Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 These are the divisions of Aaron's sons. Aaron's sons: Nadab and Abihu, Eleazar and Ithamar. Iyi ni yo mice y’uruvyaro rwa Aroni: Bene Aroni bari Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari.
2 Nadab and Abihu died before their father, leaving no sons; so Eleazar and Ithamar served as priests. Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi nta bahungu basize. Nuko Eliyazeri na Itamari baciye bakora nk’abaherezi.
3 David divided them with Zadok, Eleazar's descendant, and Ahimelech, Ithamar's descendant, by their appointed service order. Dawidi abashira mu migwi yisunze ivyo bazokora n’urutonde bari bakwiye gukorerako, afashijwe na Sadoki akomoka kuri Eliyazeri na Ahimeleki akomoka kuri Itamari.
4 Eleazar's sons were found to have more leaders than Ithamar's, so they were divided: sixteen family heads for Eleazar's, eight for Ithamar's, by their families. Abarongozi benshi bavuye mu ruvyaro rwa Eliyazeri kuruta abavuye mu rwa Itamari, maze bashirwa mu migwi bisunze ico nyene: abakuru b’amazu bava mu bakomoka kuri Eliyazeri bari cumi na batandatu, hanyuma abakuru b’amazu bava ku bakomoka kuri Itamari bari umunani.
5 They divided them by lot, both alike, since officials of the sanctuary and officials of our Father came from the sons of Eleazar and the sons of Ithamar. Babagabuye mu migwi y’ibikorwa batarenganije n’umwe kuko bakoresheje ubupfindo. Ivyo vyatumwe n’uko hariho benshi bari babereye gukora mu Ingoro y’Imana bava mu bakomoka kuri Eliyazeri na Itamari bompi.
6 Shemaiah son of Nethanel, a Levite scribe, wrote them before the king, the officials, Zadok the priest, Ahimelech son of Abiathar, and the heads of the priestly and Levite families—one family chosen for Eleazar, one for Ithamar. Umwanditsi Shemaya mwene Netaneli Umulewi, yanditse amazina yabo ari imbere y’umwami n’abakuru bose: Sadoki umuherezi, Ahimeleki mwene Abiyatari n’abakuru b’amazu y’abaherezi n’Abalewi, bagafata umwe wo mu nzu kwa Eliyazeri hanyuma uwundi wo mu nzu kwa Itamari.
7 The first lot fell to Jehoiarib, the second to Jedaiah, Ubupfindo bwa mbere bwerekanye Yehoyaribu, ubwa kabiri bwerekanye Yedayiya,
8 the third to Harim, the fourth to Seorim, ubwa gatatu bwerekanye Harimu, ubwa kane bwerekanye Seyorimu,
9 the fifth to Malchijah, the sixth to Mijamin, ubwa gatanu bwerekanye Malikiya, ubwa gatandatu bwerekanye Miyamini,
10 the seventh to Hakkoz, the eighth to Abijah, ubw’indwi bwerekanye Hakozi, ubw’umunani bwerekanye Abiya,
11 the ninth to Jeshua, the tenth to Shecaniah, ubw’icenda bwerekanye Yesuwa, ubw’icumi bwerekanye Shekaniya,
12 the eleventh to Eliashib, the twelfth to Jakim, ubw’icumi na rimwe bwerekanye Eliyashibu, ubw’icumi na kabiri bwerekanye Yakimu,
13 the thirteenth to Huppah, the fourteenth to Jeshebeab, Ubw’icumi na gatatu bwerekanye Hupa, ubw’icumi na kane bwerekanye Yeshebeyabu,
14 the fifteenth to Bilgah, the sixteenth to Immer, ubw’icumi na gatanu bwerekanye Biluga, ubw’icumi na gatandatu bwerekanye Imeri,
15 the seventeenth to Hezir, the eighteenth to Happizzez, ubw’icumi n’indwi bwerekanye Heziri, ubw’icumi n’umunani bwerekanye Hapizezi,
16 the nineteenth to Pethahiah, the twentieth to Jehezkel, ubw’icumi n’icenda bwerekanye Petahiya, ubwa mirongo ibiri bwerekanye Yehezikeli,
17 the twenty-first to Jachin, the twenty-second to Gamul, ubwa mirongo ibiri na rimwe bwerekanye Yakini, ubwa mirongo ibiri na kabiri bwerekanye Gamuli,
18 the twenty-third to Delaiah, and the twenty-fourth to Maaziah. ubwa mirongo ibiri na gatatu bwerekanye Delaya, ubwa mirongo ibiri na kane bwerekanye Mayaziya.
19 These were their appointed duties for serving in our Father's house, by the order Aaron their father gave them, as our Father of Israel had commanded him. Urwo ni rwo rutonde bakurikiza mu gukora igikorwa c’Imana iyo baramukiwe kwinjira mu ngoro y’Uhoraho, bisunze amategeko yabagenga yashizweho na sekuru wabo Aroni kandi nk’uko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yari yaramutegetse.
20 The rest of Levi's sons: of Amram's sons, Shubael; of Shubael's sons, Jehdeiah. Aba ni bo bandi bakuru b’imiryango yakomoka kuri Lewi: Mu bakomoka kuri Amuramu: umukuru wabo yari Shubayeli; mu bakomoka kuri Shubayeli: umukuru wabo yari Yehudeya.
21 Of Rehabiah: of the sons of Rehabiah, Isshiah the first. Mu bakomoka kuri Rehabiya, abavuye ku bahungu biwe: umukuru wabo yari Isihiya.
22 Of the Izharites, Shelomoth; of the sons of Shelomoth, Jahath. Mu bakomoka kuri Izihari: umukuru wabo yari Shelomoti; mu bakomoka kuri Shelomoti: umukuru wabo yari Yahati.
23 The sons of Hebron: Jeriah the first, Amariah the second, Jahaziel the third, Jekameam the fourth. Mu bakomoka kuri Heburoni: Yeriya ni we yari mukuru, uwa kabiri ni Amariya, uwa gatatu ni Yahaziyeli, uwa kane na we ni Yekamiyami.
24 The sons of Uzziel: Micah; of the sons of Micah, Shamir. Mu bakomoka kuri Uziyeli: umukuru wabo yari Mika; mu bakomoka kuri Mika: umukuru wabo yari Shamiri.
25 The brother of Micah: Isshiah; of the sons of Isshiah, Zechariah. Umuvukanyi wa Mika: yari Isihiya. Mu bamukomokako, Zakariya ni we yari mukuru.
26 The sons of Merari: Mahli and Mushi. The sons of Jaaziah: Beno. Mu bakomoka kuri Merari: abakuru babo bari Mahuli na Mushi. Mu bakomoka kuri Yayaziya: umukuru wabo yari Beno.
27 The sons of Merari through Jaaziah: Beno, Shoham, Zaccur, and Ibri. Mu bakomoka kuri Merari: Kuva kuri Yayaziya: abakuru babo bari Beno, Shohamu, Zakuri na Iburi.
28 Of Mahli: Eleazar, who had no sons. Mu bakomoka kuri Mahuli: umukuru wabo yari Eliyazeri, naho atigeze aronka abahungu.
29 Of Kish: the sons of Kish, Jerahmeel. Mu bakomoka kuri Kishi: umukuru wabo yari Yerahimeyeli.
30 The sons of Mushi: Mahli, Eder, and Jerimoth. These were the Levites by their families. Ku bakomoka kuri Mushi: abakuru babo bari Mahuli, Ederi na Yerimoti. Abo bari Abalewi, nk’uko imiryango yabo yari iri.
31 They too cast lots, like their relatives the sons of Aaron, before King David, Zadok, Ahimelech, and the heads of the priestly and Levite families—the head of each family the same as his younger brother. Na ho nyene barakoresheje ubupfindo, nk’uko benewabo bakomoka kuri Aroni babikoze, imbere y’umwami Dawidi na Sadoki, Ahimeleki, n’abakuru b’amazu y’abaherezi n’Abalewi. Inzu zikomoka ku muvukanyi mukuru zafatwa co kimwe n’inzu zikomoka kuri mutoya muri bo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]