Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hiram king of Tyre sent messengers to David, with cedar logs, masons, and carpenters, to build him a house. Maze Hiramu umwami w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, azirungikana n’ibiti vy’amasederi, n’abubatsi bubakisha amabuye n’ababaji bo kumwubakira ikirimba.
2 David knew our Father had made him king over Israel, for his kingdom was raised high for the sake of his people Israel. Maze Dawidi aca amenya ko Uhoraho yemeje ko ari we mwami w’Abisirayeli bose kandi ko yashize hejuru ubwami bwiwe kubera abantu biwe b’Abisirayeli.
3 And David took more wives in Jerusalem, and he fathered more sons and daughters. Dawidi arongorera i Yerusalemu abandi bagore, avyara abandi bahungu n’abakobwa.
4 These are the names of the children born to him in Jerusalem: Shammua, Shobab, Nathan, and Solomon, Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani, Salomo,
5 Ibhar, Elishua, Elpelet, Ibuhari, Elishuwa, Elupeleti,
6 Nogah, Nepheg, Japhia, Nogahu, Nefegi, Yafiya,
7 Elishama, Beeliada, and Eliphelet. Elishama, Beyeliyada na Elifeleti.
8 When the Philistines heard David was anointed king over all Israel, all of them went up seeking David. David heard and went out to face them. Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yasizwe amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli bose, baraduga n’inkomezi zabo zose bagiye kumurondera ngo bamufate; ariko Dawidi avyumvise aca aja guhura na bo.
9 Now the Philistines had come and raided the Valley of Rephaim. Maze Abafilisitiya barashika bacumbika mu kiyaya c’i Refayimu;
10 David asked our Father, "Will I go up against the Philistines? Will you hand them over to me?" So our Father told him, "Go up, and I will hand them over to you." Dawidi aca asiguza Imana ati: “Mbega nje gutera Abafilisitiya? Urabampa mu maboko yanje?” Uhoraho aramwishura ati: “Genda, nzobatanga mu maboko yawe.”
11 They went up to Baal-perazim; David struck them there. David said, "Our Father broke through my enemies by my hand like a breaking flood." So they named that place Baal-perazim. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe baraduga baja i Bayali-Perazimu, kandi aho ni ho yabaneshereje. Aravuga ati: “Imana yansaturiye inzira mu bansi banje ikoresheje ukuboko kwanje nk’uko amazi asenyura urugomero.” Ni co catumye aho hantu hitwa Bayali-Perazimu.
12 And the Philistines abandoned their gods there, and David gave orders, and they were burned. Abafilisitiya bari batayeho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi aca atanga itegeko ngo babiturire.
13 Once more the Philistines raided the valley. Ikindi gihe Abafilisitiya bongera gucumbika mu kiyaya;
14 David asked our Father again, and our Father said, "Don't go up after them. Circle around them and come at them from opposite the balsam trees. maze Dawidi yongera kubaza Imana ico yokora, na yo iramwishura iti: “Ntubatere ubaturutse imbere, ariko ubazunguruke ubatere ubaturutse inyuma aharabana na biriya biti vy’imibaka.
15 When you hear marching sound in the balsam treetops, then go out to battle—for your Father has gone out ahead of you to strike the Philistine troops." Niwumva imirindi mu bushorishori bw’ivyo biti, uce utangura kubagwanya, kuko Imana izoba ikugiye imbere kugwanya ingabo z’Abafilisitiya.”
16 David did as our Father commanded him, and they struck the Philistine army from Gibeon to Gezer. Nuko Dawidi akora nk’uko Imana yamutegetse, maze bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri.
17 And David's fame spread throughout all the lands, and our Father made all the nations dread him. Nuko Dawidi aba rurangiranwa mu gihugu cose, kandi Uhoraho atuma ibihugu vyose bimutinya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]