Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The ark of our Father stayed in Philistine territory for seven months. Iyo Sandugu y’Uhoraho imaze mu gihugu c’Abafilisitiya amezi indwi,
2 The Philistines called the priests and fortune-tellers: "What should we do with the ark of the LORD? Tell us how to send it back to its place." Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abapfumu barababaza bati: “Iyi Sandugu y’Uhoraho tuyigire dute? Tubwire uko twoyirungika igasubira iyo yaje iva.”
3 They said, "If you send back the ark of Israel's God, don't send it empty, but by all means return him a guilt offering. Then you'll be healed and know why his hand hasn't turned from you." Barabishura bati: “Nimwasubiza iyo Sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuyirungike igaragara, ariko muyirungikane n’ikimazi co kwisaba, kugira ngo mukire ivyo vyago. Nimwakira, muzoca mumenya ko ivyo vyago mwabiterwa n’ukuboko kwayo.”
4 "What guilt offering should we return to him?" they asked. They replied, "Five gold tumors and five gold mice, matching the number of the Philistine rulers, since the same plague struck you all and your rulers." Abafilisitiya barababaza bati: “Ni ikihe kimazi co kwisaba twoyishikanira?” Barabishura bati: “Ni ibihute bitanu bicuzwe mu nzahabu n’imbeba zitanu zicuzwe mu nzahabu, nk’uko igitigiri c’abatware b’Abafilisitiya kingana, kuko ivyo vyago vyabateye mwebwe n’abatware banyu bose.
5 "Make images of your tumors and of the mice ravaging the land; give glory to Israel's God. Maybe he'll lift his hand from you, your gods, and your land. Mucure ibishushanyo vy’ivyo bihute n’izo mbeba biriko biratikiza igihugu, hanyuma mubirungikire iyo Mana y’Abisirayeli muyihe icubahiro. Kumbure yobagirira ikigongwe ikabakurako ukuboko kwayo kubahanamiye mwebwe n’imana zanyu n’igihugu canyu.
6 Why harden your hearts like Egypt and Pharaoh did? Didn't they, after he dealt harshly with them, finally let the people go on their way?" Ni kuki mukomantaza imitima yanyu nka kumwe Abanyegiputa na Farawo bagira? Mbega iyo Mana imaze kubahana bikomeye, ntibahavuye barekura Abisirayeli bakigira?
7 "Now get a new cart and two nursing cows never yoked. Hitch the cows to the cart, but take their calves away from them and pen them up. Nuko rero, nimurondere umukogote mushasha, n’inka zibiri zonsa kandi zitigeze zambikwa ingogo, muheze muziremeke uwo mukogote, ariko inyana zazo muzisubize mu ruhongore.
8 Take the LORD's ark, put it on the cart, and place in a box beside it the gold objects you're returning to him as a guilt offering. Then send it off. Mwakire ya Sandugu y’Uhoraho muyishire kuri wa mukogote, mushire i ruhande yayo akandi gasandugu karimwo vya bihute na za mbeba bicuzwe mu nzahabu mwateguye kumushikanira nk’ikimazi co kwisaba, hanyuma muce mureka izo nka zigende,
9 Watch: if it goes up the road to its own territory, to Beth-shemesh, he brought this great disaster on us. If not, we'll know his hand didn't strike us—it was chance." ariko muzikurikize amaso. Nizaduga zija mu gihugu ca Isirayeli, zikagenda zerekeye i Beti-Shemeshi, azoba ari Uhoraho yaduteje ibi vyago. Ariko nibitaba uko, tuzoca tumenya ko atari ukuboko kw’Uhoraho kwadukubise, ko ivyadushikiye ari ivyizanye gutyo gusa.”
10 The men did so: took two nursing cows, tied them to the cart, penned their calves at home. Nuko bakora uko nyene. Bafata za nka baziboherako wa mukogote baca basubiza inyana zazo mu ruhongore.
11 They put the ark of our Father and the box holding gold mice and images of their tumors on the cart. Bashira ya Sandugu y’Uhoraho ku mukogote hamwe na ka gasandugu karimwo za mbeba zicuzwe mu nzahabu na vya bimenyetso vy’ibihute.
12 The cows went straight toward Beth-shemesh, staying on one road, mooing, turning neither right nor left. Philistine rulers followed them to Beth-shemesh's border. Nuko za nka zigenda zerekeye i Beti-Shemeshi, zitumbereye inzira kandi zigenda zabira inzira yose; ntizahindukira i buryo canke i bubamfu. Abatware b’Abafilisitiya barazikurikira gushika zigeze ku rubibe rw’i Beti-Shemeshi.
13 Beth-shemesh people, harvesting wheat in the valley, looked up, saw the ark, and rejoiced to see it. Abantu b’i Beti-Shemeshi bariko barimbura ingano mu kiyaya, bunamutse babona ya Sandugu y’Uhoraho, banezerezwa cane no kuyibona.
14 The cart reached Joshua's field at Beth-shemesh and stopped beside a large stone. They split the cart's wood and offered the cows as a burnt offering to our Father. Uwo mukogote uraza ushika mu murima wa Yosuwa w’i Beti-Shemeshi, uhagararaho i ruhande y’igitandara kinini. Abantu baca basatagura ibiti bigize wa mukogote baca batanga za nka kw’ikimazi co guturirwa bagishikanira Uhoraho.
15 The Levites took down our Father's ark and the box beside it holding the gold objects, setting them on the large stone. That day Beth-shemesh's people offered burnt offerings and sacrifices to our Father. Abalewi bururutsa ya Sandugu y’Uhoraho, na ka gasandugu karimwo vya bintu bicuzwe mu nzahabu, babirambika kuri ca gitandara kinini. Kuri uwo musi abantu b’i Beti-Shemeshi bashikanira Uhoraho amashikanwa aturiwe n’ibimazi.
16 The five rulers of the Philistines saw all this and returned to Ekron that same day. Ba bakuru batanu b’Abafilisitiya babonye ivyo vyose baca basubira i Ekuroni kuri uwo musi nyene.
17 Gold tumors the Philistines returned to our Father as a guilt offering: one each for Ashdod, Gaza, Ashkelon, Gath, and Ekron. Vya bihute bicuzwe mu nzahabu Abafilisitiya barungitse nk’ikimazi co kwisaba bashikaniye Uhoraho vyatanzwe n’abakuru b’ibisagara vya Ashidodi, Gaza, Ashikeloni, Gati na Ekuroni.
18 The gold mice numbered all the Philistine towns of the five rulers—fortified towns and open villages alike. The large stone where they set the ark of our Father stands as a witness today in the field of Joshua of Beth-shemesh. Igitigiri ca za mbeba zicuzwe mu nzahabu cangana n’igitigiri c’ibisagara vy’i Bufilisitiya vyatwarwa n’abatware batanu, ibisagara bizitijwe inzitiro n’imihana ihakikije. Ico gitandara kinini, bateretseko iyo Sandugu y’Uhoraho, ni icabona c’ivyabaye gushika n’uno musi aho kiri mu murima wa Yosuwa w’i Beti-Shemeshi.
19 But our Father struck down some men of Beth-shemesh for looking into the ark of the covenant, killing seventy of them. The people mourned because he had struck them with so great a blow. Ariko Uhoraho ahana abantu bamwe b’i Beti-Shemeshi, yica mirongo indwi muri bo kuko baravye mw’Isandugu y’Uhoraho. Abantu barabagandarira bababajwe n’uko Uhoraho yari yabahanye bikomeye.
20 The men of Beth-shemesh said, "Who can stand before our Father, this holy God? And to whom will the ark go up away from us?" Abantu b’i Beti-Shemeshi barabazanya bati: “Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyo Mana itunganye? Mbega iyi sandugu twoyijana kwa nde ngo tuyikure hano?”
21 They sent messengers to Kiriath-jearim's people: "The Philistines returned our Father's ark. Come down, bring it up to you." Baca barungika intumwa ku bantu b’i Kiriyati-Yeyarimu, bavuga bati: “Abafilisitiya bagarukanye ya Sandugu y’Uhoraho. Nimumanuke muyidugane iwanyu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]