Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Some men came down from Judea and taught the brothers, "Unless you are circumcised by Moses' custom, you cannot be saved." Abantu bamwe bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibidutegeka, ntimushobora gukizwa.”
2 When Paul and Barnabas had fierce dispute and debate with them, the brothers appointed Paul, Barnabas, and some others of them to go up to the apostles and elders in Jerusalem about this question. Maze Pawulo na Baranaba binjira mu mpari zikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera bo muri iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.
3 Sent on by the church, they traveled through Phoenicia and Samaria, recounting the Gentiles' conversion, bringing great joy to all the brothers. Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.
4 Arriving in Jerusalem, the church, apostles, and elders welcomed them, and they reported all our Father had done with them. I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.
5 But some believers from the Pharisee party stood up and said, "They must be circumcised and ordered to keep the law of Moses." Ariko bamwe mu bizera bahoze mu mugwi w’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza Ivyagezwe vya Mose.”
6 Then the apostles and the elders gathered together to look into this matter. Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo.
7 After much debate, Peter stood and said, "Brothers, you know that in the early days our Father chose among you that the Gentiles would hear the gospel message through me and believe. Inyuma y’impari nyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu misi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere.
8 And our Father, who knows the heart, testified by giving them the Holy Spirit, just as he did to us. Imana, yoyo izi imitima y’abantu, yerekanye ko ibemeye mu kubaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye.
9 He drew no line between us and them, cleansing their hearts by faith. Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.
10 So why test our Father by putting a yoke on the disciples' neck that neither our ancestors nor we could bear? None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?
11 But we believe we will be saved through the grace of the Lord Jesus, just as they will." Ahubwo twizera ko twese dukizwa n’ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo.”
12 The whole crowd fell silent, listening to Barnabas and Paul describe the signs and wonders our Father did among the Gentiles through them. Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga.
13 After they finished speaking, James answered, "Brothers, listen to me. Baheje kuvuga, Yakobo aca afata ijambo, aravuga ati: “Bene Data, nimuntege amatwi.
14 Simeon told how our Father first visited the nations, taking from them a people for his name. Simoni Petero yadusiguriye ingene kuva mu ntango Imana yitayeho Abanyamahanga kugira ngo ibitoranirizemwo abazokwitirirwa izina ryayo.
15 And the words of the prophets agree with this, just as it is written: Amajambo y’abavugishwa n’Imana aremeranya n’ivyo, kuko handitswe ngo:
16 "'After this I will return, and I will rebuild the tent of David that has fallen; I will rebuild its ruins, and I will restore it, ‘Inyuma y’ivyo nzogaruka, nsubire nubake inzu ya Dawidi yasambutse. Nzosubira nubake imisaka yaho ndayisanure,
17 that the rest of mankind may seek our Father, even all the Gentiles who are called by my name, says our Father, who makes these things, kugira ngo abandi bantu bose baze barondere Uhoraho, barimwo n’Abanyamahanga bitirirwa izina ryanje, ni ko Uhoraho abikora avuze,’
18 known from long ago.' uwabimenyekanishije uhereye kera cane.
19 So I judge we shouldn't trouble the Gentiles turning to our Father, Ni co gituma mbona tudakwiye kuremera Abanyamahanga bariko bahindukirira Imana.
20 but write telling them to avoid things polluted by idols, sexual immorality, meat from strangled animals, and blood. Ahubwo dukwiye kubandikira, tukababwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe hamwe n’amaraso.
21 For Moses has been proclaimed in every city for generations, read aloud in synagogues every Sabbath." Kuko Ivyagezwe vya Mose vyama vyigishwa kuva kera mu masinagogi no mu bisigara, bigasomwa kw’isabato yose.”
22 The apostles, elders, and whole church decided to choose men from among them and send them to Antioch with Paul and Barnabas: Judas called Barsabbas, and Silas, leaders among the brothers. Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.
23 They sent this letter with them: "The apostles and elders, brothers, to the Gentile brothers in Antioch, Syria, and Cilicia: greetings. Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe Abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.
24 Since we have heard that some who went out from us troubled you with words, unsettling your hearts, though we gave them no such instructions, Twarumvise ko hariho abantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.
25 we unanimously agreed to choose men and send them to you with our beloved Barnabas and Paul. Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,
26 Men who have devoted their lives for the name of our Lord Jesus Christ. abagabo bahevye ubuzima bwabo ku bw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
27 So we sent Judas and Silas, who will themselves tell you the same things by word of mouth. Kandi turabarungikiye Yuda na Silasi kugira ngo bemeze n’amajambo y’akanwa kabo ivyo tubandikiye.
28 The Holy Spirit and we agreed to place no greater burden on you than these necessities: Kuko Mpwemu Yera vyamubereye vyiza, kandi natwe bitubera vyiza kutabaremereza ikintu na kimwe kirengeye ivyo tubasaba, ari vyo vy’ibi:
29 Avoid food offered to idols, blood, meat from strangled animals, and sexual immorality. Keep yourselves from these and you will do well. Farewell." Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.
30 So, sent off, they went down to Antioch, gathered the congregation, and delivered the letter. Nuko abo bantu baca barabarungika bamanuka muri Antiyokiya, bakoranya ishengero, babashikiriza iryo kete.
31 And when they read it, they rejoiced at the encouragement. Barisomye baranezerwa cane kuko ryarimwo ubutumwa bubatera intege.
32 And Judas and Silas, who were themselves prophets, encouraged and strengthened the brothers with many words. Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza.
33 After spending time there, the brothers sent them off in peace to those who sent them. Nuko bahamara igihe, hanyuma abizera bo muri Antiyokiya barabasezera n’umuhezagiro w’amahoro, maze na bo basubira ku babatumye. [
34 Not in this edition Ariko Silasi ahitamwo kugumayo.]
35 But Paul and Barnabas remained in Antioch, teaching and preaching our Lord's word, with many others too. Maze Pawulo na Baranaba bagumye muri Antiyokiya, aho bo n’abandi benshi bigishije bongera bavuga Ijambo ry’Umwami Yesu.
36 After some days, Paul told Barnabas, "Let's return and visit the brothers in every city where we announced our Lord's message, and see how they're doing." Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.”
37 Now Barnabas wanted to take with them John who was called Mark. Baranaba yipfuza ko Yohana Mariko ajana na bo,
38 But Paul thought it best not to bring the one who deserted them in Pamphylia and didn't join them for the work. ariko Pawulo we abona ko bitabereye ko bojana kuko yigeze kubata i Pamfiliya, ntiyabandanyana na bo mu gikorwa.
39 Their clash grew so sharp they separated from each other; Barnabas took Mark and sailed to Cyprus, Nuko haba ukutumvikana gukomeye, bituma batandukana. Baranaba ajana na Mariko, bafata ubwato baja i Kupuro.
40 but Paul chose Silas and set out, entrusted by the brothers to the grace of our Lord. Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana.
41 And he traveled through Syria and Cilicia, strengthening the churches. Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]