Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Later, Moabites and Ammonites, with some Meunites, came to make war on Jehoshaphat. Inyuma y’ivyo, Abanyamowabu n’Abamoni hamwe n’ab’i Mayoni bamwe, baja gutera Yehoshafati.
2 Messengers came and reported to Jehoshaphat, "A vast army comes against you from beyond the Dead Sea, from Edom, already at Hazazon-tamar" (En-gedi). Haza abantu babwira Yehoshafati bati: “Ingabo nyinshi ziraje kugutera zivuye muri Edomu, hakurya y’Ikiyaga c’Umunyu. Kandi bamaze gushika i Hazazoni-Tamari” ari ho Eni-Gedi.
3 Jehoshaphat was afraid, so he set himself to seek our Father, and proclaimed a fast throughout Judah. Yehoshafati aratinya, aca ahitamwo gusiguza Uhoraho, kandi ategeka ko Abayuda bose bisonzesha.
4 Judah gathered to seek our Father; from every town of Judah they came to seek him. Abantu b’i Buyuda bakoranira hamwe ngo barondere Uhoraho; kandi bari bavuye mu bisagara vyose vy’i Buyuda baje kurondera Uhoraho.
5 Then Jehoshaphat stood up in the assembly of Judah and Jerusalem, in our Father's house, before the new courtyard. Maze Yehoshafati ahagarara mw’ikoraniro ry’Abayuda n’ab’i Yerusalemu ku Ngoro y’Uhoraho, imbere y’imbuga nshasha,
6 He said: "O our Father, God of our ancestors, are you not our Father in heaven? You rule all kingdoms of nations. Power and might are in your hand; none can stand against you. avuga ati: “Yewe Uhoraho Mana ya ba sogokuruza, mbega si wewe Mana yo mw’ijuru? Uganza ubwami bwose n’amahanga yose. Ubushobozi n’inkomezi biri mu kiganza cawe, kandi nta woshobora kuguhagarara imbere ngo muhangane.
7 Our Father, didn't you drive out this land's people before your people Israel, giving it forever to Abraham your friend's descendants? Yewe Mana yacu, mbega ntiwirukanye ababa muri iki gihugu imbere y’abantu bawe b’Abisirayeli ukagiha uruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wawe?
8 They have lived in it and have built you a sanctuary in it for your name, saying, Barakibayemwo kandi bacubakamwo Ingoro yitirirwa Izina ryawe bavuga bati:
9 if disaster comes on us—sword of judgment, plague, or famine—we'll stand before this house and before you, for your name is in this house, and cry out to you in our distress, and you'll hear and save. ‘Icago nicadutera, yaba inkota yo kuducira urubanza, canke akaranda, canke ikigoyi, tuzohagarara imbere yawe imbere y’iyi Ngoro yitirirwa izina ryawe, maze tugutakambire mu ngorane zacu, nawe uzotwumva udukize.’
10 Now: Ammon, Moab, and Mount Seir—you would not let Israel invade them when they came from Egypt; Israel turned away from them and did not destroy them. None hariho abantu bavuye mu Bamoni, i Mowabu no ku musozi Seyiri, aho wankiye Abisirayeli ko bahatera igihe bava muri Egiputa; maze bica bituma bakevya ngo ntibabahonye.
11 See how they repay us, coming to drive us from the possession you gave us to inherit. Ariko raba ivyo batwishuye. Baje kudusohora ahantu waduhaye ngo habe inyegu yacu.
12 Our Father, won't you judge them? We're powerless against this vast army coming against us; we don't know what to do, but our eyes are on you." Ewe Mana yacu, mbega ntiwobacira urubanza? Kuko tudafise ubushobozi bwo guhangana n’iryo sinzi ry’ingabo zije kudutera. Ntituzi ico twokora, ariko amaso yacu tuyahanze wewe.”
13 All Judah stood there before our Father, with their little ones, their wives, and their children. Abayuda bose, abagore babo n’abana babo, abakuru n’abato, bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho.
14 Then our Father's Spirit came on Jahaziel son of Zechariah, son of Benaiah, son of Jeiel, son of Mattaniah, a Levite of Asaph's line, amid the assembly. Nuko Mpwemu w’Uhoraho aza kuri umwe mu bari muri iryo koraniro. Izina ryiwe ni Yahaziyeli mwene Zakariya, Zakariya wa Benaya, Benaya wa Yeyiyeli, Yeyiyeli wa Mataniya, Umulewi akomoka kuri Asafu.
15 He said: "Listen, all Judah, Jerusalem's residents, and King Jehoshaphat. This is what our Father says to you: Do not fear or be terrified by this vast army—the battle isn't yours but our Father's. Avuga ati: “Nimwumve, mwami Yehoshafati namwe ababa i Buyuda n’i Yerusalemu mwese! Uku ni ko Uhoraho ababwiye: ‘Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera izo ngabo nyinshi. Kuko intambara si iyanyu, ni iy’Imana.
16 Tomorrow go down against them: they're climbing the Ziz ascent; you'll find them at the valley's end, facing the Jeruel wilderness. Ejo muze mumanuke mubategere. Bazoba bariko baraduga baciye ku kadugo k’i Zizi, namwe muzobasanga bari aho ikiyaya kigarukira, mu bugaragwa bw’i Yeruweli.
17 You won't need to fight this battle. Take your places, stand firm, and watch our Father rescue you, Judah and Jerusalem. Don't fear or lose heart. March out against them tomorrow, for our Father is with you.'" Ntimuzorinda kugwana iyi ntambara. Muze mutonde urugamba muhagarare ku ruhande rwanyu; mushikame kugira ngo murabe ugutabarwa Uhoraho azobaha, mwebwe Abayuda n’ab’i Yerusalemu. Ntimutinye, ntimwihebure. Ejo muze musohoke muhangane na bo; kandi Uhoraho azoba ari kumwe namwe.’ ”
18 Jehoshaphat bowed face-down, and all Judah and Jerusalem's people fell in worship before our Father. Yehoshafati arunama ashika hasi, kandi n’Abayuda n’ab’i Yerusalemu barunama imbere y’Uhoraho, baramusenga.
19 Then the Levites from the Kohathites and Korahites stood to praise our Father, Israel's God, with a loud voice raised high. Maze Abalewi bamwe bo mu Bakohati no mu Bakorahi barahaguruka, bahimbaza Uhoraho Imana y’Abisirayeli n’ijwi rirenga.
20 At dawn they went out to Tekoa's wilderness. As they went out, Jehoshaphat stood and said, "Hear me, Judah and people of Jerusalem. Trust your Father and you'll stand firm; trust his prophets and you'll succeed." Mu gitondo kare, baragenda batumbereye ubugaragwa bw’i Tekowa. Bagisohoka, Yehoshafati arahagarara avuga ati: “Nimunyumvirize, yemwe Bayuda namwe ababa i Yerusalemu! Nimwizere Uhoraho Imana yanyu muzohagarara mushikamye; nimwizigire abavugishwa na we muzoronka intsinzi.”
21 After consulting the people, Jehoshaphat appointed singers to our Father to praise his holy splendor, marching ahead of the army: "Give thanks to our Father, for his faithful love endures forever." Amaze kubonana n’abantu, Yehoshafati aca ashiraho abantu bo kuririmbira Uhoraho no guhimbaza ubwiza bw’ukwera kwiwe, bagenda bararirimba bari imbere y’ingabo bavuga bati: “Nimushimire Uhoraho, kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.”
22 As they began to sing and praise, our Father set ambushes against the Ammonites, Moabites, and the people of Mount Seir who were attacking Judah, and they were struck down. Bagitangura kuririmba no guhimbaza, Uhoraho atega imitego ba Bamoni n’Abanyamowabu n’abo mu misozi y’i Seyiri bari baje gutera i Buyuda baca baratsindwa.
23 Ammon and Moab turned against Mount Seir's people to destroy and annihilate them; once Seir's people were finished, Ammon and Moab turned and slaughtered each other. Abamoni n’Abanyamowabu bava hasi bagwanya abo mu misozi y’i Seyiri ngo babice babamare. Bahejeje kwicisha inkota ab’i Seyiri, baca barasubiranamwo, baricana.
24 When Judah reached the wilderness lookout and looked toward the vast army, they saw only corpses fallen on the ground—no one had escaped. Abayuda bashitse aho umuntu abona neza mu bugaragwa, baravye za ngabo nyinshi, babona ni ibiziga birambaraye hasi gusa; ata n’umwe yarokotse.
25 Jehoshaphat and his people came to plunder the dead, finding abundant goods, clothing, and valuables—too much to carry, so gathering it took three days. Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baja gusahura ivyo bari bafise, basangamwo ibigwanisho vyinshi n’impuzu n’ibindi bikoresho vy’igiciro; biba vyinshi ku buryo batashobora kubitwarira rimwe. Kubera ko vyari vyinshi cane, bamaze imisi itatu yose bavyegeranya.
26 On day four, they gathered at the Valley of Beracah and praised our Father there—so it's named Valley of Beracah to this day. Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya c’i Beraka, bahimbaza Uhoraho. Ni co gituma citwa ikiyaya c’i Beraka gushika uwu musi.
27 All the men of Judah and Jerusalem, Jehoshaphat leading, returned there with joy, for our Father gave them joy over their enemies. Maze Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu, barongowe na Yehoshafati, basubira i Yerusalemu banezerewe, kuko Uhoraho yari yabahaye kwitamba hejuru abansi babo.
28 They entered Jerusalem with harps, lyres, and trumpets, and went to the house of our Father. Binjira i Yerusalemu, baja mu Ngoro y’Uhoraho bavuza inanga n’amakembe n’inzamba.
29 Fear of our Father fell on all the surrounding kingdoms when they heard our Father fought Israel's enemies. Ubwoba buvuye ku Mana bufata ubwami n’ibihugu bibakikuje, bamaze kwumva ingene Uhoraho yagwanije abansi b’Abisirayeli.
30 So Jehoshaphat's kingdom was at peace, for his Father gave him rest on every side. Maze ubwami bwa Yehoshafati buba amahoro, kuko Imana yiwe yari yamuhaye impore ku mpande zose.
31 Jehoshaphat reigned over Judah, crowned at thirty-five, twenty-five years in Jerusalem; his mother, Azubah daughter of Shilhi. Nuko Yehoshafati aganza i Buyuda. Yari afise imyaka mirongo itatu n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami w’i Buyuda, maze aganza imyaka mirongo ibiri n’itanu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Azuba umukobwa wa Shiluhi.
32 He walked in his father Asa's ways, never turning aside, doing right in our Father's eyes. Agendera mu nzira za se Asa, kandi ntiyakikama ngo azivemwo; akora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho.
33 Yet the high places stayed; the people still had not set their hearts on their ancestors' God. Ariko ntiyakuraho ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana biri ku mataba y’imisozi, kandi abantu ntibari bwashire imitima yabo ku Mana ya ba sekuruza.
34 Jehoshaphat's other acts, first to last, are in Jehu son of Hanani's records, found in the Book of Kings of Israel. Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehoshafati, uhereye ku ntango ugashika ku mpera, vyanditswe mu gitabu c’ivyagenda biraba canditswe na Yehu mwene Hanani, bikaba biri no mu gitabu c’abami ba Isirayeli.
35 Later Jehoshaphat king of Judah allied with Ahaziah king of Israel, who did evil. Mu nyuma Yehoshafati umwami w’i Buyuda agirana isezerano na Ahaziya umwami w’Abisirayeli, kandi uwo yari umwami mubi.
36 He joined with him to build a fleet of trading ships to go to Tarshish, built at Ezion-geber. Yemeranya na we ngo bubake amato yo kuja i Tarushishi kuzana ibidandazwa. Bamaze kwubaka i Eziyoni Geberi,
37 Eliezer son of Dodavahu of Mareshah prophesied against Jehoshaphat: "For allying with Ahaziah, our Father broke your work apart." The ships wrecked and couldn't sail to Tarshish. Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha avugishwa aburira Yehoshafati, avuga ati: “Ko wagiriraniye isezerano na Ahaziya, Uhoraho azosambura ivyo wubatse.” Ayo mato aca arameneka ntiyashobora kuja i Tarushishi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]