Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul went on to Derbe and Lystra. A disciple was there named Timothy, son of a believing Jewish woman, but his father was a Greek. Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho hakaba ariho umwigishwa wa Yesu yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki.
2 He was well thought of by the brothers at Lystra and Iconium. Yavugwa neza n’abizera b’i Lusitira n’abo muri Ikoniyo.
3 Paul wanted him to travel with him, so he took and circumcised him, because of the Jews in those places, for they all knew his father was Greek. Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yarimwo, araheza abanza kumukeba ku gitsina kubera Abayuda bo muri ako karere bose bari bazi ko se ari Umugiriki.
4 Traveling through the towns, they delivered the decisions the apostles and elders in Jerusalem had made, for them to keep. Mu bisagara bacamwo vyose, bagenda barashikiriza abizera ivyashinzwe n’intumwa n’abakuru b’ishengero b’i Yerusalemu babahimiriza kuvyitondera.
5 So the churches were strengthened in the faith and grew in numbers daily. Nuko amashengero arakomezwa mu kwizera, kandi igitigiri c’abizera carongerekana umusi ku musi.
6 They crossed the Phrygian and Galatian region, since the Holy Spirit had stopped them from speaking the word in Asia. Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga ijambo ry’Imana muri Aziya.
7 Reaching Mysia, they tried entering Bithynia, but the Spirit of Jesus wouldn't let them. Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.
8 So passing by Mysia, they went down to Troas. Nuko baca baca i Musiya bamanuka i Tirowa.
9 Paul saw a vision in the night: a Macedonian man stood pleading with him, "Cross over to Macedonia and help us." Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”
10 When he had seen the vision, we tried at once to leave for Macedonia, concluding our Father had called us to tell them the good news. Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.
11 So we set sail from Troas and sailed straight to Samothrace, and the next day to Neapolis, Nuko tuva i Tirowa mu bwato turaramiriza gushika i Samotirake, ku musi ukurikira naho dushika i Neyapoli.
12 and from there to Philippi, a leading city of that district of Macedonia, a Roman colony. We stayed there several days. Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.
13 On the Sabbath we went outside the gate to a river, supposing there was a place of prayer. We sat and spoke with the women gathered there. Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye.
14 A woman named Lydia, from Thyatira, who sold purple cloth and worshiped our Father, was listening. The Lord opened her heart to Paul's words. Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.
15 When she and her household were baptized, she urged us: "If you judge me faithful to the Lord, come to my house and stay." And she persuaded us. We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.
16 As we went to the place of prayer, we met a slave girl possessed by a spirit of divination; she earned her owners great profit through fortune-telling. Umusi umwe, turiko turaja ahantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura.
17 She followed Paul and us, shouting, "These men are servants of the Most High God, announcing to you the way of salvation." Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”
18 She did this for many days. Paul, deeply annoyed, turned and told the spirit, "I command you in the name of Jesus Christ to come out of her." It came out instantly. Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: “Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo.” Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.
19 When her owners saw their hope of profit was gone, they seized Paul and Silas, dragged them to the marketplace before the rulers. Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abinjiriza, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.
20 Bringing them to the magistrates, they said, "These men are Jews, disturbing our city. Babazana imbere y’abacamanza b’Abaroma, bavuga bati: “Aba bantu ni Abayuda, kandi bariko baragumura igisagara,
21 They advocate customs that are not lawful for us as Romans to accept or practice." bigisha imigenzo twebwe Abaroma tutemerewe gukurikiza.”
22 The crowd joined the attack, and the magistrates ripped off Paul and Silas's clothes and ordered them beaten with rods. Abari ngaho bose baca bakurira hasi Pawulo na Silasi, ba bacamanza baca bategeka ko babambura impuzu bakabakubita ibimoko.
23 After beating them severely, they threw them into prison, ordering the jailer to guard them securely. Bamaze kubakubita cane, baca babaterera mw’ibohero, bategeka umukuru w’ibohero kubarinda cane kugira ngo ntibatoroke.
24 Given that order, he locked them in the inner cell and clamped their feet in stocks. Kubera iryo tegeko ahawe, aca abashira mu cumba c’ibohero kiri kure, amaguru yabo ayabohera hagati y’ibiti.
25 About midnight Paul and Silas prayed and sang hymns to our Father while the prisoners listened to them. Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.
26 Suddenly a violent earthquake shook the prison's foundations; instantly all doors opened and everyone's chains loosened. Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako.
27 The jailer woke, saw the prison doors open, drew his sword meaning to kill himself, thinking the prisoners had escaped. Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse.
28 But Paul shouted, "Don't harm yourself, for we are all here!" Ariko Pawulo arasemerera ati: “Reka ntugire ico wigira, twese turi hano.”
29 The jailer called for lights, rushed in, and fell trembling before Paul and Silas. Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo.
30 Then he brought them outside and said, "Sirs, what must I do to be saved?" Aca abasohokana hanze, ababaza ati: “Ba nyakwubahwa, nokora iki kugira ngo nkizwe?”
31 And they said, "Believe in the Lord Jesus, and you will be saved, you and your household." Baramwishura bati: “Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe.”
32 They spoke the Lord's word to him and everyone in his house. Baca bamubwira Ijambo ry’Umwami Imana, we n’abo mu nzu yiwe bose.
33 In that hour of the night, he took them and washed their wounds; then he and his whole household were baptized at once. Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa.
34 He brought them up into his house, set food before them, and was overjoyed with his whole household at believing in our Father. Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.
35 But when morning came, the magistrates sent the police, saying, "Release those men." Bukeye, abacamanza batuma abasoda kuri wa murinzi w’ibohero, ati: “Rekura abo bantu.”
36 The jailer told Paul, "The magistrates sent orders to release you. Come out now and go in peace." Wa murinzi w’ibohero aca abarira Pawulo ati: “Abacamanza bategetse ko mwe na Silasi murekurwa. None rero murashobora kwigira. Mugende amahoro.”
37 But Paul said to them, "They beat us publicly, without trial, Roman citizens that we are, and threw us into prison. Now they want to send us off secretly? No! Let them come themselves and lead us out." Ariko Pawulo na Silasi baramwishura bati: “Badutonaguriye imbere y’abantu tutanaburanye kandi urubanza rutadutsinze kandi turi Abaroma, bagirako baduta mw’ibohero, none bagomba kuturekura mu mpisho? Ntibishoboka! Nibaze bo nyene ubwabo, babe ari bo batwirekurira.”
38 The officers reported these words to the magistrates, who were afraid to hear they were Roman citizens. Ba basoda baca baja kubibwira abacamanza. Bumvise ko Pawulo na Silasi ari Abaroma, baca bagira ubwoba.
39 They came, apologized, led them out, and asked them to leave the city. Baca baja kubahoyahoya, babasohora ibohero, babaherekeza babinginga ngo bave muri ico gisagara.
40 So they left the prison and went to Lydia's house. There they saw the brothers, encouraged them, and left. Pawulo na Silasi bavuye muri iryo bohero baca baja kwa Lidiya, babonana n’abandi bene Data, babatera intege mu kwizera, baca baragenda.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]