Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 14 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Abo mu nzu ya Dawidi n’umuryango wiwe

1Maze Hiramu umwami w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, azirungikana n’ibiti vy’amasederi, n’abubatsi bubakisha amabuye n’ababaji bo kumwubakira ikirimba. 2Maze Dawidi aca amenya ko Uhoraho yemeje ko ari we mwami w’Abisirayeli bose kandi ko yashize hejuru ubwami bwiwe kubera abantu biwe b’Abisirayeli.

3Dawidi arongorera i Yerusalemu abandi bagore, avyara abandi bahungu n’abakobwa. 4Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani, Salomo, 5Ibuhari, Elishuwa, Elupeleti, 6Nogahu, Nefegi, Yafiya, 7Elishama, Beyeliyada na Elifeleti.

Dawidi anesha Abafilisitiya

8Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yasizwe amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli bose, baraduga n’inkomezi zabo zose bagiye kumurondera ngo bamufate; ariko Dawidi avyumvise aca aja guhura na bo. 9Maze Abafilisitiya barashika bacumbika mu kiyaya c’i Refayimu; 10Dawidi aca asiguza Imana ati: “Mbega nje gutera Abafilisitiya? Urabampa mu maboko yanje?” Uhoraho aramwishura ati: “Genda, nzobatanga mu maboko yawe.”

11Nuko Dawidi n’ingabo ziwe baraduga baja i Bayali-Perazimu, kandi aho ni ho yabaneshereje. Aravuga ati: “Imana yansaturiye inzira mu bansi banje ikoresheje ukuboko kwanje nk’uko amazi asenyura urugomero.” Ni co catumye aho hantu hitwa Bayali-Perazimu. 12Abafilisitiya bari batayeho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi aca atanga itegeko ngo babiturire.

13Ikindi gihe Abafilisitiya bongera gucumbika mu kiyaya; 14maze Dawidi yongera kubaza Imana ico yokora, na yo iramwishura iti: “Ntubatere ubaturutse imbere, ariko ubazunguruke ubatere ubaturutse inyuma aharabana na biriya biti vy’imibaka. 15Niwumva imirindi mu bushorishori bw’ivyo biti, uce utangura kubagwanya, kuko Imana izoba ikugiye imbere kugwanya ingabo z’Abafilisitiya.” 16Nuko Dawidi akora nk’uko Imana yamutegetse, maze bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri.

17Nuko Dawidi aba rurangiranwa mu gihugu cose, kandi Uhoraho atuma ibihugu vyose bimutinya.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]