Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ruth 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Boaz went up to the town gate and sat. When the family redeemer he'd mentioned came by, Boaz said, "Come sit here, friend." So he came and sat. Mu nyuma, Bowazi aduga kw’irembo ry’igisagara yicaraho. Wa mucunguzi yari yavuze ahaciye, Bowazi aravuga ati: “Ingo, mugenzi, wicare hano.” Nuko aragenda aricara.
2 Then he took ten of the town elders and said, "Sit here." So they sat down. Bowazi aca ahamagara icumi mu bakuru b’igisagara aravuga ati: “Nimwicare hano,” na bo baricara.
3 He told the family redeemer, "Naomi, back from Moab's country, is selling the parcel of land that belonged to our brother Elimelech. Maze abwira wa mucunguzi ati: “Nawomi, umwe yagaruka avuye i Mowabu, ariko aragurisha igice c’itongo ryari irya mwenewacu Elimeleki.
4 So I decided to tell you: buy it before those sitting here and my people's elders. If you'll redeem it, redeem it. If not, tell me so I know, since no one but you can redeem, and I'm after you." He said, "I will redeem it." Niyumviriye kubikumenyesha kugira ngo urigure imbere y’aba bicaye hano n’imbere y’aba bakuru b’ubwoko bwacu. Niwaba ushaka kuricungura, ubikore. Ariko niwaba udashaka, ubimbwire, ndabimenye. Kuko ata n’umwe afise uburenganzira bwo kubikora atari wewe, jewe nza inyuma yawe.” Na we avuga ati: “Nzoricungura.”
5 Boaz said, "The day you buy the field from Naomi, you also acquire Ruth the Moabite, the dead man's widow, to raise up his name on his inheritance." Bowazi na we aravuga ati: “Ku musi uzogurirako iryo tongo rya Nawomi, uzoca utwara na Rusi wa Munyamowabukazi, umupfakazi w’umuhisi, kugira ngo tuzigame izina ry’umuhisi n’itongo ryiwe.”
6 Then the redeemer said, "I can't redeem it myself, or I'd ruin my own inheritance. You take my right of redemption; I cannot redeem it." Yumvise ivyo, wa mucunguzi aravuga ati: “Aho rero sinshobora kuricungura kuko vyohava bintera ingorane ku bw’itongo ryanje bwite. Ba ari wewe uricungura. Jewe sinshobora kubikora.”
7 Earlier in Israel, to make any deal for redeeming or exchanging property binding, a man would take off his sandal and give it to the other. This confirmed agreements in Israel. Muri ico gihe muri Isirayeli, kugira ngo umuntu yerekane ko ahaye uwundi uburenganzira bwo gucungura canke kugura, yakura ikirato ciwe akagiha uwo wundi. Ico ni co cemeza ku mugaragaro ukwo gutanga uburenganzira.
8 So when the family redeemer said to Boaz, "Buy it for yourself," he took off his sandal. Nuko wa mucunguzi abwira Bowazi ati: “Nabe ari wewe urigura.” Akura ikirato ciwe.
9 Then Boaz told the elders and all the people, "You are witnesses today that I have bought from Naomi all that belonged to Elimelech, Chilion, and Mahlon. Maze Bowazi abwira ba bakuru n’abantu bose bari aho ati: “Uno musi mubaye ivyabona ko nguze na Nawomi itongo rya Elimeleki, Kiliyoni na Mahiloni.
10 I have also taken Ruth the Moabite, Mahlon's widow, as my wife, to preserve the dead man's name with his inheritance, so his name won't vanish from his family or his hometown's records. You are witnesses today." Kandi nakiriye na Rusi Umunyamowabukazi, umupfakazi wa Mahiloni, nk’umugore wanje, kugira ngo mponore izina ry’uwapfuye n’itongo ryiwe, izina ryiwe ntirizimangane mu muryango wiwe canke mu gisagara avukamwo. Uwu musi mubaye ivyabona!”
11 Then all the people at the gate and the elders said, "We are witnesses. May our Father make the woman entering your house like Rachel and Leah, who together built the house of Israel. Prosper in Ephrathah and be famous in Bethlehem. Nuko ba bakuru n’abari kw’irembo baravuga bati: “Turi ivyabona. Uhoraho aze agire uwo mugore aje mu nzu yawe nka Rasheli na Leya, abo imiryango yose ya Isirayeli yakomotseko. Uze ugire igihagararo muri Efurata ube rurangiranwa i Betelehemu.
12 May your house be like Perez's, whom Tamar bore to Judah, through the children our Father gives you by this young woman." Umuryango wawe uzobe nk’uwa Perezi, uwo Yuda yavyaye kuri Tamari, biciye mu ruvyaro Uhoraho azoguha kuri uwu mugore akiri muto.”
13 So Boaz took Ruth as his wife. He slept with her, and our Father let her conceive, and she gave birth to a son. Nuko Bowazi atwara Rusi, aba umugore wiwe. Maze aryamana na we, Uhoraho amuha gusama inda, avyara umwana w’umuhungu.
14 Then the women said to Naomi, "Praise our Father, who has not left you today without a family redeemer—may his name become famous in Israel! Abagore babwira Nawomi bati: “Uhoraho ahimbazwe, atakuretse ngo ubure uwo kugucungura uwu musi. Izina ry’uwu mwana rize ribe rurangiranwa muri Isirayeli!
15 He will renew your life and sustain your old age, for your daughter-in-law who loves you, worth more to you than seven sons, has borne him." Azotuma ubuzima bwawe butotahara kandi agushigikire ugeze mu zabukuru. Kuko umukazana wawe, umwe agukunda kandi akurutira abahungu indwi, ari we yamuvyaye.”
16 Then Naomi took the child, held him on her lap, and cared for him. Maze Nawomi atora wa mwana, aramukikira amushira mu gikiriza, aba ari we amurera.
17 The neighbor women named him: "A son is born to Naomi!" They called him Obed, father of Jesse, father of David. Abagore babana na we baravuga bati: “Nawomi yaronse umuhungu.” Nuko bamwita Obedi. Ni we yabaye se wa Isayi, Isayi se wa Dawidi.
18 Now these are the generations of Perez: Perez fathered Hezron, Uwu, rero, ni wo muryango wa Perezi: Perezi yavyaye Hezironi,
19 Hezron fathered Ram, Ram fathered Amminadab, Hezironi avyara Ramu, Ramu avyara Aminadabu,
20 Amminadab fathered Nahshon, Nahshon fathered Salmon, Aminadabu avyara Nahashoni, Nahashoni avyara Salumoni,
21 Salmon fathered Boaz, Boaz fathered Obed, Salumoni avyara Bowazi, Bowazi avyara Obedi,
22 Obed fathered Jesse, and Jesse fathered David. Obedi avyara Isayi, Isayi na we avyara Dawidi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]