Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When David was old and had lived many years, he made his son Solomon king over Israel. Igihe Dawidi yari ashaje ageze mu zabukuru, yaciye yimika umuhungu wiwe Salomo ngo abe umwami w’Abisirayeli.
2 He gathered together all the leaders of Israel, along with the priests and the Levites. Akoranya abakuru barongoye abandi mu Bisirayeli, hamwe n’abaherezi n’Abalewi.
3 The Levites thirty years old or older were counted, and their total number was 38,000. Abalewi bafise imyaka mirongo itatu n’iyirenga baraharurwa, maze igitigiri cabo bose gishika ku bantu ibihumbi mirongo itatu n’umunani.
4 Of these, 24,000 were to oversee the work of our Father's house; 6,000 were officers and judges. Dawidi avuga ati: “Muri aba, ibihumbi mirongo ibiri na bine baze barongore abandi mu bikorwa vyo mu Ngoro y’Uhoraho, abandi ibihumbi bitandatu na bo baze babe abakuru n’abacamanza.
5 4,000 were gatekeepers, and 4,000 praised our Father with instruments David made for praise. Ibihumbi bine baze bazezwe kurinda irembo maze ibindi bihumbi bine baze babe abo guhimbaza Uhoraho n’ibicurarangisho nateguye ku bw’ico gikorwa.”
6 And David divided them into divisions according to the sons of Levi: Gershon, Kohath, and Merari. Dawidi aca agabura Abalewi mu migwi nk’uko bene Lewi bari bari: Gerishoni, Kohati na Merari.
7 Of the Gershonites: Ladan and Shimei. Abo mu Bagerishoni bari: Ladani na Shimeyi.
8 The sons of Ladan: Jehiel the chief, then Zetham and Joel, three in all. Bene Ladani ni: umukuru wabo Yehiyeli, Zetamu na Yoweli, bose hamwe bari batatu.
9 Shimei's sons: Shelomoth, Haziel, and Haran—three. These were Ladan's family heads. Bene Shimeyi ni: Shelomoti, Haziyeli na Harani, bose hamwe bari batatu. Abo ni bo bari abakuru b’inzu mu muryango wa Ladani.
10 And the sons of Shimei: Jahath, Zina, Jeush, and Beriah. These four were the sons of Shimei. Kandi bene Shimeyi bari: Yahati, Ziza, Yewushi na Beriya. Abo ni bo bari bene Shimeyi, bose bari bane.
11 Jahath was chief, Zizah second; Jeush and Beriah had few sons, so they were counted together as one family, one assignment. Yahati yari imfura Ziza akaba uwa kabiri, ariko Yewushi na Beriya ntibavyaye abahungu benshi; ni co gituma baharuwe nk’umuryango umwe bahabwa n’igikorwa kimwe.
12 The sons of Kohath: Amram, Izhar, Hebron, and Uzziel, four in all. Bene Kohati ni: Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli, bose bari bane.
13 The sons of Amram: Aaron and Moses. Aaron was set apart to consecrate the most holy things, he and his sons forever, to make offerings before our Father, to serve him, and to bless in his name forever. Bene Amuramu ni: Aroni na Mose. Aroni aratoranywa, we n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira, ngo bazezwe ibintu vyose vyejejwe, bashikane ibimazi imbere y’Uhoraho, bakorere imbere yiwe bongere bahezagire abantu mw’izina ryiwe ibihe bidashira.
14 But Moses, man of our Father—his sons were counted among Levi's tribe. Bene Mose umuntu w’Imana baharuwe nk’abo mu muryango wa Lewi.
15 The sons of Moses: Gershom and Eliezer. Bene Mose ni: Gerishomu na Eliyezeri.
16 The sons of Gershom: Shebuel the chief. Abo mu ruvyaro rwa Gerishomu: umukuru wabo yari Shubayeli.
17 Eliezer's sons: Rehabiah the chief. Eliezer had no other sons; Rehabiah's sons were very numerous. Abakomoka kuri Eliyezeri: umukuru wabo yari Rehabiya. Eliyezeri nta bahungu yari afise, ariko bene Rehabiya bari benshi.
18 The sons of Izhar: Shelomith the chief. Bene Izihari: umukuru wabo yari Shelomiti.
19 The sons of Hebron: Jeriah the chief, Amariah the second, Jahaziel the third, and Jekameam the fourth. Bene Heburoni: umukuru yari Yeriya, uwa kabiri akaba Amariya, uwa gatatu akaba Yahaziyeli, uwa kane akaba Yekameyamu.
20 The sons of Uzziel: Micah the chief and Isshiah the second. Bene Uziyeli: umukuru wabo yari Mika, Isihiya akaba uwa kabiri.
21 The sons of Merari: Mahli and Mushi. The sons of Mahli: Eleazar and Kish. Bene Merari: Mahuli na Mushi. Bene Mahuli: Eliyazeri na Kishi.
22 Eleazar died having no sons, only daughters; so their relatives, the sons of Kish, married them. Eliyazeri yapfuye ata bahungu avyaye: yari afise abakobwa gusa. Bene sewabo, bene Kishi, ni bo babarongoye.
23 The sons of Mushi: Mahli, Eder, and Jeremoth, three in all. Bene Mushi: Mahuli, Ederi na Yeremoti, bose bari batatu.
24 These were Levi's sons by family, family heads registered by name, who served in our Father's house, age twenty and up. Abo ni bo bakomoka kuri Lewi nk’uko amazu yabo yari ari: abakuru b’amazu bari banditswe hakurikijwe urutonde rw’amazina yabo. Umuntu wese yaharuwe yaba amaze imyaka mirongo ibiri canke irenga kugira ngo akore mu ngoro y’Uhoraho.
25 For David said, "Our Father, Israel's God, gave his people rest, and lives in Jerusalem forever. Kuko Dawidi yari yaravuze ati: “Ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yemeye guha impore abantu biwe kandi ko yaje akaba i Yerusalemu ibihe vyose,
26 So the Levites no longer carry the tabernacle or all its service vessels." Abalewi ntibagikeneye kurerura ihema canke ibikoresho na bimwe bikoreshwa muri ryo.”
27 For by these final instructions of David the Levites were counted from twenty years old or older. Nk’uko vyari vyarashinzwe na Dawidi mu misi yiwe ya nyuma, Abalewi bari baharuwe kuva ku bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga.
28 Their duty was assisting Aaron's sons in serving the house of our Father: caring for the courts and the chambers, purifying all holy things, and any work in the house of our Father. Ico Abalewi bari bashinzwe kwari ugufasha bene Aroni mu bikorwa vyo mu ngoro y’Uhoraho: ibikorwa vyo mu rugo, ivyo mu vyumba, guhumanura ivyera vyose no gutunganya ibindi bikorwa vyo mu Ngoro y’Imana.
29 They cared for the Bread of the Presence, the fine flour for grain offerings, wafers made without yeast, the baking and mixing, and all measures of quantity and size. Bari bashinzwe ya mikate yategerezwa kwama ishirwa ku meza, ifu y’indobanurwa itangwako amashikanwa y’ifu, imitsima itarimwo umwambiro, gukaranga no kuvanga, hamwe no gupima urugero rw’ikintu cose.
30 They were to stand every morning to thank and praise our Father, and again in the evening, Bategerezwa guhagarara uko bukeye bashimira Uhoraho bamuhimbaza no ku mugoroba bagakora uko nyene,
31 and for all burnt offerings to our Father on Sabbaths, new moons, and appointed feasts—in the required number, always before our Father. n’igihe cose abantu baje gushikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa ku masabato no ku misi mikuru y’ukwezi gutashe hamwe no ku misi mikuru yashinzwe. Bategerezwa gukorera imbere y’Uhoraho ubudasiba hakurikijwe igitigiri c’abakenewe muri bo kandi nk’uko bari bategetswe kubikora.
32 They kept the charge of the tent of meeting, the charge of the sanctuary, and the charge of their brothers, Aaron's sons, in the service of the house of our Father. Uko ni ko Abalewi bakora ivyo bashinzwe gukora mw’Ihema ry’Ibonaniro, ivyerekeye Ahera, barongowe n’ab’iwabo bo mu ruvyaro rwa Aroni, bagakora ivyo mu Ngoro y’Uhoraho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]