Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 There was a man from Ramathaim-zophim in the hill country of Ephraim named Elkanah son of Jeroham, son of Elihu, son of Tohu, son of Zuph, an Ephraimite. Habaye umugabo umwe yaba i Ramatayimu-Zofimu mu karere k’imisozi y’Abefurayimu, yitwa Elukana mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Elihu, Elihu mwene Tohu, Tohu mwene Zufi, wo mu muryango wa Efurayimu.
2 He had two wives, Hannah and Peninnah. Peninnah had children, but Hannah had none. Yari afise abagore babiri, umwe yitwa Hana uwundi yitwa Penina. Penina yari afise abana, ariko Hana ntiyagira n’umwe.
3 Each year he went up from his town to worship and sacrifice to the Father of heaven's armies at Shiloh, where Eli's two sons, Hophni and Phinehas, were priests of our Father. Uko umwaka utashe uwo mugabo yama ava mu gisagara c’iwabo akaduga gusenga no gushikanira Uhoraho Mushoboravyose ikimazi i Shilo, aho abahungu ba Eli babiri, Hofuni na Finehasi, bakorera nk’abaherezi b’Uhoraho.
4 When Elkanah sacrificed, he gave portions to his wife Peninnah and all her sons and daughters. Igihe cose hageze ko Elukana atanga ikimazi, yama aha imigabane y’inyama umugore wiwe Penina n’abahungu biwe n’abakobwa biwe bose.
5 But to Hannah he gave a double portion, because he loved her, though our Father had closed her womb. Ariko Hana we yamuha umugabane ungana incuro zibiri uwa Penina kuko yamukunda, naho Uhoraho yari yaramwimye uruvyaro.
6 Because our Father had closed her womb, her rival kept provoking her bitterly to make her miserable. Mukeba wiwe yama amucurira ngo amubabaze, kubera Uhoraho yari yaramwimye uruvyaro.
7 Year after year, whenever Hannah went up to the house of our Father, Peninnah provoked her, so she wept and would not eat. Ivyo vyabandanije gutyo uko imyaka yakurikirana. Igihe cose Hana yaja mu nzu y’Uhoraho, mukeba wiwe yama amucurira gushika aho arira ntagire n’ico afungura.
8 Her husband Elkanah asked her, "Hannah, why are you crying? Why won't you eat? Why is your heart sad? Am I not more to you than ten sons?" Elukana umugabo wiwe akamubwira ati: “Hana, ni kuki urira? Ni kuki udafungura? Ni kuki ubabaye? Mbega sindakurutira abahungu icumi wovyaye?”
9 After they ate and drank at Shiloh, Hannah rose. Eli the priest sat on the seat by the doorpost of our Father's temple. Igihe kimwe bahejeje kurya no kunywa i Shilo, Hana arahaguruka. Ico gihe Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe ku muryango w’Ingoro y’Uhoraho.
10 Deeply distressed, she prayed to our Father and wept bitterly. Hana asenga Uhoraho n’umubabaro mwinshi wo mu mutima ararira cane.
11 She vowed, "Father of heaven's armies, if you will only see your servant's suffering, remember me, not forget your servant, and give her a son, I will give him to our Father all his life, and no razor will touch his head." Asezerana isezerano, avuga ati: “Yewe Uhoraho Mushoboravyose, niwaraba amagorwa yanje umusavyikazi wawe ukanyibuka, ntiwibagire umusavyikazi wawe ukampa umwana w’umuhungu, nanje nzomushikanira Uhoraho mu misi y’ukubaho kwiwe kwose, kandi nta rwembe ruzokwigera rumugera ku mutwe.”
12 As she kept on praying before our Father, Eli watched her mouth. Uko yashishikara gusenga Uhoraho, ni ko Eli yamuraba ku munwa.
13 Hannah was praying in her heart; her lips moved but no voice was heard. So Eli thought she was drunk. Hana yasengera ku mutima, kandi agakubita iminwa naho ijwi ryiwe ritumvikana. Eli we yibaza ko yaborewe,
14 He said to her, "How long will you stay drunk? Put away your wine." aca aramubwira ati: “Uzogeza ryari kwama uborewe? Heba uwo muvinyu wawe.”
15 "No, my lord," Hannah answered. "I'm a woman deeply troubled in spirit. I've drunk no wine or strong drink but have poured out my soul before our Father. Hana aramwishura ati: “Oyaye nyakwubahwa, si ko biri, ndi umugore afise ingorane nyinshi. Sinanyoye umuvinyu canke ikindi kiboreza na kimwe, nariko ndasuka umubabaro wo mu mutima wanje imbere y’Uhoraho.
16 Don't take your servant for a worthless woman; I've been praying here from my deep anguish and grief." Ntiwibaze ko umusavyikazi wawe ndi umugore w’umunyangesombi, nariko ndasenga kubera umubabaro n’agahinda biri muri jewe.”
17 Eli answered, "Go in peace, and may the Father of Israel grant what you asked of him." Eli aramwishura ati: “Niwigire amahoro, Imana y’Abisirayeli ikwishure iguhe ico wayisavye.”
18 She said, "May your servant find favor in your eyes." Then the woman went her way and ate, her face no longer downcast. Na we aravuga ati: “Icompa umusavyikazi wawe nkagirirwa ubuntu imbere yawe.” Nuko aca ava aho hantu, arafungura, maze mu maso hiwe ntihasubira kwiraburanirwa.
19 Early next morning they rose, worshiped before our Father, and returned home to Ramah. Elkanah was intimate with Hannah his wife, and our Father remembered her. Mu gitondo ca kare baravyuka basenga Uhoraho hanyuma basubira iwabo i Rama. Elukana aryamana n’umugore wiwe Hana, maze Uhoraho aramwibuka.
20 In time Hannah conceived and bore a son. She named him Samuel, saying, "Because I asked our Father for him." Nuko Hana asama inda avyara umuhungu amwita Samweli, avuga ati: “Kuko namusavye Uhoraho.”
21 When Elkanah and all his household went up to offer the yearly sacrifice to our Father and fulfill his vow, Hageze ko Elukana adugana n’umuryango wiwe wose gushikanira Uhoraho ikimazi c’umwaka no gushitsa isezerano ryiwe,
22 Hannah didn't go. She told her husband, "When the boy is weaned, I'll bring him to appear before our Father, and he'll stay there forever." Hana ntiyashoboye kujana na bo. Nuko abwira umugabo wiwe ati: “Uwu muhungu niyacuka, nzomujana ndamushikanire Uhoraho, na we azoba imbere y’Uhoraho ibihe vyose.”
23 "Do what seems best to you," her husband Elkanah said. "Stay until you have weaned him; only may our Father keep his word." So Hannah stayed and nursed her son until she weaned him. Elukana umugabo wiwe aramubwira ati: “Uze ukore ikizokubera ciza. Guma ngaha gushika umucukije; kimwe gusa Uhoraho ashitse ijambo ryiwe.” Nuko uwo mugore aguma i muhira arera umuhungu wiwe gushika aho yamucukirije.
24 After weaning him, she took the boy up with her, with a three-year-old bull, about twenty-five pounds of flour, and a jug of wine, and brought him to the house of our Father at Shiloh; and the child was young. Amaze kumucutsa, ajana wa muhungu, naho yari akiri muto, n’ishuri imaze imyaka itatu, n’ifu ingana n’ingero efa n’umukuza w’umuvinyu, amujana mu nzu y’Uhoraho i Shilo.
25 They slaughtered the bull and brought the boy to Eli. Bamaze gutanga ya shuri kw’ikimazi, bazanira Eli wa muhungu,
26 Hannah said, "Oh, my lord, as surely as you live, my lord, I am the woman who stood here beside you, praying to our Father. nyina wiwe aramubwira ati: “Nyakwubahwa, urakaramba! Ndi wa mugore nahagarara i ruhande yawe nsenga Uhoraho.
27 I prayed for this child, and our Father has granted me what I asked of him. Nariko ndasaba uwu mwana, none Uhoraho yampaye ico namusavye.
28 So I give him to our Father. His whole life he is given to him." And he worshiped our Father there. None ubu ndamushikaniye Uhoraho. Ubuzima bwiwe bwose azoba ari uw’Uhoraho.” Maze bapfukamira Uhoraho baramusenga.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]