Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Samuel's word reached all Israel. Israel went to fight the Philistines, camped at Ebenezer; the Philistines camped at Aphek. Kandi amajambo ya Samweli yagenda ashikirizwa Abisirayeli bose. Muri ico gihe, Abisirayeli baja kugwana n’Abafilisitiya. Abisirayeli bakoranira ahitwa Ebenezeri, Abafilisitiya na bo bakoranira ahitwa Afeki.
2 The Philistines lined up against Israel; battle spread, Israel was defeated by the Philistines, who struck down about 4,000 men in the field. Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo zose kugira ngo baje gutera Abisirayeli. Intambara irakomera cane, maze Abisirayeli baneshwa n’Abafilisitiya, babicamwo abantu ibihumbi bine ku rugamba.
3 When the troops returned to camp, Israel's elders asked, "Why did our Father let the Philistines defeat us today? Let's bring our Father's covenant ark from Shiloh, so he may come among us and save us from our enemies." Abasoda bagarutse aho bari bacumbitse, abakuru b’Abisirayeli barabaza bati: “Ni kuki Uhoraho yatumye tuneshwa uwu musi imbere y’Abafilisitiya? Nimuze tuzane Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho iri i Shilo, kugira ngo ajane natwe adukize ukuboko kw’abansi bacu.”
4 So the people sent to Shiloh and brought the ark of the covenant of the Father of heaven's armies, seated above the cherubim. Eli's two sons, Hophni and Phinehas, were there with the ark of the covenant of our Father. Nuko abantu batuma intumwa i Shilo, baragenda bazana ya Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho Mushoboravyose, avyagiye ku ntebe y’ubwami hagati y’Abakerubi. Abahungu ba Eli babiri, Hofuni na Finehasi, bari kumwe n’Isandugu y’Isezerano y’Imana.
5 When the ark of our Father's covenant entered the camp, all Israel shouted so loudly the earth shook. Ya Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho ishitse aho bacumbitse, Abisirayeli bose barahaguruka biha akamo gakomeye kugeza aho isi inyiganyiga.
6 The Philistines heard the shout and asked, "What is this great shout in the Hebrew camp?" Then they knew our Father's ark had entered the camp. Abafilisitiya bumvise ako kamo, barabazanya bati: “Mbega ako kamo ko mu Baheburayo kavuye ku ki?” Bamaze kumenya ko ari kubera Isandugu y’Uhoraho ishitse aho bacumbitse,
7 The Philistines were afraid, for they said, "A god has entered the camp!" Then they said, "We're doomed—this never happened before. Abafilisitiya bagira ubwoba. Baravuga bati: “Imana yaje hagati muri bo. Turashize! Nta kintu nk’ico cari bwigere kibaho!
8 We're doomed! Who will save us from the hand of these mighty gods? These are the gods who struck the Egyptians with every plague in the wilderness. Turashize! Ni nde yodukiza ukuboko kw’izo mana zikomeye z’Abisirayeli? Izo ni zo zateje ivyago bikomeye cane Abanyegiputa igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa.
9 Be strong, Philistines! Be men, or you'll serve the Hebrews as they served you. Be men—fight! Yemwe Bafilisitiya nimushikame! Mube abagabo, atari aho na ho muca muba abagurano b’Abaheburayo, nk’uko na bo bahora ari abagurano bacu. Nimube abagabo, mugwane!”
10 Philistines fought; Israel was defeated, fleeing each to his tent. The slaughter was massive: 30,000 Israelite foot soldiers fell." Nuko Abafilisitiya baragwana, hanyuma Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira mw’ihema ryiwe. Abishwe bari benshi cane; uwo musi mu Bisirayeli hapfa abasoda ibihumbi mirongo itatu.
11 The ark of our Father was captured, and the two sons of Eli, Hophni and Phinehas, died. Isandugu y’Imana irafatwa, na Hofuni na Finehasi bene Eli barapfa.
12 A Benjamite ran from the battle line to Shiloh that day, clothes torn, dust on his head. Kuri uwo musi nyene, umuntu umwe wo mu muryango wa Benyamini ariruka ava ku rugamba aja i Shilo, yitabaguriyeko impuzu ziwe, yisutse n’umukungugu mu mutwe.
13 On arrival, Eli sat on his seat by the road watching, his heart trembling for the ark of our Father. The man entered the city, told it, and the whole city cried out. Ashitse asanga Eli yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, agerageza kwumva amakuru y’intambara, kuko yari ahagaritswe umutima n’Isandugu y’Imana. Uwo muntu yinjiye mu gisagara ababwira ivyabaye, abo muri ico gisagara bose baca bakoma induru.
14 When Eli heard the outcry he asked, "What is this uproar?" Then the man hurried over and told Eli. Eli yumvise iyo nduru aca abaza ati: “Mbega iyo nduru ni iy’iki?” Wa muntu yihutira kuja aho Eli yari ari.
15 Eli was ninety-eight years old, and his eyes had grown so dim that he could not see. Eli yari amaze imyaka mirongo icenda n’umunani, amaso yiwe yarahumye atakibona.
16 The man told Eli, "I came from the battle, fled the battle line today." Eli asked, "What happened, my son?" Nuko abwira Eli ati: “Mvuye ubu nyene ku rugamba; mpunze mvayo uwu musi nyene.” Eli aramubaza ati: “None vyagenze gute ga mwana wanje?”
17 The messenger answered, "Israel fled before the Philistines; also, heavy losses among the troops; also, your two sons Hophni and Phinehas are dead; and the ark of our Father was captured." Wa muntu yazanye inkuru arishura ati: “Abisirayeli bahunze imbere y’Abafilisitiya, kandi hapfuye abasoda benshi cane. Mbere n’abahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi bapfuye, n’Isandugu y’Imana bayitwaye.”
18 As he mentioned our Father's ark, Eli fell backward off his seat at the gate, broke his neck, and died—old and heavy. He had judged Israel forty years. Amaze kuvuga ivy’Isandugu y’Imana, Eli yikubita hasi atanguza umugongo avuye kuri ya ntebe yiwe aho yari ari i ruhande y’irembo. Izosi ryiwe riravunika aca arapfa, kuko yari ashaje kandi avyibushe cane. Yari amaze imyaka mirongo ine ari umucamanza w’Abisirayeli.
19 His daughter-in-law, Phinehas's wife, was pregnant, near delivery. Hearing our Father's ark seized and her father-in-law and husband dead, she crouched and gave birth, for pain overwhelmed her. Umukazana wiwe, muka Finehasi, yari afise inda igeze kuvuka, yumvise iyo nkuru ko Isandugu y’Imana yafashwe kandi ko sebukwe n’umugabo wiwe bose bapfuye, afatwa n’ibise aca aravyara, ariko agira umubabaro urenze urugero.
20 As she lay dying, the women beside her said, "Don't be afraid, for you've borne a son." But she didn't answer or notice. Ari ku mpfiro, abakirizi baravuga bati: “Ntiwihebure; uvyaye umuhungu.” Ariko ntiyagira ico yishura canke ngo anavyiteho.
21 She named the boy Ichabod, saying, "The glory has departed from Israel"—over the capture of our Father's ark, her father-in-law, and her husband. Yita uwo muhungu Ikabodi, risigura ngo: “Icubahiro kivuye kuri Isirayeli,” kuko bafashe Isandugu y’Imana kandi sebukwe n’umugabo wiwe bakaba bapfuye.
22 She said, "The glory has left Israel, for our Father's ark is captured." Aravuga ati: “Icubahiro cavuye kuri Isirayeli ko Isandugu y’Imana yafashwe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]