Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Iconium they entered the Jewish synagogue together and spoke so that a great number of both Jews and Greeks believed. Muri Ikoniyo, Pawulo na Baranaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza bwuzuye bashize amanga, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.
2 But the Jews who refused to believe stirred up and poisoned Gentile minds against the brothers. Ariko Abayuda banse kwizera bagumura abandi Banyamahanga babatera kwanka abizera.
3 They stayed a long time, speaking boldly for the Lord, who confirmed his message of grace, doing signs and wonders through their hands. Maze Pawulo na Baranaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.
4 But the city split: some sided with the Jews, some with the apostles. Ivyo vyatumye abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa.
5 When both the Gentiles and the Jews, together with their rulers, moved to mistreat and stone them, Mu nyuma, Abayuda n’Abanyamahanga bamwe, bari kumwe n’abatware babo, baja inama yo kugirira nabi intumwa no kuzicisha amabuye.
6 realizing this, they fled to the Lycaonian cities of Lystra and Derbe, and the surrounding region, Intumwa zibimenye, zica zihungira mu bisagara vya Lusitira na Derube biri i Lukawoniya, no mu micungararo.
7 and there they kept preaching the gospel. N’aho nyene babandanije bahavuga Ubutumwa Bwiza.
8 A man sat in Lystra, feet disabled, lame from birth, who had never walked. I Lusitira hari umugabo yama yicaye kuko yari amugaye ibirenge. Yari yavutse amugaye, ntiyari yarigeze atambuka.
9 He was listening to Paul speak. Paul stared at him and saw he had faith to be healed, Nuko yumviriza Pawulo ariko arigisha, Pawulo na we aramwihweza, abona afise ukwizera kwotuma akira.
10 said in a loud voice, "Stand upright on your feet." The man leaped up and began walking. Pawulo aca avuga n’ijwi rirenga ati: “Haguruka, uhagarare ku birenge vyawe!” Ubwo nyene wa mugabo aca arabaduka, aca atangura gutambuka.
11 When the crowds saw what Paul did, they shouted in Lycaonian, "The gods have come down to us in human form!" Ishengero ribonye ivyo Pawulo akoze, bavuga n’amajwi arenga mu Kinyalukawoniya bati: “imana zadushwayemwo zambaye imibiri y’abantu!”
12 Barnabas they called Zeus, and Paul they called Hermes, because he was the chief speaker. Baranaba bamwita Zeyusi, Pawulo na we bamwita Heremesi, kuko ari we yigisha kenshi.
13 The priest of Zeus, whose temple stood before the city, brought bulls and garlands to the gates, wanting to sacrifice with the crowds. Maze umuherezi wa Zeyusi azana impfizi z’inka n’ingori z’amashurwe kw’irembo ry’igisagara; aho ni ho hari ingoro y’iyo mana. We n’iryo sinzi ry’abantu bagomba gushikanira ibimazi izo ntumwa.
14 But hearing this, the apostles Barnabas and Paul tore their clothes and ran into the crowd, shouting, Ariko Pawulo na Baranaba bavyumvise, bitabagurirako impuzu, biruka mu bantu basemerera bati:
15 and saying, "Men, why are you doing this? We are humans too, with the same nature as you. We bring you good news: turn from these worthless things to the living Father, who made the heaven, the earth, the sea, and everything in them. “Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikora kubera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.
16 In past generations he let all the nations go their own way, Mu bihe vyaheze, yaretse amahanga yose ngo yigenze uko yipfuza.
17 yet he did not leave himself without witness: doing good, giving you rains from heaven and fruitful seasons, filling your hearts with food and joy." Ariko ntiyigeze ihengeshanya kubiyereka mu vyiza yabakorera: ikabaha imvura iva mw’ijuru n’umwimbu mwinshi mu gihe cavyo, ikabaha ivyokurya bikwiye, ikuzuza imitima yanyu umunezero.”
18 Even with these words they barely restrained the crowds from sacrificing to them. Naho Pawulo yari avuze amajambo nk’ayo, intumwa vyarazigoye kubabuza kuzishikanira ibimazi.
19 But Jews from Antioch and Iconium came, won over the crowds, stoned Paul, and dragged him out of the city, thinking him dead. Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.
20 When the disciples surrounded him, he got up and went into the city. The next day he left for Derbe with Barnabas. Ariko abandi bigishwa bamaze kuza bakegeranira aho yari ari, aca arahaguruka, asubira mu gisagara. Bukeye we na Baranaba baca barahava, baja i Derube.
21 After preaching the good news in that city and making many disciples, they returned to Lystra, Iconium, and Antioch, Nuko bavuga Ubutumwa Bwiza muri ico gisagara kandi baharonka igitigiri kinini c’abigishwa. Hanyuma baca basubira i Lusitira, muri Ikoniyo no muri Antiyokiya
22 strengthening the disciples' souls, urging them to remain in the faith: we must enter our Father's kingdom through many troubles. binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”
23 After appointing elders for them in each church, praying with fasting, they entrusted them to the Lord they had believed in. Pawulo na Baranaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.
24 Then they passed through Pisidia and came to Pamphylia. Nuko baca baca muri Pisidiya bashika i Pamfiliya.
25 And when they had spoken the word in Perga, they went down to Attalia, Bavuga ijambo ry’Imana i Peruga, baca bamanuka muri Ataliya.
26 from there they sailed to Antioch, where they'd been entrusted to our Father's grace for the work they had finished. Bavuye muri Ataliya, baciye bafata ubwato basubira muri Antiyokiya ho muri Siriya, aho bari basengewe ng’Ubuntu bw’Imana buzobane na bo ku bw’ico gikorwa bari barangije.
27 When they arrived, they gathered the church and reported all our Father had done with them, and how he opened a door of faith to the Gentiles. Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.
28 And they stayed there with the disciples for a long time. Maze baguma aho, babana n’abigishwa igihe kitari gito.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]