Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now Jehoshaphat had great riches and honor, and he allied himself with Ahab by marriage. Muri ico gihe Yehoshafati yari afise itunga ryinshi n’icubahiro cinshi, maze yifatanya na Ahabu biciye mu gusabira umuhungu wiwe umukobwa wa Ahabu.
2 Some years later he went down to Ahab in Samaria, where Ahab slaughtered many sheep and oxen for him and for the people who were with him, urging him to attack Ramoth-gilead. Haheze imyaka mikeya, Yehoshafati amanuka i Samariya kuramutsa Ahabu. Maze Ahabu abagira Yehoshafati n’abo bari kumwe intama nyinshi n’inka nyinshi, aca amusaba ngo bajane gutera i Ramoti Gileyadi.
3 Ahab king of Israel asked Jehoshaphat king of Judah, "Will you go with me to Ramoth-gilead?" He answered, "I am as you are, my people as yours; we join you in the war." Ahabu umwami wa Isirayeli abaza Yehoshafati umwami w’i Buyuda ati: “Mbega wojana nanje kugwanya ab’i Ramoti Gileyadi?” Yehoshafati amwishura ati: “Twe nawe turi bamwe, kandi abantu banje ni abawe; turifatanya namwe muri iyo ntambara.”
4 But Jehoshaphat said to the king of Israel, "First seek the word of our Father." Ariko Yehoshafati yongerako abwira umwami w’Abisirayeli ati: “Reka tubanze tugishe inama Uhoraho.”
5 So the king of Israel gathered the prophets, 400 men, and asked them, "Will we go to Ramoth-gilead for battle, or hold back?" They said, "Go up, for God will hand it over to the king." Nuko umwami w’Abisirayeli akoranya abavugishwa; bose hamwe bari abagabo amajana ane. Araheza ababaza ati: “Mbega mubona twoja gutera i Ramoti Gileyadi, canke tureke?” Barishura bati: “Nimugende, kuko Imana izohatanga mu kuboko kwawe mwami.”
6 But Jehoshaphat said, "Is there not still a prophet of our Father here whom we can consult?" Ariko Yehoshafati arabaza ati: “Mbega ngaha nta muvugishwa w’Uhoraho n’umwe akihari twobaza?”
7 Israel's king told Jehoshaphat, "One man remains through whom we can ask our Father, but I hate him—he never prophesies good about me, only bad. He is Micaiah son of Imlah." Jehoshaphat replied, "The king shouldn't say that." Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati ati: “Haracariho uwundi muvugishwa umwe yotubariza Uhoraho, ariko ndamwanka kuko atigera avugishwa ivyiza kuri jewe, atari ibibi. Ni Mikaya mwene Imula.” Yehoshafati aramwishura ati: “Umwami ntakwiye kuvuga atyo.”
8 Then the king of Israel summoned an officer and said, "Bring Micaiah son of Imlah quickly." Nuko umwami w’Abisirayeli ahamagara umwe mu batware biwe amubwira ati: “Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula.”
9 The king of Israel and Jehoshaphat king of Judah sat each on his throne, dressed in robes, on the threshing floor at the entrance of Samaria's gate, with all the prophets prophesying before them. Ahabu umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’i Buyuda, bari bambaye amakanzu yabo y’inyambarabami, bicara ku ntebe z’ubwami ku mbuga yo gusekurirako ingano iri kw’irembo ry’i Samariya, abavugishwa bavugishirizwa imbere yabo.
10 Zedekiah son of Chenaanah made iron horns and said, "God says: 'With these you will gore the Arameans until they are destroyed.'" Maze Zedekiya mwene Kenayana yari yarakoze amahembe y’icuma, aca avuga ati: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Aya ni yo uzokwicisha Abasiriya gushika ubaranduye.’ ”
11 All the prophets prophesied the same, saying: "Go up to Ramoth-gilead and win; our Father will hand it to the king." Abandi bavugishwa bose na bo nyene bavugishwa ukwo nyene, bati: “Genda utere i Ramoti Gileyadi, uzohatsinda, kuko Uhoraho azohatanga mu maboko y’umwami.”
12 The messenger sent to summon Micaiah told him, "The prophets' words all favor the king. Let yours match theirs—speak favorably." Ya ntumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubwira iti: “Raba abandi bavugishwa bose bahurije hamwe nk’umuntu umwe mu kuvugishwa intsinzi y’umwami. Ijambo ryawe rero rize kumera nk’iryabo, uvuge ivyiza.”
13 But Micaiah said, "As surely as our Father lives, I will say only what my Father says." Ariko Mikaya amwishura ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ico Imana imbwira ni co nja kuvuga.”
14 When he came, the king said, "Micaiah, will we go to battle at Ramoth-gilead, or will I hold back?" He said, "Go up and win; they'll be handed to you." Ashitse, umwami aramubaza ati: “Mikaya, mbega tuje gutera i Ramoti Gileyadi, canke tureke?” Aramwishura ati: “Genda uhatere kandi uzotsinda, kuko hazotangwa mu maboko yawe.”
15 But the king said to him, "How many times must I make you swear to tell me only the truth in the name of our Father?" Umwami aca amubwira ati: “Nzogeza ryari kukurahiza kugira ngo ntihagire ikindi umbwira atari ukuri mw’izina ry’Uhoraho?”
16 Micaiah said, "I saw all Israel scattered on the mountains, like sheep without a shepherd. And our Father said, 'They have no master; let each return home in peace.'" Mikaya amwishura ati: “Mu kwerekwa nabonye Abisirayeli bashwiragiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere, Uhoraho aca ambarira ati: ‘Abo bantu ntibagira shebuja. Barungike umwe wese atahe mu rugo rwiwe amahoro.’ ”
17 Israel's king said to Jehoshaphat, "Didn't I tell you he'd prophesy nothing good about me, only evil?" Umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati ati: “Sinakubwiye ko atigera avugishwa iciza na kimwe kuri jewe, atari ibibi gusa?”
18 Micaiah said, "Then hear the word of our Father: I saw our Father seated on his throne, all heaven's armies standing at his right and left. Mikaya arabandanya ati: “Nuko niwumve ijambo ry’Uhoraho: Nabonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami ari kumwe n’ingabo zo mw’ijuru zihagaze i buryo n’i bubamfu bwiwe.
19 And our Father said, 'Who will entice Ahab king of Israel to go up and fall at Ramoth-gilead?' One said this, another that. Maze Uhoraho avuga ati: ‘Ni nde yokwosha Ahabu umwami w’Abisirayeli ngo aje gutera i Ramoti Gileyadi kugira ngo aze yicirweyo?’ Umwe akavuga ibi, uwundi ibindi.
20 A spirit came forward, stood before our Father, and said, 'I will entice him.' And our Father asked him, 'How?' Mu nyuma ni ho haza impwemu ihagarara imbere y’Uhoraho, imubwira iti: ‘Jewe nomwosha!’ Uhoraho ayibaza ati: ‘Uzobikora gute?’
21 He said, 'I will go out and be a lying spirit in the mouth of all his prophets.' Then our Father said, 'You will lure him and also prevail. Go out and do so.' Na yo yishura iti: ‘Nzosohoka mbe impwemu yo kubesha mu kanwa k’abavugishwa biwe bose.’ Uhoraho ayibwira ati: ‘Ni vyo, uzoshobora kumwosha! Genda ubikore.’
22 So now, our Father has put a lying spirit in the mouth of these prophets of yours, and our Father has declared disaster against you." None rero, ehe raba Uhoraho yashize impwemu yo kubesha mu kanwa k’abavugishwa bawe, kuko yamaze gufata ingingo yo kugusukako ivyago.”
23 Then Zedekiah son of Chenaanah came up, struck Micaiah on the cheek, and said, "Which way did the Spirit of God go from me to speak to you?" Nuko Zedekiya mwene Kenayana ava hasi akubita ikofe Mikaya. Amubaza ati: “Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye mu yihe nzira iva kuri jewe iza kuvugana nawe?”
24 Micaiah said, "You'll see it that day when you go into an inner room to hide." Mikaya amwishura ati: “Uzobimenya umusi uzobura aho winyegeza, ukajarajara uva mu cumba kimwe uja mu kindi.”
25 The king of Israel said, "Take Micaiah back to Amon the city governor and to Joash the king's son, Umwami w’Abisirayeli atanga itegeko ati: “Nimumufate, mumujane kwa Amoni umukuru w’igisagara no kwa Yowashi umwana w’umwami.
26 and say, 'The king says: Put this man in prison on meager rations of bread and water until I return safely.'" Mubabwire muti: ‘Umwami avuze ngo: Uyu mugabo nimumushire mw’ibohero, ntihagire ikindi mumugaburira atari umukate n’amazi vy’inticantikize, gushika aho nzogarukira amahoro mvuye ku rugamba.’ ”
27 Micaiah said, "If you ever return safely, our Father has not spoken through me." Then he said, "Listen, all you people!" Mikaya na we aca avuga ati: “Niwagaruka amahoro, nzoba ntavugishijwe n’Uhoraho!” Yongera abwira abari ngaho ati: “Yemwe bantu mwese, muraba muvyumvise!”
28 So the king of Israel and Jehoshaphat king of Judah went up to Ramoth-gilead. Nuko umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’i Buyuda baraduga baja gutera i Ramoti Gileyadi.
29 The king of Israel said to Jehoshaphat, "I will disguise myself and go into battle, but you wear your robes." So the king of Israel disguised himself, and they went into battle. Umwami wa Isirayeli abarira Yehoshafati ati: “Nja kwinjira mu rugamba niyoberanije, ariko wewe ugume wambaye impuzu zawe z’inyambarabami.” Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya baja ku rugamba.
30 The king of Aram had ordered his chariot captains, "Fight no one, small or great, but only the king of Israel." Umwami w’i Siriya ategeka abarongora abagwanira ku mikogote yiwe mirongo itatu na babiri ati: “Ntihagire uwundi muntu n’umwe mutera, yaba muto canke mukuru, atari umwami w’Abisirayeli.”
31 When the chariot captains saw Jehoshaphat, they said, "That is Israel's king," and turned to fight him. But Jehoshaphat cried out, and our Father helped him, drawing them away from him. Ba bakuru b’abagwanira ku mikogote babonye Yehoshafati, baribwira bati: “Nta gukeka, uwu ni we mwami w’Abisirayeli.” Nuko barahindukira ngo bamutere, ariko Yehoshafati arataka, Uhoraho aramutabara. Imana ibigiza kure yiwe,
32 When the chariot captains saw he was not Israel's king, they stopped chasing him. kuko aho abatwara umukogote baboneye ko atari umwami w’Abisirayeli, baciye bareka kumukurikira.
33 A man drew his bow at random and struck the king of Israel between the joints of his armor. He told his chariot driver, "Turn around and get me out of the fighting; I'm wounded." Ariko umuntu umwe afora umuheto apfa kurasa, aca agema umwami w’Abisirayeli aho ivyuma bimukingira bihurira. Umwami aca abwira uwatwara umukogote wiwe ati: “Hindukira unkure mu rugamba, ndakomeretse.”
34 The battle raged that day. Israel's king was held up in his chariot facing the Arameans until evening, then died at sunset. Ariko kuri uwo musi, urugamba rurushiriza gukomera, maze umwami w’Abisirayeli bapfa kumushigikirira aho nyene mu mukogote, aguma ameze nk’uwuhanganye n’Abasiriya kugeza ku mugoroba; maze nko ku kirengazuba aracikana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]