Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zephaniah 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word of our Father came to Zephaniah son of Cushi, son of Gedaliah, son of Amariah, son of Hezekiah, when Josiah son of Amon ruled Judah. Iri ni ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Zefaniya, mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.
2 "I will utterly sweep away everything from the face of the earth,' declares our Father. “Nzorandura ibintu vyose biri kw’isi,” ni ko Uhoraho avuze.
3 "I will sweep away man and beast; I will sweep away the birds of the sky and the fish of the sea, and the rubble of idols along with the wicked. I will cut off humanity from the face of the earth,' declares our Father. “Nzorandura abantu n’ibikoko; nkureho inyoni mu kirere n’amafi mu biyaga, hamwe n’ibigirwamana bituma umunyakibi atsitara. Igihe nzorandura abantu bose nkabakura kw’isi,” ni ko Uhoraho avuze,
4 'I will stretch out my hand against Judah and against all who live in Jerusalem. I will cut off from this place every remnant of Baal, the name of the idolatrous priests along with the priests, “nzoramvurira ukuboko kwanje kugwanya Abayuda, no kugwanya abantu bose baba i Yerusalemu. Nzorandura abasenga Bayali bose bazoba bagisigaye muri kino kibanza, n’amazina y’abaherezi basenga ibigirwamana,
5 those who bow down on the rooftops to the starry host, those who bow down and swear by our Father and yet swear by Milcom, bapfukama hejuru ku mazu, bagasenga inyenyeri zo kw’ijuru, bakongera bakunama bakarahira mw’izina ry’Uhoraho, kandi bagasubira bakarahira mw’izina rya Moleki.
6 and those who turn back from following our Father, who do not seek our Father or inquire of him." Nzorandura n’abo bose basubiye inyuma batakinsenga, hamwe n’abo batakirondera Uhoraho canke ngo bagire ico bamusiguza.”
7 Be silent before the Sovereign Father! For the day of our Father is near; he has prepared a sacrifice and consecrated his guests. Nimuhwekere imbere y’Uhoraho Nyeninganji, kuko umusi w’urubanza rwiwe uri hafi. Uhoraho yarateguye ikimazi; yaramaze gutegura abo kugitanga.
8 "On the day of our Father's sacrifice I will punish the officials and the king's sons and all who array themselves in foreign attire. Kandi kuri uwo musi w’ikimazi c’Uhoraho, nzohana abatware n’abaganwa ari bo bahungu b’umwami, hamwe n’abo bose basenga imana z’abanyamahanga.
9 On that day I will punish all who leap over the threshold, who fill their master's house with violence and deceit. Kuri uwo musi nzohana abaja mu misi mikuru yo gusenga ibigirwamana, bakuzuza inzu z’ibigirwamana vyabo umuryano n’uruhendo.
10 On that day,' declares our Father, 'a cry will go up from the Fish Gate, a wail from the Second Quarter, and a loud crash from the hills. “Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho avuze, “induru izokwumvikanira kw’Irembo ry’Amafi, abantu baboroge bava mu gisagara gishasha, kandi ijwi rirenga rizumvikanira ku misozi.
11 Wail, you who live in the Mortar! For all the merchants are silenced; all who weigh out silver are cut off.'" Nimuboroge, yemwe ababa hafi y’utuguriro, kuko abadandaza banyu bose bakuweho, abashora ifeza bose na bo bakaba bahonye.
12 At that time I will search Jerusalem with lamps and punish the men who are settled like wine on its dregs, who say in their hearts, "God will do nothing—neither good nor harm. Ico gihe nzorondeza Yerusalemu urumuri, mpane abantu bose bidibamiye mu vyaha vyabo, bameze nk’umuvinyu ureremba hejuru ku mvuzo, bibwira ko Uhoraho ata na kimwe azokora, kiba kibi canke ciza.
13 Their wealth will be plundered and their houses laid waste. They will build houses but not live in them; they will plant vineyards but not drink their wine." Ubutunzi bwabo buzosahurwa, amazu yabo azosenyurwa. Naho bubaka amazu, ntibazoyabamwo. Naho barima imizabibu, ntibazonywa imitobe yazo.
14 The great day of our Father is near—near and coming fast. Listen! The day of our Father is bitter; there the mighty warrior cries out. Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi, uri hafi kandi uje wihuta. Amarira yo ku musi w’Uhoraho azoba ateye agahinda, aho n’umuhizi mu ntambara azoboroga.
15 That day is a day of wrath, a day of distress and anguish, a day of ruin and devastation, a day of darkness and gloom, a day of clouds and thick darkness, Uwo musi uzoba ari umusi w’uburake, umusi w’amarira n’imibabaro, umusi w’ivyago no guhona, umusi w’umwijima w’umuzitanya, umusi w’igipfungu n’ukwiraburanirwa,
16 a day of trumpet blast and battle cry against the fortified cities and against the lofty corner towers. umusi w’inzamba n’akaruru k’intambara, yo kugwanya ibisagara bizitiriwe n’iminara yo mu mfuruka zavyo.
17 "I will bring such distress on people that they will grope about like the blind, because they have sinned against our Father. Their blood will be poured out like dust and their flesh like manure. Nzoteza ivyago amahanga, agende arajuragirika kurya kw’impumyi, kuko bacumuye k’Uhoraho. Amaraso yabo azoseswa hasi nk’amazi, n’imibiri yabo ibore nk’umwavu.
18 Neither their silver nor their gold will be able to save them on the day of our Father's wrath. In the fire of his jealousy the whole earth will be consumed, for he will bring a sudden end to everyone on earth." Ifeza zabo canke inzahabu zabo nta na kimwe kizoshobora kubakiza, ku musi w’uburake bw’Uhoraho.” Mu kururumba kw’ishari ryiwe isi yose iyo iva ikagera, izotongorwa n’umuriro, kuko azoshiraho iherezo mu buryo bwihuta ry’abantu bose bari kw’isi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]