Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The boy Samuel served our Father under Eli. In those days our Father's word was rare; visions were uncommon. Uwo muhungu Samweli akorera Uhoraho musi y’uburongozi bwa Eli. Kandi, muri iyo misi, kwumva ijambo ry’Uhoraho vyari imbonekarimwe; no kwerekwa kwari guke cane.
2 One day Eli lay in his usual place. His eyes had grown so weak he could not see. Ico gihe, Eli ntiyari akibona neza, amaso yiwe yari atanguye guhuma. Ijoro rimwe, Eli aja kuryama aho yari asanzwe aryama.
3 The lamp of our Father had not yet gone out; Samuel lay in the temple of our Father, where his ark was. Itara ry’Uhoraho ntiryari bwazime, kandi na Samweli yari aryamye mu Ngoro y’Uhoraho, impande y’Isandugu y’Imana.
4 Then our Father called to Samuel, and Samuel said, "Here I am." Maze Uhoraho ahamagara Samweli. Samweli aritaba ati: “Sabwe!”
5 He ran to Eli and said, "Here I am; you called me." Eli said, "I did not call you; go back and lie down." So he went and lay down. Aca yiruka iyo Eli ari aravuga ati: “Ndi hano; wampamagaye?” Ariko Eli aravuga ati: “Sinaguhamagaye, subira kuryama.” Nuko aragenda araryama.
6 Again our Father called, "Samuel!" Samuel got up, went to Eli, and said, "Here I am; you called me." "I didn't call, my son," Eli said. "Go back and lie down." Uhoraho asubira guhamagara ati: “Samweli!” Maze Samweli aravyuka aja iyo Eli ari aravuga ati: “Ndi hano; wampamagaye?” Eli aramwishura ati: “Mwana wanje, sinaguhamagaye; subira kuryama.”
7 Samuel did not yet know our Father; the word of our Father had not yet been revealed to him. Samweli ntiyari bwamenye Uhoraho kuko ntiyari bwumve ijambo rivuye k’Uhoraho.
8 So our Father called Samuel again, a third time. He got up, went to Eli, and said, "Here I am; you called me." Then Eli realized our Father was calling the boy. Uhoraho ahamagara Samweli ubugira gatatu, maze Samweli aravyuka aja iyo Eli ari aravuga ati: “Ndi hano; wampamagaye?” Maze Eli aca amenya ko ari Uhoraho ariko arahamagara uwo muhungu.
9 Eli told Samuel, "Go lie down. If he calls, say, 'Speak, my Father, for your servant is listening.'" So Samuel went and lay down in his place. Nuko Eli aca abwira Samweli ati: “Genda uryame, niyasubira kuguhamagara, uce uvuge uti: ‘Vuga, Uhoraho, kuko umusavyi wawe ndaguteze amatwi.’ ” Nuko Samweli aragenda araryama mu kibanza ciwe.
10 Then our Father came, stood there, and called as before: "Samuel! Samuel!" Samuel said, "Speak, for your servant is listening." Maze Uhoraho araza asubira guhamagara nk’uko yari yamye abigira ubwa mbere ati: “Samweli! Samweli!” Maze Samweli aravuga ati: “Vuga, kuko umusavyi wawe ndaguteze amatwi.”
11 Then our Father said to Samuel, "Watch—I'm about to do something in Israel that will make both ears of everyone who hears it ring. Nuko Uhoraho abwira Samweli ati: “Ehe, ngira nkore ikintu mu Bisirayeli kizotuma uwuzocumva wese agira iminzerere mu matwi.
12 That day I will carry out against Eli all I said about his family, start to finish. Ngiye gushitsa kuri Eli ivyo namuburiye vyose ko bizomubako n’umuryango wiwe, uhereye ku ca mbere gushika ku ca nyuma.
13 I told him I will judge his house forever for the sin he knew of: his sons blasphemed me, and he never stopped them. Naramuburiye ko ngiye gucira urubanza rw’ibihe vyose umuryango wiwe kubera icaha co gucokora Uhoraho asanzwe azi neza ko abahungu biwe bakora, ariko ntababuze.
14 So I have sworn to Eli's house: the guilt of Eli's house will never be atoned for by sacrifice or offering." Kubera ivyo nararahiye abo mu nzu ya Eli nti: ‘Icaha c’inzu ya Eli ntikizokwigera gitangirwa impongano yaba iy’ikimazi canke iy’ishikanwa.’ ”
15 Samuel lay down until morning, then opened the doors of our Father's house. But he was afraid to tell Eli the vision. Samweli asubira kuryama gushika mu gitondo aca yugurura imyango y’inzu y’Uhoraho, ariko aratinya kubwira Eli ivyo yabwiwe.
16 But Eli called him and said, "Samuel, my son." "Here I am," Samuel replied. Ariko Eli aramuhamagara amubwira ati: “Samweli mwana wanje.” Samweli arishura ati: “Sabwe!”
17 "What did he say to you?" Eli asked. "Don't hide it from me. May our Father punish you severely if you hide from me anything he told you." Eli aramubaza ati: “Mbega bwabundi, Uhoraho yakubwiye iki? Ntubimpishe. Imana ibiguhanire, kandi birushirije, niwaramuka umpishije na kimwe mu vyo yakubariye.”
18 Samuel told him everything and hid nothing from him. Eli said, "It is our Father; let him do what he thinks right." Nuko Samweli amubwira vyose, ata na kimwe amuhishije. Nuko Eli aravuga ati: “Ni Uhoraho; nakore ibibereye mu nyonga ziwe.”
19 Samuel grew up; our Father was with him, letting none of Samuel's words fall to the ground. Uhoraho abana na Samweli mu gukura kwiwe, kandi ijambo ryose Samweli yavuga Imana yararyubahiriza ikarishitsa.
20 All Israel, from Dan to Beersheba, knew Samuel was confirmed as a prophet of our Father. Kandi Abisirayeli bose uhereye i Dani ugushika i Berisheba bamenya ko Samweli ari uwuvugishwa n’Uhoraho w’ukuri.
21 Our Father continued to appear at Shiloh, because there he revealed himself to Samuel through his word. Uhoraho abandanya kwiyerekanira aho i Shilo, akiyereka Samweli biciye mw’ijambo ryiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]