Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then I looked up and saw a man with a measuring line in his hand. Maze nunamuye amaso, mbona umugabo imbere yanje afise umugozi mu ntoke.
2 I asked, "Where are you going?" He said to me, "To measure Jerusalem, to see how wide and how long it is." Ndamubaza nti: “Ugiye he?” Aranyishura ati: “Ngiye gupima Yerusalemu, ngo ndabe ubwaguke n’uburebure bwaho.”
3 The angel speaking with me left, and another angel came out to meet him, Mu gihe wa mumarayika yariko aravugana nanje yari agiye, uwundi mumarayika araza barahura
4 and said to him, "Run, tell this young man: 'Jerusalem will settle like open country, with so many people and livestock in her.' maze amubwira ati: “Iruka, ubwire urya musore uti: ‘Yerusalemu kizoba igisagara kitagira inzitiro kubera igitigiri kinini c’abantu n’ibitungwa bizokibamwo.
5 I myself will be a wall of fire around her, declares our Father, and I will be the glory within her.'" Kandi jewe ubwanje nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikuje rwo kuhakingira,’ uko ni ko Uhoraho avuze, ‘kandi nzohabera n’ubwiza bw’imbere muri co!’ ”
6 "Come! Come! Flee from the land of the north, declares our Father, for I scattered you like the four winds of heaven, declares our Father. “Nimuze! Nimuze! Nimuhunge muve mu gihugu co mu buraruko,” ni ko Uhoraho avuze, “kuko nabashwiragirije mu birere bine umuyaga wo mu kirere utumberamwo,” ni ko Uhoraho avuze.
7 Come, Zion! Escape, you who live with the daughter of Babylon. “Nuze, yewe Siyoni! Hunga wewe uba ku mukobwa Babiloni!”
8 This is what the Father of heaven's armies says—after his glory sent me against the nations who plundered you: whoever touches you touches the apple of his eye: Kuko uku ari ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nyenubwiza amaze kuntuma kugwanya amahanga yabanyaze ivyanyu, kuko yavuze ko uwubakozeko aba akoze mu mbone y’ijisho ryiwe.
9 For look, I will wave my hand over them, and they will become plunder for those who served them. Then you will know the Father of heaven's armies sent me. Sinzogenda ntabanguriye ukuboko kwanje kuyagwanya kugira ngo abo bari baragize abagurano na bo babanyage ivyabo. Nuko muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yantumye.
10 Sing and rejoice, daughter of Zion! For look, I am coming to live among you, declares our Father. Shira akamo hejuru unezerwe, Mukobwa w’i Siyoni. Kuko ndiko ndaza, kandi nzoba hagati muri wewe,” ni ko Uhoraho avuze.
11 "Many nations will join our Father that day and become my children. I will live among you, and you will know the Father of heaven's armies sent me to you. “Amahanga menshi azokwifatanya n’Uhoraho kuri uwo musi kandi azohinduka abantu banje. Nzoba muri mwebwe namwe muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabantumyeko.
12 And our Father will claim Judah as his portion in the holy land, and again choose Jerusalem. Uhoraho azoronka i Buyuda nk’umugabane wiwe mu gihugu cejejwe kandi azosubira gutoranya Yerusalemu.
13 Be silent, all flesh, before our Father, for he stirs himself from his holy dwelling." Tekerereza imbere y’Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kuko yikanguye ava ahera hiwe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]