Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hannah prayed: "My heart exults in my Father; my horn is high in my Father. My mouth speaks boldly against my enemies, for I rejoice in your rescue. Maze Hana asenga Uhoraho avuga ati: “Umutima wanje unezererewe Uhoraho; Uhoraho we wangize uwukomeye. Ubu ndafise ico nishura abansi banje, kuko nezerejwe n’ugutabara kwawe.
2 "There is none holy like our Father; there is none besides you; there is no rock like our Father. Nta wera nk’Uhoraho; nta wundi yoboneka i ruhande yawe; nta Gitandara gihwanye n’Imana yacu.
3 "Talk no more so very proudly; let no arrogance come from your mouth, for our Father is our Father of knowledge, and by him deeds are weighed. Nimureke kuvugana ubwibone, iminwa yanyu ntivuge ivyo kwishira hejuru, kuko Uhoraho ari Imana izi vyose, kandi ni yo ipima ibikorwa vyose ku munzane.
4 The bows of the mighty are shattered, but those who stumbled are armed with strength. Imiheto y’abagwanyi iravunaguritse, ariko abahoze ari abanyantegenke bambitswe inkomezi.
5 Those who were full hire themselves out for bread, but those who were hungry hunger no more. The barren woman has borne seven, but she who had many children is forlorn. Abari bafise ivyuzuye, babaye abacangero, bakorera ivyo barya kandi abahora bashonje, bashize inzara. Uwahora yitwa ingumba, avyaye abana indwi, ariko uwari afise abahungu benshi arakabiranye.
6 Our Father puts to death and brings to life; he brings down to the grave and raises up. Uhoraho ni we atuma umuntu apfa kandi ni we atuma abaho; ni we amanura bamwe i kuzimu, abandi akabakurayo.
7 Our Father makes poor and makes rich; he brings low and he lifts up. Uhoraho ni we atuma bamwe bakena, kandi ni we atuma abandi batunga; ni we acisha bugufi bamwe, agashira hejuru abandi.
8 He raises the poor from the dust and lifts the needy from the ash heap, to seat them with princes and give them a throne of honor. For the pillars of the earth belong to our Father, and on them he has set the world. Akura umugorwa mu mukungugu, ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu; akamwicarikana n’abakomeye, akamuha intebe y’icubahiro. Kuko imfatiro z’isi ari iz’Uhoraho; Kandi kuri zo ni ho yashinze isi.
9 "He guards the feet of his faithful ones, but the wicked are silenced in darkness; for not by strength does anyone prevail. Ni we azozigama ibirenge vy’abamukorera mu bwizigirwa, ariko abanyakibi bazokamanganira mu mwijima. Inkomezi z’umuntu si zo zituma anesha;
10 Those who oppose our Father will be shattered; he will thunder against them from heaven. Our Father will judge the ends of the earth; he will give strength to his king and lift high the horn of his anointed." abagwanya Uhoraho bazocika ubunywenywe. Iyisumbavyose izobaturagarirako iri mw’ijuru; Uhoraho azocira urubanza impera z’isi. Azoha inkomezi umwami yimitse kandi yongere inkomezi uwo yimikishije amavuta.”
11 Then Elkanah went home to Ramah, but the boy served our Father before Eli the priest. Hanyuma Elukana ataha iwe i Rama, ariko wa muhungu akorera Uhoraho ari musi y’uburongozi bwa Eli umuherezi.
12 Now the sons of Eli were worthless men; they did not know our Father. Abahungu ba Eli bari abantu babi; ntibubaha Uhoraho.
13 This was the priests' custom with the people: when anyone sacrificed, the priest's servant came while the meat boiled, a three-pronged fork in hand. Hariho ingeso abaherezi bari basigaye bafise y’uko igihe cose umuntu yaza gushikana ikimazi, umukozi w’umuherezi yaca azana icaruzo c’amenyo atatu mu minwe, akaza igihe inyama z’ico kimazi zikiriko ziratogotera ku ziko,
14 He'd jab it into the pot, kettle, cauldron, or pan; whatever the fork pulled up, the priest kept for himself. So they treated all Israelites coming to Shiloh. agaca yinjiza ca caruzo mu nkono canke mu kintu cose batetsemwo izo nyama, umuherezi agaca atwara izo ico caruzo caruye. Ivyo ni vyo bagirira Abisirayeli bose baza i Shilo.
15 Even before burning the fat, the priest's servant would come and tell the sacrificer, "Give meat to roast for the priest—he won't take boiled meat, only raw." Vyaranashika ko umukozi w’umuherezi aza ibinure vy’ikimazi bitaraturirwa n’umuriro ku gicaniro, akabwira uwariko arashikana ikimazi ati: “Zana inyama zo kwokereza umuherezi; ntashaka izimaze gutekwa, ashaka izikiri mbisi.”
16 If the man said, "Burn the fat first, then take what you want," he'd answer, "No, give it now, or I'll take it by force." Iyo uwo muntu yishuye ati: “Reka mbanze nturire ibinure vyazo, hanyuma uheze utware izo ugomba zose,” uwo mukozi yaca yishura ati: “Oya zizane ubu nyene; utazizanye naho, ndaziha ku nguvu.”
17 The young men's sin was very great before our Father, for they despised our Father's offering. Ico caha c’abo bahungu cari kinini cane mu nyonga z’Uhoraho, kuko bakengera ibimazi vyiwe.
18 But Samuel served before our Father, a boy dressed in a linen ephod. Ariko Samweli we naho yari akiri agahungu gatoya yakomeje gukorera Uhoraho. Yambara efodi yera nk’iyo abaherezi bambara.
19 Each year his mother made him a small robe and brought it when she went up with her husband for the yearly sacrifice. Uko umwaka utashe, nyina yama amushonera agakanzu gatoya akakamushira aduganye n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka.
20 Eli would bless Elkanah and his wife: "May our Father give you offspring by this woman instead of what she asked of him and gave to our Father." Then they went home. Imbere y’uko bataha, Eli yama aca ahezagira Elukana n’umugore wiwe, akavuga ati: “Uhoraho aguhe abana kuri uwu mugore kugira ngo baje mu gishingo c’uwu yasengeye agaca amuha Uhoraho.” Bagaca bataha.
21 Our Father cared for Hannah; she conceived and bore three sons and two daughters. The boy Samuel grew up before our Father. Kandi Uhoraho agirira ubuntu Hana; avyara abahungu batatu n’abakobwa babiri. Wa mwana Samweli na we abandanya akurira imbere y’Uhoraho.
22 Eli was very old. He kept hearing all his sons did to all Israel, and how they slept with the women serving at the entrance to the tent of meeting. Ico gihe Eli yari ashaje cane, ariko yarumva ivyo abahungu biwe bakorera Abisirayeli, ko baryamana n’abagore bakorera ibikorwa mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro.
23 He asked them, "Why act this way? I hear your evil deeds from all these people. Nuko akama ababwira ngo: “Ni kuki mukora ibintu nk’ivyo? Numva abantu bose babavuga ko mwigenza nabi.
24 No, my sons; the report I hear is not good—it's spreading among the people of our Father. Nimusigeho, bana banje! Inkuru numva ivugwa mu bantu b’Uhoraho si nziza.
25 If one sins against another, our Father may mediate for him. But if one sins against our Father, who can intercede for the sinner? Yet they ignored their father's voice, for our Father meant to kill them." Iyo umuntu acumuye ku wundi, Imana ishobora kubuzuriza; ariko umuntu acumuye k’Uhoraho, ni nde yomuvugira?” Ariko abahungu biwe ntibumvira impanuro za se, kuko Uhoraho yari yagabiye ko bategerezwa gupfa.
26 The boy Samuel kept growing in stature and in favor with our Father and with people. Samweli we abandanya gukura mu mubiri no kugira igikundiro k’Uhoraho no ku bantu.
27 A man of our Father came to Eli: "This is what our Father says: 'Did I not clearly reveal myself to your father's house while in Egypt, under Pharaoh's house? Nuko haza umuntu w’Imana ashikira Eli aramubwira ati: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Siniyeretse abo mu nzu ya so igihe bari bakiri muri Egiputa baganzwa na Farawo?’ ”
28 "I chose him from all the tribes of Israel as my priest—to go up to my altar, burn incense, wear an ephod before me. I gave your father's house all Israel's fire offerings. Natoranije so mu yindi miryango yose y’Abisirayeli ngo ambere umuherezi, ngo aje ku gicaniro canje, acane ibimota neza, kandi yambare efodi imbere y’inyonga zanje. Kandi nahaye abo mu nzu ya so ibimazi vyose vyoswa n’Abisirayeli.
29 Why do you kick at my sacrifice and offering I commanded for my dwelling, and honor your sons over me, growing fat on the best of every offering of my people Israel?' None ni kuki mukengera ikimazi canje n’ishikanwa ryanje? Ni kuki wubaha abahungu bawe ukabandutisha mu kwirira inyama z’indobanurwa z’ibimazi vyose ihanga ryanje ry’Abisirayeli batanze?
30 "So our Father of Israel declares: 'I said your house and your father's house would walk before me forever.' But now our Father declares: 'Never! I honor those who honor me; those who despise me I'll treat lightly.' “Nguku rero uko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nari narasezeranye ko inzu ya so ari yo izokorera imbere yanje ibihe vyose.’ Ubu rero Uhoraho avuze ati: ‘Ntibikabe!’ Abanyubaha ni bo nzokwubaha, ariko abankengera nanje nzobakengera.”
31 Days are coming when I cut off your strength and your father's house's strength, so none in your house reaches old age. Ehe igihe kiraje aho nzokwaka inkomezi wewe n’inzu ya so nkabaka ubuherezi, kugira ngo ntihabe hakibaho umuntu aramba mu ruvyaro rwawe,
32 You will see distress in my dwelling despite all the good done for Israel; never again an old man in your house. kandi uzoba mu mubabaro uri mu nzu yanje. Naho Abisirayeli bazogirirwa neza, mu ruvyaro rwawe ntihazokwigera hongera kuboneka umuntu aramba agashika mu zabukuru.
33 Yet I will not cut off every one of yours from my altar; one will be spared to weep out your eyes and grieve your heart, but all your descendants will die in the prime of life. Uwo nzosigaza adakuwe ku gicaniro canje azoba ari uwo kuguteza umubabaro no kukwihebuza, kandi abo mu ruvyaro rwawe bose bazopfa bakiri bato. Ariko abandi bose bazopfa bakiri mu myaka y’ubuto.
34 Your sign: your two sons, Hophni and Phinehas, will both die on the same day. “ ‘Ibizoba kuri Hofuni na Finehasi, abahungu bawe babiri, bizoba ikimenyetso c’ivyo, bazopfira umusi umwe.
35 I will raise up for myself a faithful priest who does what's in my heart and mind. I will build him a lasting house; he will walk before my anointed forever. Nzokwitorera uwuzombera umuherezi w’umwizigirwa, azokora ibiri ku mutima wanje no mu vyiyumviro vyanje. Kandi nzokomeza inzu y’ubuherezi bwiwe, baze bame bakorera imbere y’abami nasize amavuta ibihe vyose.
36 Everyone left in your house will come, bow to him for silver and a loaf of bread, saying, 'Attach me to some priestly office, so I can eat a piece of bread.'" Ico gihe umuntu wese wo mu muryango wawe azosigara azoza amwunamire kugira ngo amuhe igiceri kimwe c’ifeza n’akavunguka k’umukate kandi amwinginge ati: “Ntabara umpe ico nkora mu bikorwa vy’ubuherezi kugira ngo ndonke ico kurya.” ’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]