Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Saul approved of Stephen's killing. That day a great persecution erupted against the Jerusalem church, scattering everyone except the apostles through Judea and Samaria. Na Sawuli ni ho yari ari kandi yari ashigikiye ko Setefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, barashwiragira, bamwe baja i Yudaya abandi baja n’i Samariya.
2 Devout men buried Stephen and mourned loudly over him. Abantu bubaha Imana baraza bahamba Setefano, kandi baramugandarira cane.
3 But Saul was destroying the church, entering house after house, dragging off men and women, throwing them in prison. Ariko Sawuli we abandanya gusambura ishengero. Yinjira mu nzu ku yindi, afata abagabo n’abagore bizera asanzeyo, abata mw’ibohero.
4 So those scattered went everywhere, proclaiming the good news of the word. Abo bashwiragiye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose.
5 Philip went down to the city of Samaria and proclaimed Christ to them. Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo.
6 The crowds paid attention together to Philip's words, hearing and seeing the signs he did. Maze abantu benshi bamaze kwumva amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe.
7 Unclean spirits came out of many who were possessed, screaming loudly, and many paralyzed and lame were healed. Kuko abantu benshi baboshwe n’impwemu mbi barabohoka, izo mpwemu zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira.
8 So there was great joy in that city. Ivyo bituma haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.
9 A man named Simon had already practiced magic in that city, amazing Samaria's people and claiming to be someone great. Hari umugabo yitwa Simoni yari amaze igihe ari umunyamareba muri ico gisagara, agatangaza ab’i Samariya bose,
10 Everyone, from least to greatest, listened to him, saying, "This man is God's power, called Great." kandi abantu bose, abahambaye n’aboroshe, baramutangarira bakavuga bati: “Uwu mugabo ni bwa bushobozi bw’Imana, bita ‘Ubushobozi Buhambaye.’ ”
11 They paid attention to him because for a long time he had amazed them with his magic. Barakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe.
12 But when they believed Philip's good news about the kingdom of our Father and the name of Jesus Christ, men and women were baptized. Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa.
13 Simon himself believed, was baptized, and stayed close to Philip, amazed at the signs and great miracles he saw. Na Simoni na we arabatizwa, aca aguma akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo akora.
14 When the apostles in Jerusalem heard Samaria had received our Father's word, they sent Peter and John to them. Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye Ijambo ry’Imana, baca barungika Petero na Yohana.
15 When they arrived, they prayed for them that they might receive the Holy Spirit, Bashitseyo, barabasengera kugira ngo baronke Mpwemu Yera,
16 for the Holy Spirit had not yet fallen on any of them; they were only baptized into the name of the Lord Jesus. kuko nta muntu n’umwe muri bo yari bwaronke Mpwemu Yera; bari babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu gusa.
17 Then they laid their hands on them, and they received the Holy Spirit. Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.
18 When Simon saw the Spirit given through the apostles' laying on of hands, he offered them money, Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca abazanira amahera,
19 saying, "Give me this power too, so whoever I lay hands on receives the Holy Spirit." ababwira ati: “Nimumpe nanje ubwo bubasha kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azoronke Mpwemu Yera.”
20 Peter said to him, "May your silver perish with you, since you thought you could buy our Father's gift with money! Petero aramwishura ati: “Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera.
21 You have no part or share in this matter, for your heart is not right before our Father. Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana.
22 So turn from this evil, and pray to our Father that, if possible, your heart's intent may be forgiven you. Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe.
23 I see you poisoned by bitterness and bound by evil." Kuko ndabona ko wuzuye umururazi, kandi ko uri umugurano w’ikibi.”
24 Simon answered, "Pray to God for me, that nothing you have said may come upon me." Simoni aca yishura ati: “Nsengera ku Mwami Imana kugira ngo ivyo uvuze vyose ntihagire na kimwe kizombako.”
25 So, having testified and spoken our Lord Jesus's word, they returned to Jerusalem, preaching the good news in many Samaritan villages. Bamaze gushinga intahe no kuvuga Ijambo ry’Umwami Imana, Petero na Yohana baca basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga Ubutumwa Bwiza mu mihana myinshi y’i Samariya.
26 Then an angel of our Father told Philip, "Get up and go south to the road going down from Jerusalem to Gaza"—a desert road. Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza ho mu bugaragwa.”
27 He got up and went. There was an Ethiopian eunuch, a court official of Candace, queen of the Ethiopians, in charge of all her treasury, who had come to Jerusalem to worship, Nuko afata iyo nzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga.
28 and was returning, seated in his chariot and reading the prophet Isaiah. Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya.
29 And the Holy Spirit said to Philip, "Go over and catch up with that chariot." Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”
30 Philip ran up, heard him reading the prophet Isaiah, and asked, "Do you understand what you're reading?" Nuko Filipo aranyaruka, agendera i ruhande y’uwo mukogote, yumva wa muntu ariko asoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. Aramubaza ati: “Mbega ivyo uriko urasoma urabitahura?”
31 He said, "How can I, unless someone guides me?" and invited Philip up to sit with him. Na we aramwishura ati: “Nobitahura gute ata wubinsiguriye?” Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baca baricarana.
32 Now the passage of Scripture he was reading was this: "Like a sheep he was led to the slaughter, and like a lamb silent before its shearer, so he did not open his mouth. Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa, atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya, ntiyigeze akurako umunwa.
33 In his humiliation justice was denied him. Who can describe his generation? For his life is taken away from the earth." Yarateterejwe abura uwumurenganura. Ni nde yovuga ivy’uruvyaro rwiwe? Erega ubuzima bwiwe bwakuwe kw’isi.”
34 The eunuch said to Philip, "Tell me, of whom does the prophet say this—himself, or someone else?" Maze iyo nkone ibaza Filipo iti: “Mbwira: uwu muntu uwavugishwa n’Imana avuga ko ni nde, ni we yivugako canke avuga ku wundi muntu?”
35 Philip opened his mouth and, starting from this Scripture, told him the good news about Jesus. Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.
36 Traveling the road, they reached water, and the eunuch said, "Look, water! What stops me from being baptized?" Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [
37 Not in this edition Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”]
38 He ordered the chariot to stop; both went down into the water, Philip and the eunuch, and Philip baptized him. Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza.
39 When they came up out of the water, the Spirit of our Father snatched Philip away; the eunuch never saw him again, but went on his way rejoicing. Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko aca abandanya urugendo anezerewe cane.
40 Philip found himself at Azotus. He traveled through, announcing the good news in every town until he reached Caesarea. Filipo na we aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca agenda avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]