Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The men of Kiriath-jearim came, took the ark of our Father, brought it to Abinadab's house on the hill, and dedicated his son Eleazar to guard the ark of our Father. Nuko abantu b’i Kiriyati-Yeyarimu badugana iyo Sandugu y’Uhoraho, bayijana mu rugo kwa Abinadabu rwari ku gasozi, baca barobanura Eliyezeri umuhungu wiwe kugira ngo yiteho iyo Sandugu y’Uhoraho.
2 From the day the ark came to rest at Kiriath-jearim, a long time passed—twenty years—and the whole house of Israel mourned and sought after our Father. Iyo Sandugu y’Uhoraho imara igihe kirekire kingana n’imyaka mirongo ibiri yose, ikiri i Kiriyati-Yeyarimu. Muri ico gihe, Abisirayeli bose batakambira Uhoraho bababaye kuko bumva umenga Uhoraho yarabahevye.
3 Then Samuel spoke to the whole house of Israel: "If you're returning to our Father with all your heart, remove the foreign gods and the Ashtaroth from among you, set your hearts on our Father, and serve him alone—and he will rescue you from the Philistines." Maze Samweli abwira Abisirayeli bose ati: “Nimwaba mugarutse k’Uhoraho n’imitima yanyu yose, nimwitandukanye n’ibigirwamana vy’amahanga hamwe n’ibishushanyo vya Ashitaroti, mwiyegurire Uhoraho kandi mumukorere wenyene, na we azobakiza abakure mu maboko y’Abafilisitiya.”
4 So Israel's people removed the Baals and Ashtaroth, and served our Father alone. Nuko Abisirayeli bitandukanya n’ibigirwamana Bayali na Ashitaroti, bakorera Uhoraho wenyene.
5 Then Samuel said, "Gather all Israel at Mizpah, and I will pray to our Father for you." Hanyuma Samweli aravuga ati: “Nkoraniriza Abisirayeli bose i Misipa nanje ndabasengera k’Uhoraho.”
6 They gathered at Mizpah, drew water, poured it before our Father, fasted that day, and confessed, "We have sinned against our Father." Samuel judged Israel at Mizpah. Bamaze gukoranira i Misipa, bavoma amazi bayasuka imbere y’Uhoraho. Kuri uwo musi barisonzesha maze baratura bati: “Twaracumuye k’Uhoraho.” Aho i Misipa ni ho Samweli yakorera nk’umucamanza w’Abisirayeli.
7 The Philistines heard that the Israelites had gathered at Mizpah, and the Philistine rulers marched up against Israel. The Israelites heard, and feared the Philistines. Abafilisitiya bamenye ko Abisirayeli bakoraniye i Misipa, abatware b’Abafilisitiya baca baduga kubatera. Abisirayeli na bo bavyumvise, baca baterwa n’ubwoba bwinshi kubera abo Bafilisitiya.
8 The Israelites said to Samuel, "Don't stop crying out to our Father for us, so he'll save us from the Philistines." Babwira Samweli bati: “Ntuhagarike gutakambira Uhoraho Imana yacu ku bwacu, kugira ngo adutabare adukure mu maboko y’Abafilisitiya.”
9 Samuel took a nursing lamb and offered it as a whole burnt offering to our Father. Samuel cried out to our Father for Israel, and our Father answered him. Maze Samweli afata umwagazi w’intama uconka awushikanira wose Uhoraho kw’ikimazi co guturirwa n’umuriro. Atakambira Uhoraho kubw’Abisirayeli, Uhoraho aramwishura.
10 As Samuel offered the burnt offering, the Philistines advanced to attack Israel. But that day our Father thundered with a great voice against the Philistines, threw them into panic, and they were defeated before Israel. Samweli agitanga ca kimazi giturirwa n’umuriro, Abafilisitiya barabegereza ngo babahwikire. Ariko kuri uwo musi Uhoraho aturagarira hejuru y’Abafilisitiya nk’umuturagaro ukomeye, bacika ivutu kubera ubwoba, bituma Abisirayeli babatsinda.
11 Israel's men left Mizpah, chased the Philistines, and struck them down to below Beth-car. Abisirayeli baca bavuduka i Misipa bakurikira Abafilisitiya, bagenda barabicira mu nzira gushika musi y’igisagara ca Beti-Kari.
12 Then Samuel took a stone, set it up between Mizpah and Shen, and named it Ebenezer, saying, "Up to now our Father has helped us." Maze Samweli afata ibuye arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, bisigura ngo: “Gushika n’ubu Uhoraho aracadutabara.”
13 So the Philistines were subdued and did not invade Israel's territory again; our Father's hand opposed the Philistines throughout Samuel's lifetime. Nuko Abafilisitiya baratsindwa ntibasubira kwongera gutera Abisirayeli. Igihe cose Samweli yari akiriho, ukuboko kw’Uhoraho kwagumye guhanamiye Abafilisitiya.
14 Israel got back the cities Philistines had taken, from Ekron to Gath, recovering its territory from Philistine hands. Israel also had peace with the Amorites. Abisirayeli bigarurira ibisagara vyose vyari hagati y’i Ekuroni n’i Gati, ivyo Abafilisitiya bari barabanyaze, kandi Abisirayeli bigarurira n’intara yari ibegereye bayinyaze Abafilisitiya. Haba impore hagati y’Abisirayeli n’Abamori.
15 Samuel judged Israel all the days of his life. Nuko Samweli aguma ari umucamanza w’Abisirayeli imisi yose yabayeho.
16 He went year by year, circuiting Bethel, Gilgal, and Mizpah, judging Israel at all these places. Ku mwaka yama afata urugendo akava i Beteli aja i Gilugali gushika i Misipa, acira Abisirayeli imanza muri ivyo bice vyose.
17 So he went back to Ramah, his home, and judged Israel there. There he built an altar to our Father. Ariko yama ataha i Rama, ahari urugo rwiwe, kandi n’aho nyene yarahacira imanza z’Abisirayeli. Maze yubakira Uhoraho igicaniro aho nyene.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]