Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jehoshaphat king of Judah returned safely to his house in Jerusalem. Yehoshafati umwami w’i Buyuda atahutse amahoro ku kirimba iwe i Yerusalemu,
2 Jehu son of Hanani the seer met King Jehoshaphat and asked, "Should you help the wicked and love those who hate our Father? For this, wrath from our Father is on you. Yehu uwerekwa, mwene Hanani, aja kumusanganira, aca amubwira ati: “Mbega vyari bikwiye ko uja gutabara urya muntu mubi ugakunda abansi b’Uhoraho? Kubera ivyo, wihamagariye uburake bw’Uhoraho.
3 Still, good is found in you: you cleared the Asherah poles from the land and set your heart to seek our Father." Ariko, hariho iciza kiri muri wewe, kuko wakuye inkingi za Ashera mu gihugu kandi ugashira umutima wawe ku kurondera Imana.”
4 Jehoshaphat lived in Jerusalem, then went out again among the people, from Beersheba to Ephraim's hill country, turning them back to our Father, God of their ancestors. Yehoshafati aba i Yerusalemu, maze aragenda aja mu bantu baba i Berisheba mu misozi y’Abefurayimu abagarukana k’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.
5 He appointed judges in the land, in all the fortified cities of Judah, city by city. Ashiraho abacamanza mu gihugu, mu bisagara vyose bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda.
6 He told the judges, "See what you do—you judge not for people but for our Father, and he is with you in every case you decide. Ababwira ati: “Mumenye neza ivyo mukora, kuko mutariko mucira imanza abantu gusa, ariko muzica ku bw’Uhoraho, kandi ari kumwe namwe igihe muzica.
7 Now let fear of our Father be on you. Watch and act, for with our Father there is no injustice, no favoritism, no bribery." Nuko rero nimwubahe Uhoraho. Mwitonde mu guca imanza, kuko k’Uhoraho Imana yacu nta kurenganya canke guca iza ngondagonde, canke kurya ibiturire.”
8 Also in Jerusalem, Jehoshaphat appointed some Levites, priests, and heads of Israel's ancestral families to render the judgment of our Father and to settle disputes; they returned to Jerusalem. N’i Yerusalemu na ho nyene, Yehoshafati ashinga bamwe mu Balewi, abaherezi n’abakuru bo mu miryango y’Abisirayeli, ngo bakoreshe ivyagezwe vy’Uhoraho mu gutatura amatati; kandi baba i Yerusalemu.
9 He commanded them: "Act this way, in fear of our Father, faithfully and wholeheartedly. Abaha aya mategeko ati: “Muze mukore mu bwizigirwa n’imitima yanyu yose, mwubaha Uhoraho.
10 Whenever your brothers in their cities bring you a dispute—over bloodshed, or over law and commandment, statutes and rulings—warn them, so they don't incur guilt before our Father, bringing wrath on you and your brothers. Do this, and you will not incur guilt. Mu manza zose abavukanyi banyu b’Abisirayeli baba mu bisagara bazobazanira, zaba ari iz’amaraso canke ibindi bijanye n’ivyagezwe, amabwirizwa, amategeko n’ivyashinzwe, muze mubabwire ko badakwiye gucumura k’Uhoraho; bitari uko uburake bwiwe buzobazako mwebwe n’abavukanyi banyu. Muze mukore mutyo kugira ngo ntimucumure.
11 Now, Amariah the chief priest oversees you in every matter of our Father; Zebadiah son of Ishmael, leader of Judah's tribe, in every matter of the king. The Levites serve as officials before you. Be strong and act—may our Father be with those who do good." Amariya umuherezi mukuru ni we azobarongora mu bintu vyose vyerekeye Uhoraho. Zebadiya mwene Ishimayeli, umukuru w’umuryango wa Yuda, ni we azobarongora mu vyerekeye intwaro. Abalewi na bo bazoba abaraba ko ubutungane busasagaye. Mukorane umwete, kandi Uhoraho aze abane n’abazokora neza.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]