti:
32'I am the God of your fathers—the God of Abraham, Isaac, and Jacob.' Moses trembled, not daring to look.OKCB‘Ndi Imana ya ba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, ya Isaka, na Yakobo.’ Mose ahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi, ntiyubahuka gusubira kwunamuka ngo arabe.
33Then our Father told him, 'Take the sandals off your feet, for the place you're standing on is holy ground.'OKCBUmwami Imana aramubwira ati: ‘Ambura ibirato vyawe, kuko aha hantu uhagaze ari ahera.
34I have indeed seen my people's suffering in Egypt, heard their groaning, and come down to rescue them. Now go—I'm sending you to Egypt.OKCBNabonye agacinyizo abantu banje barimwo muri Egiputa, numva n’amaborogo yabo, none manukanywe no kubakiza. Rero nuze, ngomba kugutuma muri Egiputa.’
35This Moses, whom they rejected, saying, 'Who made you ruler and judge?'—this is the one our Father sent as both ruler and redeemer, through the hand of the angel who appeared to him in the bush.OKCBUwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.
36This man led them out, doing wonders and signs in the land of Egypt, at the Red Sea, and in the wilderness for forty years.OKCBYabakuje muri Egiputa utwumiza n’ibitangaza yakoreye muri ico gihugu, ku kiyaga gitukura, no mu myaka mirongo ine bamaze mu bugaragwa.
37This is the Moses who told Israel's sons, 'Our Father will raise up a prophet like me for you, from your brothers.'OKCBUwo Mose nyene ni we mu nyuma yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza uwuvugishwa n’Imana ameze nkanje muri mwebwe.’
38This is the one who was in the wilderness assembly with the angel speaking to him at Mount Sinai, and with our fathers—he received living words to give us.OKCBYari kumwe n’ikoraniro rya ba sogokuruza mu bugaragwa, igihe umumarayika yavuganira na we ku musozi Sinayi, agaca amuha amajambo y’ubugingo kugira ngo na we ayaduhe.
39Our fathers refused to obey him; they rejected him and in their hearts turned back to Egypt,OKCBAriko ba sokuruza bacu baranse kumwumvira, bitandukanya na we, mu mitima yabo bipfuza kwisubirira muri Egiputa.
40telling Aaron, 'Make us gods to go ahead of us. As for this Moses who led us out of the land of Egypt, we don't know what happened to him.'OKCBMaze babwira Aroni bati: ‘Ducurire imana zo kutuja imbere, kuko tutazi ivyashikiye Mose, uwadukuye mu gihugu ca Egiputa.’
41They made a calf in those days, offered a sacrifice to the idol, and celebrated what their hands had made.OKCBIco gihe ni ho bakora ikigirwamana mw’ishusho y’ishuri y’inka. Bagishikanira ibimazi bongera bagira umusi mukuru wo kwigina ico kintu bari bakoresheje amaboko yabo.
42But our Father turned away, giving them over to worship the host of heaven, as written in the prophets' book: 'Did you bring me slaughtered animals and sacrifices for forty years in the wilderness, house of Israel?OKCBMaze Imana ica irabareka ngo basenge izuba, ukwezi n’inyenyeri. Kandi ivyo bihuye n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana, bivuga ngo: ‘Mbega ibimazi n’amashikanwa mwatanze mu bugaragwa, muri irya myaka mirongo ine, ni jewe mwabishikaniye ga yemwe Bisirayeli?
43You carried Moloch's tent and your god Rephan's star, the idols you fashioned to worship them; so I will banish you far beyond Babylon.'OKCBOya, mwari mwitwaje ihema rya Moleki, n’ikimenyetso c’inyenyeri c’ikigirwamana canyu Refani, ibishushanyo mwicuriye ngo mubisenge. Ni co gituma nzobirukana mukaja kure hirya y’i Babiloni.’
44Our ancestors had the tent of witness in the wilderness, as he who spoke to Moses directed him to make it, matching the pattern he'd seen.OKCBBa sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano bagendana mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, hakurikijwe ishusho yari yeretswe.
45Our fathers in turn brought it in with Joshua when they dispossessed the nations that our Father drove out before them. So it was until the days of David,OKCBBamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje barizanye igihe bafata iki gihugu, Imana imaze kucirukanamwo amahanga yakibamwo imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika mu gihe c’umwami Dawidi.
46who found favor with our Father and asked to find a dwelling place for our Father.OKCBDawidi na we agirirwa ubuntu bwinshi n’Imana, bituma asaba kwubakira ihema Imana ya Yakobo.
47But it was Solomon who built a house for him.OKCBAriko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.
48Yet the Most High does not live in houses made by human hands, as the prophet says:OKCBYamara, Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana yavuze ati:
49'Heaven is my throne, and the earth is my footstool. What kind of house will you build for me, says our Father, or what is the place of my rest?OKCB‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami, isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje. Canke mwonyubakira inzu nyabaki? Ni ko Uhoraho abaza. Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?
50Did not my hand make all these things?'OKCBMbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?’
51"You stubborn people, uncircumcised in heart and ears, always resist the Holy Spirit—like your fathers, so do you.OKCBMwa ntagondwa mwe! Imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera.
52Which of the prophets did your fathers not persecute? They killed those who announced beforehand the Righteous One's coming—whom you have now betrayed and murdered.OKCBMbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Mugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,
53You who received the law through angels and yet did not keep it."OKCBkandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”
54Now when they heard these things they were enraged, and they ground their teeth at him.OKCBAbagize inama nkuru y’Abayuda bumvise ivyo, ishavu rirabarengera bashinga amenyo ku yandi kubera uburake.
55But Stephen, full of the Holy Spirit, looked into heaven, saw the glory of our Father, and Jesus standing at the right hand of our Father.OKCBAriko Setefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza bw’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.
56And he said, "Look, I see the heavens opened and the Son of Man standing at our Father's right hand."OKCBAca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”
57But they cried out with a loud voice, covered their ears, and rushed at him.OKCBAriko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwumve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarako icarimwe,
58They threw him out of the city and stoned him. The witnesses laid their coats at the feet of a young man named Saul.OKCBbamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Mu kumutera amabuye, abariko baramurega babanje kwikura imitamana yabo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.
59And as they were stoning him, Stephen called out, "Lord Jesus, receive my spirit."OKCBBakiriko baramutera amabuye, Setefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”
60Kneeling, he cried out loudly, "Lord, do not hold this sin against them." Then he fell asleep.OKCBAca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.