Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jotham was twenty-five when he became king; he reigned sixteen years in Jerusalem. His mother was Jerushah, daughter of Zadok. Yotamu yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka icumi n’itandatu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yerusha, umukobwa wa Zadoki.
2 He did right in the eyes of our Father, as his father Uzziah had done—except he did not enter the temple of our Father. Yet the people still acted wrongfully. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza, nk’uko se Uziya yakora, mugabo wewe ntiyacumura ngo yinjire mu Ngoro y’Uhoraho. Ariko abantu bo, baguma mu ngeso zabo mbi.
3 He built the Upper Gate of our Father's house, and built much on Ophel's wall. Yotamu ni we yasanuye Irembo ryo Haruguru ry’Ingoro y’Uhoraho, yubaka n’urundi ruzitiro rwo ku musozi Ofeli.
4 He built cities in Judah's highlands, and in the forests he built forts and towers. Yubaka kandi ibisagara mu misozi y’i Buyuda, n’iminara, n’ubwihisho bukomeye mu misozi iteyeko ibiti.
5 He fought the king of the Ammonites and defeated them. That year the Ammonites gave him 7,500 pounds of silver, 50,000 bushels of wheat, and 50,000 of barley—the same in the second and third years. Yotamu agwana n’umwami w’Abamoni aramunesha. Uwo mwaka Abamoni bamushikanira amashikanwa yo kumwisaba angana n’italanto ijana z’ifeza, ingero koru ibihumbi icumi z’ingano, n’ingero koru ibihumbi icumi za sayiri. Mu mwaka ugira kabiri n’uwugira gatatu bamuzanira nk’ivyo nyene.
6 So Jotham grew strong, because he kept his conduct right before his Father. Yotamu aba agakomeye kuko yagendera mu bitunganye imbere y’Uhoraho Imana yiwe.
7 The rest of Jotham's acts, all his wars and deeds, are written in the Book of the Kings of Israel and Judah. Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Yotamu, harimwo n’intambara zose yagwanye n’ibindi yakoze, vyanditswe mu gitabu c’abami b’Abisirayeli n’Abayuda.
8 He was twenty-five years old when he became king, and he reigned sixteen years in Jerusalem. Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka icumi n’itandatu ari i Yerusalemu.
9 Jotham rested with his ancestors; they buried him in the city of David, and his son Ahaz reigned in his place. Yotamu arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Ahazi aba ari we amusubirira ku ngoma.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]