Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now when Samuel grew old, he appointed his sons as judges over Israel. Samweli ariko arasaza, aha abahungu biwe uburongozi, baba abacamanza b’Abisirayeli.
2 His firstborn son was Joel and his second was Abijah; they served as judges in Beersheba. Imfura yiwe yitwa Yoweli, uwa kabiri akitwa Abiya, kandi bakorera i Berisheba.
3 His sons did not follow his ways but chased dishonest gain, took bribes, and perverted justice. Ariko abahungu ba Samweli ntibakurikije akarorero ka se, kuko bakikamye bakarondera inyungu mbi, batangura kurya ibiturire no guca imanza zitabereye.
4 Then all the elders of Israel gathered together and came to Samuel at Ramah. Nuko abakuru bose bo mu Bisirayeli baja hamwe baja aho Samweli yari ari i Rama.
5 They said to him, "You're old, and your sons don't follow your ways. Now appoint a king to rule us, like all the nations." Baramubwira bati: “Raba urashaje, kandi abana bawe ntibakurikiza akarorero kawe; nuko rero turonderere umwami wo kuturongora, nk’uko bimeze mu yandi mahanga.”
6 Samuel was unhappy when they said, "Give us a king to govern us," and prayed to our Father. Ariko bamaze kuvuga bati: “Duhe umwami wo kuturongora,” ivyo bibabaza Samweli; aca asenga Uhoraho ngo amusobanuze.
7 Then our Father told Samuel, "Listen to the people in all they say to you; they haven't rejected you; they've rejected me as their king. Uhoraho aramubwira ati: “Niwemere ivyo vyose abantu bariko barakubwira; kuko si wewe banse, ni jewe banse ko nshishikara kuba umwami wabo.
8 As, since I brought them from Egypt until today, they've abandoned me, serving other gods—so they treat you. Uko bari bameze kuva igihe nabakura muri Egiputa gushika n’uwu musi, ni ko bakimeze, bama bantera ibitugu bakaja gukorera izindi mana, kandi nawe ni vyo bakugiriye.
9 Now listen to them, but warn them firmly and tell them how their king will rule." Ubu rero bumvirize; ariko ubagabishe, ubamenyeshe neza ivyo umwami azobaganza bazotegerezwa kumukorera.”
10 So Samuel told the people asking him for a king all the words of our Father. Nuko Samweli abwira abo bantu bariko baramusaba umwami amajambo yose Uhoraho yamubwiye.
11 He said, "This is what the king who reigns over you will do: he will take your sons for his chariots and horsemen, to run ahead of them. Ababwira ati: “Ibi ni vyo umwami azobaganza azobasaba ko mumukorera: azofata abahungu banyu abakoreshe ku mikogote no ku mafarasi yiwe, kandi bazohora bama bagenda bariruka imbere y’imikogote yiwe.
12 He will appoint for himself commanders of thousands and of fifties, some to plow his ground and reap his harvest, and others to make his weapons and chariot gear. Bamwe azobagira abo kuganza abasoda igihumbi, abandi abo kuganza abasoda mirongo itanu gutyo gutyo, abandi babe abo kumurimira amatongo yiwe no kwimbura ivyimburwa vyiwe, kandi abandi bazoba abo gucura ibigwanisho vy’intambara n’ibikoresho vy’imikogote yiwe.
13 He will take your daughters to be perfumers and cooks and bakers. Abakobwa banyu azobatwara babe abo guhingura ibimota neza, abatetsi n’abotsa imikate.
14 He will take your best fields, vineyards, and olive groves and give them to his servants. Azotwara imirima, imizabibu n’imyelayo vyanyu vyizavyiza, abihe abamukorera.
15 He will take a tenth of your grain and vineyards, giving it to his officials and servants. Azotwara ikigiracumi c’ingano zanyu n’imizabibu yanyu abihe abishikira biwe n’abamukorera.
16 He will take your male and female servants, best young men, and donkeys for his work. Abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa n’ivyiza vyo mu nka n’indogoba vyanyu azobitwara abikoreshe ivyiwe.
17 He will take a tenth of your flocks, and you yourselves will become his slaves. Azotwara ikigiracumi c’amasho yanyu, kandi namwe ubwanyu muzoba abagurano biwe.
18 When that day comes, you will cry out because of the king you chose for yourselves, but our Father will not answer you on that day." Uwo musi niwashika, muzotaka musaba icobakurako uwo mwami muriko murasaba, ariko Uhoraho ntazobishura.”
19 But the people refused to listen to Samuel. They said, "No! We want a king over us, Ariko abantu banka kwumviriza Samweli. Baravuga bati: “Oya, dushaka umwami wo kutuganza.
20 so we can be like all the nations, with our king ruling us, leading us out, fighting our battles." Natwe tuzoca tuba nk’ayandi mahanga, dufise umwami wo kuturongora kandi akatuja imbere tugiye kugwana mu ntambara.”
21 When Samuel heard all the words of the people, he repeated them to our Father. Maze Samweli yumvise ivyo abantu bavuze vyose, abibwira Uhoraho.
22 Our Father said to Samuel, "Listen to them; give them a king." Samuel then said to Israel's men, "Go, each to your own town." Uhoraho amwishura ati: “Kora ivyo bagusavye ubahe umwami.” Nuko Samweli abwira Abisirayeli ati: “Umuntu wese nasubire mu gisagara ciwe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]