Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hezekiah became king at twenty-five, reigning twenty-nine years in Jerusalem. His mother: Abijah, daughter of Zechariah. Hezekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza imyaka mirongo ibiri n’icenda ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Abiya, umukobwa wa Zakariya.
2 He did right in our Father's eyes, just as his father David had done. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko sekuruza Dawidi yakora.
3 In his reign's first year, first month, he opened the doors of our Father's house and repaired them. Mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa mbere w’ingoma yiwe, yugurura inzugi z’Ingoro y’Uhoraho arazisanura.
4 He brought in the priests and the Levites and gathered them in the eastern square. Atumako abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza ku kibuga ahahera mu buseruko,
5 He told them, "Hear me, Levites! Dedicate yourselves now, and dedicate our Father's house, the God of your fathers, and remove the filth from the Holy Place. avuga ati: “Nimunyumve yemwe Balewi! Nimwihumanure ubu nyene mwongere muhumanure n’Ingoro y’Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza. Mukure Ahera ibihumanya vyose.
6 Our ancestors were unfaithful, doing evil in our Father's eyes; they abandoned him, turned their faces from our Father's dwelling, and turned their backs. Ba data ntibabaye abizigirwa; bakoze ibibi mu nyonga z’Uhoraho Imana yacu, baramuheba. Batera ibitugu inzu y’Uhoraho, na we nyene bamutera ibitugu.
7 They also shut the entrance hall doors, extinguished the lamps, and did not burn incense or offer burnt offerings in the sanctuary to our Father, the God of Israel. Barongera bugara inzugi z’ibaraza, bazimya n’amatara. Vyongeye ntibashikaniye Imana y’Abisirayeli ibimota neza canke ikimazi na kimwe co guturirirwa Ahera hayo.
8 So our Father's anger fell on Judah and Jerusalem, making them an object of terror, horror, and scorn, as you see with your own eyes. Ni co gituma uburake bw’Uhoraho bwasutswe ku Bayuda n’ab’i Yerusalemu; akabahindura ibimaramare, bakaba akabarore n’agatwengo, nk’uko mushobora kuvyibonera n’amaso yanyu.
9 For our fathers fell by the sword; our sons, daughters, and wives are captive for this. Iki ni co catumye ba sogokuruza bacu bicwa n’inkota, abahungu bacu n’abakobwa bacu, eka mbere n’abagore bacu bakajanwa nk’imbohe.
10 Now I intend to make a covenant with our Father, the God of Israel, so his fierce anger turns from us. None rero ubu nagabiye kugiriranira isezerano n’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kugira ngo uburake bwiwe butuveko.
11 My sons, don't be negligent now—our Father chose you to stand before him, serve him, be his servants, and burn incense." Nuko rero bagenzi, ibi ntimubifate minenerwe, kuko Uhoraho yabatoranije ngo muhagarare imbere yiwe mumukorera, ngo mukore igikorwa ciwe, mumuturirire ibimota neza.”
12 The Levites stood: Kohathites—Mahath, Amasai's son, and Joel, Azariah's son; Merarites—Kish, Abdi's son, and Azariah, Jehallelel's son; Gershonites—Joah, Zimmah's son, and Eden, Joah's son; Nuko aba Balewi baca bitegurira gukora. Mu bakomoka mu nzu kwa Kohati ni: Mahati mwene Amasayi na Yoweli mwene Azariya. Mu bakomoka mu nzu kwa Merari ni: Kishi mwene Abudi na Azariya mwene Yehaleleli. Mu bakomoka mu nzu kwa Gerishoni ni: Yowa mwene Zima na Edeni mwene Yowa.
13 of the sons of Elizaphan, Shimri and Jeiel; of the sons of Asaph, Zechariah and Mattaniah; Mu bakomoka mu nzu kwa Elizafani ni: Shimuri na Yeyiyeli. Mu bakomoka mu nzu kwa Asafu ni: Zakariya na Mataniya.
14 of the sons of Heman, Jehiel and Shimei; and of the sons of Jeduthun, Shemaiah and Uzziel. Mu bakomoka mu nzu kwa Hemani ni: Yehiyeli na Shimeyi. Mu bakomoka mu nzu kwa Yedutuni ni: Shemaya na Uziyeli.
15 They gathered their brothers, made themselves holy, and went to clean our Father's house, as the king commanded by our Father's words. Bamaze gukoranya benewabo b’Abalewi no kwihumanura, baca barinjira kugira ngo bahumanure Ingoro y’Uhoraho, nk’uko umwami yari yabibategetse, yisunze ijambo ry’Uhoraho.
16 The priests entered our Father's inner house to cleanse it, bringing all the impurity they found in our Father's temple out to the courtyard. The Levites carried it out to the Kidron brook. Abaherezi binjira imbere mu Ngoro y’Uhoraho kugira ngo bayihumanure. Maze basohora hanze mu rugo rw’Ingoro y’Uhoraho ikintu cose gihumanye basanze muri iyo Ngoro. Abalewi na bo baca baravyakira babimanukana mu mwonga wa Kidironi.
17 They began dedicating the first day of month one; by the eighth day of that month, they reached our Father's entrance hall. They dedicated the house of our Father eight days, finishing the sixteenth day of month one. Batanguye guhumanura Ingoro ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maze ku musi w’umunani w’ukwo kwezi bashika ku rwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho. Mu misi umunani yakurikiye, bahumanura Ingoro ubwayo; barangiza ico gikorwa ku musi wa cumi na gatandatu w’ukwezi kwa mbere.
18 Then they came in to King Hezekiah and said, "We have cleaned all of our Father's house—the altar of burnt offering with all its utensils, and the table of the Bread of the Presence with all its utensils. Baca binjira aho umwami Hezekiya yari ari bamubwira bati: “Twahumanuye ingoro yose y’Uhoraho, igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibikoresho vyaco, n’imeza y’imikate ishikaniwe Imana n’ibikoresho vyayo vyose.
19 All the utensils King Ahaz discarded during his unfaithful reign we have prepared and dedicated—they stand before our Father's altar." Twateguye turongera turahumanura ibikoresho vyose umwami Ahazi yari yarasohoye kubera kutubaha Imana kwiwe igihe yari umwami. Ubu biri imbere y’igicaniro c’Uhoraho.”
20 King Hezekiah rose early, gathered the city's officials, and went up to our Father's house. Bukeye mu gatondo ka kare umwami Hezekiya akoranya abakuru bo mu gisagara baca baduga ku Ngoro y’Uhoraho.
21 They brought seven bulls, seven rams, seven lambs, seven male goats as a sin offering for the kingdom, sanctuary, and Judah, and he commanded Aaron's sons, the priests, to offer them on our Father's altar. Bazana amashuri y’inka indwi, impfizi z’intama indwi, imyagazi y’intama indwi, n’amasuguru y’impene indwi, babitanga kw’ikimazi gitangirwa ivyaha ku bw’ubwami, ku bw’Ingoro no ku bw’Abayuda. Umwami ategeka abaherezi, abo mu ruvyaro rwa Aroni, ngo babitangire ku gicaniro c’Uhoraho.
22 They killed the bulls; the priests took the blood and splashed it on the altar. They killed the rams and splashed the blood on the altar, then killed the lambs and splashed the blood on the altar. Nuko bakerera ya mashuri, maze abaherezi batwara amaraso bayamija ku gicaniro; hanyuma bakerera za mpfizi z’intama, amaraso yazo bayamija ku gicaniro; baca bakerera na ya myagazi y’intama, amaraso yayo bayamija ku gicaniro.
23 They brought the sin-offering goats before the king and assembly, and laid their hands on them. Za suguru z’impene zo gutangwako ikimazi gitangirwa ivyaha zizanwa imbere y’umwami n’ikoraniro ryose, bazirambikako ibiganza.
24 The priests slaughtered them and made a sin offering with their blood on the altar to atone for all Israel, because the king had ordered the burnt offering and sin offering for all Israel. Abaherezi baca barazikerera, amaraso yazo bayazana ku gicaniro co gutangirako ikimazi c’ivyaha kugira ngo batangire impongano Abisirayeli bose, kuko umwami yari yategetse ko baturira ikimazi c’ivyaha bagatanga n’ishikanwa ry’ivyaha kubw’Abisirayeli bose.
25 He stationed the Levites in our Father's house with cymbals, harps, and lyres, as David, Gad the king's seer, and Nathan the prophet commanded—for the command came from our Father through his prophets. Ahagarika Abalewi mu Ngoro y’Uhoraho bafise ibicurarangisho bisamirana, inanga n’amakembe, nk’uko vyashinzwe na Dawidi na Gadi uwerekwa w’umwami hamwe n’uwavugishwa n’Imana Natani. Ivyo vyari vyategetswe n’Uhoraho abicishije mu bo yavugisha.
26 The Levites stood with the instruments of David, and the priests with the trumpets. Nuko Abalewi bahagarara bafise ivyo bicurarangisho vya Dawidi, abaherezi na bo bafise inzamba zabo.
27 Hezekiah ordered the burnt offering on the altar; when it began, the song of our Father began too, with the trumpets and the instruments of David, king of Israel. Nuko Hezekiya ategeka ko batangira vya bimazi biturirwa ku gicaniro. Bagitangura kubitanga, indirimbo zo guhimbaza Uhoraho zica zirasamirana, inzamba ziravuzwa, na vya bicurarangisho vya Dawidi umwami w’Abisirayeli.
28 The whole assembly bowed, the singers sang, the trumpeters sounded, until the burnt offering was finished. Ikoraniro ryose rirunama rirasenga, mu gihe abaririmvyi bariko bararirimba bavuza n’inzamba. Ivyo birabandanya gushika bahejeje gutanga vya bimazi vyo guturirwa.
29 When the offering ended, the king and all present with him bowed and worshiped. Bahejeje gutanga ivyo bimazi, umwami n’abari ngaho bose barapfukama barasenga.
30 King Hezekiah and the officials had the Levites praise our Father with words from David and Asaph the seer. They sang for joy, bowed low, and worshiped. Umwami Hezekiya n’abakuru bari kumwe na we bategeka Abalewi guhimbaza Uhoraho bakoresheje amajambo ya Dawidi n’aya Asafu uwerekwa. Nuko baririmba indirimbo zo gutazira banezerewe, baca bunamika imitwe yabo barasenga.
31 Then Hezekiah said, "You have now dedicated yourselves to our Father. Come near, bring sacrifices and thank offerings to our Father's house." So the assembly brought sacrifices and thank offerings; all willing hearts brought burnt offerings. Maze Hezekiya aravuga ati: “Ubu rero mwamaze kwiyegurira Uhoraho. Nimuzane ibimazi n’amashikanwa y’ishimwe mu Ngoro y’Uhoraho.” Nuko ikoraniro ryose rizana ibimazi n’amashikanwa y’ishimwe, n’abandi bose bavyishakiye bazana n’ibimazi vyo guturirwa.
32 The assembly brought seventy bulls, one hundred rams, 200 lambs—all as a burnt offering to our Father. Igitigiri c’amashikanwa ikoraniro ryazanye cari amashuri y’inka mirongo indwi, impfizi z’intama ijana, n’imyagazi y’intama amajana abiri; vyose hamwe biba ibimazi vyo guturirwa bishikaniwe Uhoraho.
33 And the consecrated offerings were 600 bulls and 3,000 sheep. Ibitungwa vyose vyashikaniwe Uhoraho nk’ibimazi vyari amashuri y’inka amajana atandatu n’intama n’impene ibihumbi bitatu.
34 The priests were too few to skin all the burnt offerings, so their Levite brothers helped them until the work was done and until the priests made themselves holy; the Levites were more honest in heart to make themselves holy than the priests. Ariko Abaherezi bari bake cane ntibashobora kubaga vya bimazi vyose. Nuko bagenzi babo b’Abalewi barabafasha gushika igikorwa giheze, mbere gushika n’abandi baherezi barobanuwe, kuko Abalewi bashize umutima ku gukora ibitunganye kurusha abaherezi.
35 Besides the many burnt offerings, there was fat from peace offerings and drink offerings for them. So the service of our Father's house was restored. Hariho ibimazi vyo guturirwa vyinshi cane, hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe n’amashikanwa y’ibinyobwa aherekeza ivyo bimazi vyo guturirwa. Nuko igikorwa co mu Ngoro y’Uhoraho kiba kirasubijweho.
36 Hezekiah and all the people rejoiced over what our Father prepared for them, since it happened suddenly. Hezekiya n’abantu bose baranezerwa kubera ivyo Imana yari ishikije ku bantu bayo, kuko vyari bikozwe mu mwanya muto.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]