Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David said, "This is the house of our Father, and this the altar of burnt offering for Israel." Maze Dawidi aca avuga ati: “Ingoro y’Uhoraho Imana izoba aha nyene, n’igicaniro co guturirirako ibimazi vy’Abisirayeli ni uko nyene.”
2 David ordered the foreigners in Israel gathered, then appointed stonecutters to cut dressed stones for building the house of our Father. Maze Dawidi atanga amategeko ko bakoranya abantu b’abanyamahanga baba mu Bisirayeli, atoranya muri bo abo kubaza amabuye ngo bategure amabuye abajwe yo kuzokwubaka Ingoro y’Imana.
3 David provided abundant iron for gate-door nails and clamps, and abundant bronze beyond weighing, Ategura ubutare bw’ivyuma vyo gukoramwo imisumari y’imyango y’amarembo n’iyo kumanikako ibintu, n’ubutare bw’ivyuma bwinshi budashobora gupimwa uburemere.
4 and cedar timbers beyond counting, for the Sidonians and Tyrians brought David cedar logs in abundance. Ategura n’ibiti vy’amasederi vyinshi bitoharurika, kuko Abanyesidoni n’Abatiro bari babizaniye Dawidi ari vyinshi cane.
5 For David said, "My son Solomon is young and untested, and the house built for our Father must be truly great, famed, and glorious in every land. Let me prepare for it." So David laid in vast provisions before he died. Dawidi avuga ati: “Umuhungu wanje Salomo aracari muto kandi nta burambe afise mu bikorwa, kandi Ingoro yo kwubakira Uhoraho ikwiye kuba ari akaroruhore kandi ari rurangiranwa imbere y’amahanga yose. Nkwiye rero gutegura ivyo kuzokwubakisha.” Nuko Dawidi agira imyiteguro myinshi imbere y’uko apfa.
6 Then he called Solomon his son and charged him to build a house for our Father of Israel. Maze ahamagara umuhungu wiwe Salomo amushinga kuzokwubaka Ingoro y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli.
7 David told Solomon, "My son, I had it in my heart to build a house for my Father's name. Dawidi abwira Salomo ati: “Mwana wanje, nari narabigabiye mu mutima wanje ko nzokwubaka Ingoro yo guhesha icubahiro Izina ry’Uhoraho Imana yanje.
8 The word of our Father came to me: 'You have shed much blood and fought great wars. You will not build a house for my name, because you have shed so much blood on the earth before me.' Ariko Uhoraho ambwira iri jambo ati: ‘Wavishije amaraso menshi kandi wagwanye intambara nyinshi. Ntiwoshobora kwubaka Ingoro yitirirwa izina ryanje, kuko wavishije amaraso menshi kw’isi mu nyonga zanje.
9 A son will be born to you, a man of rest; I will give him rest from all his enemies around him. His name will be Solomon; I will give Israel peace and quiet in his days. Ariko uzoronka umuhungu azoba umuntu w’amahoro n’itekane, kandi nzomuha kuruhuka abansi biwe mu mpande zose. Izina ryiwe azokwitwa Salomo, kandi nzoha Isirayeli amahoro n’umutekano ku ngoma yiwe.
10 He will build a house for my name. He will be my son, and I his father. I will secure his royal throne over Israel forever. Uwo ni we azokwubaka Ingoro yitirirwa izina ryanje. Azombera umuhungu, nanje ndamubere se. Kandi nzokomeza ingoma y’ubwami bwiwe mu Bisirayeli ibihe bidashira.’
11 Now, my son, may our Father be with you, so that you may succeed and build the house of your Father, as he said about you. None rero mwana wanje, Uhoraho abane nawe, kugira ngo ushobore kwubaka Ingoro y’Uhoraho Imana yawe, nk’uko yavuze ko uzobikora.
12 Only, may our Father give you wisdom and understanding when he puts you in charge of Israel, to keep the law of your Father. Uhoraho aze aguhe kuroranya n’ugutahura niyagushira ku ntebe y’inganji y’Abisirayeli, kugira ngo uze witondere Ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yawe.
13 Then you'll prosper, if you carefully keep the statutes and rules our Father commanded Moses for Israel. Be strong and brave. Don't be afraid or discouraged. Nuko uzotera imbere niwitondera ivyo yashinze n’ivyagezwe vyose Uhoraho yahaye Mose ngo abihe Abisirayeli. Ukomere kandi ushire ubwoba. Ntutinye canke ngo ucike intege.
14 See, with great effort I've provided for the house of our Father nearly 4,000 tons of gold, about 34,000 tons of silver, and bronze and iron beyond weighing—there's so much. I've also provided timber and stone; you may add to them. Narakoze ndaruha kugira ngo ntegure ibikoresho vyose bikenewe vy’iyo Ngoro y’Uhoraho. Negeranije italanto ibihumbi ijana z’inzahabu, italanto umuliyoni umwe z’ifeza, ubutare bwinshi bw’umwakaka n’ivyuma vyinshi bitoharurika, n’ibiti n’amabuye. Kandi ushobora kwongerako n’ibindi.
15 You have many workers with you: stonecutters, masons, carpenters, and all kinds of craftsmen skilled in every trade. Ufise abakozi benshi: ababaza amabuye, abubakisha amabuye n’abubakisha ibiti n’imbaho, n’abahinga mu gikorwa ico ari co cose
16 Skilled with gold, silver, bronze, and iron beyond count. Rise up and work; may our Father be with you." mu nzahabu no mw’ifeza, umwakaka n’ivyuma; abacuzi barenze igitigiri. Nuko shirako wubake, kandi Uhoraho ari kumwe nawe.”
17 David also commanded all the leaders of Israel to help Solomon his son, saying, Maze Dawidi ategeka abatwara abandi mu Bisirayeli gufasha umuhungu wiwe Salomo.
18 "Isn't your Father with you? Hasn't he given you rest on every side? For he has given the land's people into my hand, and the land is subdued before our Father and his people. Arababwira ati: “Mbega Uhoraho Imana yanyu ntari kumwe namwe? Ntiyanabemereye kubaha impore impande zose? Kuko yampaye abantu bose baba muri iki gihugu, kandi iki gihugu cose kiri mu minwe y’Uhoraho n’abantu biwe.
19 Now set your heart and soul to seek your Father. Arise and build the sanctuary of our Father, to bring the ark of his covenant and his holy vessels into the house built for his name." Nuko rero mushire imitima yanyu n’imishaha yanyu k’Uhoraho Imana yanyu. Mushireko mwubake Ingoro y’Uhoraho Imana, kugira ngo muzane Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho n’ibikoresho vyera vy’Imana muri iyo Ngoro izokwubakirwa Izina ry’Uhoraho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]