Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The Philistines had captured the ark of our Father, and they brought it from Ebenezer to Ashdod. Abafilisitiya bamaze gufata Isandugu y’Imana, bayikura i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.
2 The Philistines took our Father's ark, brought it into Dagon's temple, and set it beside Dagon. Batwara iyo Sandugu mu ngoro y’ikigirwamana Dagoni baca bayishira hambavu ya Dagoni.
3 When Ashdod's people rose early next morning, Dagon lay face-down on the ground before the ark of our Father. They took Dagon and set him back in place. Ariko, umusi ukurikira mu gitondo, abantu b’i Ashidodi, baravye babona ico kigirwamana Dagoni caguye cubamye hasi imbere ya ya Sandugu y’Uhoraho! Baca bafata ico kigirwamana Dagoni bagisubiza mu kibanza caco.
4 When they rose early the next morning, Dagon had again fallen face-down on the ground before the ark of our Father. This time his head and both hands lay broken off on the threshold; only his body remained. Bukeye mu gitondo bavyutse, babona ico kigirwamana Dagoni cubamye imbere y’Isandugu y’Uhoraho, umutwe waco n’ibikonjo vyaco vyacitse birambaraye mu rwinjiriro; umutumba waco usigaye uri wonyene.
5 So to this day Dagon's priests and all who enter Dagon's temple in Ashdod do not step on Dagon's threshold. Ni co gituma gushika n’ubu ata muherezi wa Dagoni canke uwundi muntu yinjira mu ngoro ya Dagoni iri i Ashidodi ashobora gukandagira mu rwinjiriro.
6 The hand of our Father pressed heavily on the people of Ashdod. He devastated them and struck them with tumors—Ashdod and its surrounding territory. Ukuboko kw’Uhoraho kwari guhanamiye abantu b’i Ashidodi n’imihana ihakikije; kuko kwabateza ivyago n’ibihute.
7 When the men of Ashdod saw this, they said, "The ark of Israel's God must not stay with us; his hand is hard on us and on Dagon our god." Abantu b’i Ashidodi babonye ibibaye, baravuga bati: “Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntishobora kuguma hano muri twebwe, kuko ukuboko kwayo kugomba kuturandura twebwe n’imana yacu Dagoni.”
8 They summoned all the Philistine rulers and asked, "What do we do with the ark of the God of Israel?" "Move the ark of the God of Israel to Gath," they answered. So they moved the ark of the God of Israel there. Nuko batumako abatware bose b’Abafilisitiya barababaza bati: “Iyi Sandugu y’Imana y’Abisirayeli tuyigire dute?” Na bo barabishura bati: “Iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli nimuyimurire i Gati.” Nuko barayimura.
9 After they moved it, the hand of our Father came against that city too, causing a very great panic. He struck its people, young and old, and tumors broke out on them. Ariko bamaze kuyimura, ukuboko kw’Uhoraho kubangamira abantu b’ico gisagara, bituma bacika ivutu rwose. Abantu b’ico gisagara, uhereye ku bakiri bato ukageza ku bashaje, bose baterwa n’ibihute.
10 So they sent the ark of our Father to Ekron. But as it arrived, the people of Ekron cried out, "They've brought the ark of the God of Israel to us to kill us and our people!" Nuko baca barungika iyo Sandugu y’Imana i Ekuroni. Ya sandugu igiseruka i Ekuroni, abantu baho bose bakoma induru bati: “Bazanye ya Sandugu y’Imana y’Abisirayeli muri twebwe kugira ngo itwicane n’abacu.”
11 So they gathered all the Philistine rulers and said, "Send the ark of Israel's God away; let it return to its place, so it won't kill us and our people." A deadly panic had gripped the whole city; our Father's hand lay very heavy there. Nuko baca batumako abatware bose b’Abafilisitiya baravuga bati: “Nimwirukane iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli; muyisubize aho yahora, bitari uko na ho izotumara twebwe n’abantu bacu.” Abantu bo muri ico gisagara bari bacitse ivutu rwose, kubera ubwoba, batinya gupfa; kuko ukuboko kw’Imana kwari kubangamiye ico gisagara.
12 Those who did not die were struck with tumors, and the city's cry for help went up to heaven. Abatapfuye bafashwe n’ibihute birabasesereza cane, gushika aho amaborogo y’abo muri ico gisagara aduga agashika mw’ijuru.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]