Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Ahaz became king at twenty; he reigned sixteen years in Jerusalem. He did not do right in our Father's eyes, as his ancestor David had. Ahazi yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’itandatu ari i Yerusalemu. Ariko ntiyakora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko sekuruza Dawidi yakora.
2 Instead, he walked in the ways of Israel's kings and cast metal idols for the Baals. Ahubwo yagendeye mu ngeso z’abami ba Isirayeli mbere akora ibigirwamana vya Bayali.
3 He burned incense in Ben-Hinnom Valley and burned his sons in fire, copying detestable practices of the nations our Father drove out before Israel. Aturirira ibimazi mu kiyaya ca Beni-Hinomu, yongera atanga abana biwe nk’ikimazi ngo baturirwe. Uko ni ko yakoze ibizira vy’ubuyobe vyakorwa n’amahanga Uhoraho yari yarirukanye muri ico gihugu imbere y’Abisirayeli.
4 He sacrificed and burned incense on the high places, the hills, and under every leafy tree. Yatanga ibimazi akongera agaturira n’ibimota neza, ivyo akabikorera hejuru mu mataba y’imisozi miremire no musi y’igiti cose gitotahaye.
5 So our Father gave him to Aram's king, who struck him, took many captives to Damascus; he was also given to Israel's king, who struck him a heavy blow. Ni co catumye Uhoraho Imana yiwe amutanga mu maboko y’umwami w’i Siriya. Abasiriya baramunesha, bafata mpiri abantu biwe benshi babagira imbohe, babajana i Damasiko. Yongera amutanga mu maboko y’umwami w’Abisirayeli, aramunesha bikomeye kandi ahatakariza ibintu vyinshi.
6 Pekah son of Remaliah killed 120,000 brave men of Judah in one day, because they abandoned our Father, the God of their ancestors. Kandi Peka mwene Remaliya, yica mu Bayuda ingabo ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku musi umwe; kuko Abayuda bari bahevye Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
7 Zichri, an Ephraim warrior, killed Maaseiah the king's son, Azrikam the palace commander, and Elkanah, the king's second. Zikuri, umugwanyi w’Umwefurayimu, yica Mayaseya umuhungu w’umwami, yica Azurikamu umukuru w’ingabo ajejwe ikirimba, na Elukana yari icegera c’umwami.
8 Israel captured 200,000 relatives—women, sons, daughters—and much plunder, carrying it off to Samaria. Abagabo b’Abisirayeli bafata mpiri abavukanyi babo bakomotse i Buyuda, babatwara abagore ibihumbi amajana abiri, hamwe n’abahungu n’abakobwa. Babasahura n’ibintu vyinshi, babijana i Samariya.
9 Oded, a prophet of our Father, was there. He met the army returning to Samaria: "See, our Father, the God of your ancestors, was angry with Judah, so he handed them to you. But you killed them with rage reaching heaven. Ariko uwavugishwa n’Uhoraho yitwa Odedi yari ngaho i Samariya, aca aja guhura n’ingabo zariko ziratahuka. Arababwira ati: “Kubera Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu yashavuriye Ubuyuda, yabagabuye mu maboko yanyu. Ariko rero mwarengeje urugero, mubarandurana uburake bwinshi, ku buryo vyashitse no mw’ijuru.
10 Now you intend to enslave Judah and Jerusalem's people, male and female. Aren't you yourselves guilty of sins against your Father? None ubu na ho mushaka ko abagabo n’abagore mwakuye i Buyuda n’i Yerusalemu bahinduka abagurano banyu. Mbega none mweho ntimufise ivyaha Uhoraho Imana yanyu abagiriza?
11 Now listen: send back the relatives you captured, for our Father's fierce anger is on you." None rero, nimunyumvirize! Nimurungike bagenzi banyu, bamwe mwafata nk’imbohe basubire inyuma, kuko uburake bw’Uhoraho buri kuri mwebwe.”
12 Some Ephraimite chiefs—Azariah son of Johanan, Berechiah son of Meshillemoth, Jehizkiah son of Shallum, Amasa son of Hadlai—opposed those coming from battle. Nuko bamwe mu batware bo mu Befurayimu, Azariya mwene Yehohanani, Berekiya mwene Meshilemoti, Yehizikiya mwene Shalumu, na Amasa mwene Hadulayi; bahangana n’abari bavuye ku rugamba.
13 "Don't bring the captives here," they said. "You plan to add to our sins and guilt against our Father. Our guilt is already great, and fierce anger hangs over Israel." Baravuga bati: “Ntimuzane izo mbohe hano, kuko twoba ducumuye imbere y’Uhoraho. Mugomba mwongereze ivyaha vyacu? Musanzwe muzi ko icaha cacu ari kinini, kandi uburake bw’inkazi bwiwe bukaba buri ku Bisirayeli.”
14 So the soldiers handed the captives and plunder in front of the officials, before the whole assembly. Nuko izo ngabo zica zisiga abo bantu b’imbohe hamwe n’ivyasahuwe imbere y’abo bakuru n’ikoraniro ryose.
15 The named men took the captives and clothed all the naked from the plunder. They gave them clothes and sandals, food and drink, and anointed them with oil. They set the feeble on donkeys, brought them to their fellow Israelites at Jericho, city of palms, then returned to Samaria. Abantu batowe kandi bagatororokanywa umwe wese ahamagawe izina bafata izo mbohe, maze bakura impuzu mu vyasahuwe, bambika abari gusa bo muri bo. Babaha impuzu n’ibirato, n’ivyokurya n’ivyo kunywa; babaha kandi n’imiti yo kuvura abakomeretse. Bashira ku ndogoba abarushe cane muri bo, maze babasubiza mu b’iwabo i Yeriko, igisagara c’ibigazi, baca basubira i Samariya.
16 At that time King Ahaz sent to the king of Assyria for help. Muri ico gihe umwami Ahazi atumako umwami w’i Ashuri ngo amutabare, kuko
17 The Edomites had invaded Judah once again and carried off captives, Abanyedomu bari bongeye kugaruka gutera i Buyuda, bagatwara n’imbohe.
18 while Philistines raided Judah's lowland and Negev towns, seizing Beth-shemesh, Aijalon, Gederoth, Soco, Timnah, and Gimzo with their villages, and settled there. Abafilisitiya na bo bari bateye ibisagara vyo mu biyaya n’i Negebu h’i Buyuda; bafata Beti-Shemeshi, Ayaloni n’i Gederoti, hamwe n’i Soko, Timuna n’i Gimuzo, n’ibigwati bihakikije, baravyigarurira.
19 Our Father humbled Judah because of Ahaz king of Israel, who spread wrongdoing in Judah and betrayed our Father completely. Uhoraho yari yacishije bugufi cane Abayuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli yari yatumye Abayuda bakora ibibi; mbere akarushiriza kuba mubi imbere y’Uhoraho.
20 Tiglath-pileser king of Assyria came to Ahaz, but Tiglath-pileser brought him trouble instead of help. Tigulati-Pilineseri umwami w’i Ashuri aramwitaba araza, ariko aho kumufasha, amufata nk’umwansi aza kumugwanya.
21 Ahaz stripped our Father's house, the royal palace, and the officials of their treasures, giving them to Assyria's king—yet it brought him no help. Ico gihe Ahazi yari yafashe bimwe mu bintu vyo mu Ngoro y’Uhoraho n’ivyo mu ngoro y’i bwami no mu mazu y’abaganwa, abiha umwami w’i Ashuri; ariko ivyo nta co vyamumariye.
22 In his time of distress, this same King Ahaz became even more unfaithful to our Father. No mu gihe c’ivyago umwami Ahazi yaburaniwe, arushiriza kugarariza Uhoraho.
23 He sacrificed to Damascus's gods, his defeaters, thinking, "Aram's kings' gods helped them; I'll sacrifice to them so they'll help me." But they ruined him and all Israel. Ashikanira ibimazi ibigirwamana vy’i Damasiko, kuko abantu baho bamunesheje; akiyumvira ati: “Ko imana z’abami b’i Siriya zabafashije, ndazishikaniye ibimazi nanje zontabara.” Ariko zamubereye umutego we hamwe n’Abisirayeli bose.
24 Ahaz gathered the articles of our Father's house and cut them to pieces, shut the doors of our Father's house, and set up altars for himself at every corner in Jerusalem. Ahazi yegeranya ibikoresho vyose vyari mu Ngoro y’Imana arabimenagura. Araheza yugara inzugi z’Ingoro y’Uhoraho aca yubaka ibicaniro ku mayirabiri yose y’i Yerusalemu.
25 In every Judah town he built high places to burn offerings to other gods, angering our Father, the God of his ancestors. Mu gisagara cose c’i Buyuda, ashinga ku misozi miremire ibibanza vyo gutuririramwo ibimota neza, no gushikaniramwo ibimazi izindi mana, ivyo vyongera kuvyura uburake bw’Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
26 The rest of his deeds and all his ways, first to last, are written in the Book of the Kings of Judah and Israel. Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Ahazi n’ivyerekeye inzira ziwe, uhereye ku ntango ugashika ku mpera, vyanditswe mu gitabu c’abami b’i Buyuda n’Abisirayeli.
27 Ahaz rested with his ancestors, buried in Jerusalem, but not in Israel's kings' tombs. His son Hezekiah reigned instead. Ahazi arapfa, ahamvya ba sekuruza, ahambwa i Yerusalemu, ariko ntiyashirwa mu mva z’abami ba Isirayeli. Maze umuhungu wiwe Hezekiya amusubirira ku ngoma.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]