Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Darius's second year, eighth month, our Father's word came to Zechariah son of Berechiah, son of Iddo the prophet: Mu kwezi kugira umunani kw’umwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, rivuga riti:
2 Our Father was very angry with your ancestors. “Uhoraho yarashavuriye cane ba sogokuruza banyu.
3 So tell them: This is what the Father of heaven's armies says: Return to me, declares the Father of heaven's armies, and I will return to you. So says the Father of heaven's armies. Nuko rero, bwira abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Nimungarukeko,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nanje nzobagarukako,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
4 Do not be like your ancestors. To them the earlier prophets proclaimed: This is what the Father of heaven's armies says: Turn now from your evil ways and evil deeds. But they would not listen or heed me, declares our Father. Ntimumere nka ba sogokuruza banyu, abo abavugishwa banje ba kera babwiye bati: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi, ariko ntibanyumvire canke ngo banshireko n’umutima, ni ko Uhoraho avuze.
5 Your ancestors—where are they now? And the prophets, do they live forever? None ba sogokuruza banyu ubu bari he? Mbega abavugishwa n’Imana bamaho ibihe vyose?
6 But my words and decrees, which I commanded my servants the prophets—did they not overtake your ancestors? Then they turned back and said, 'Just as the Father of heaven's armies planned to do to us, matching our ways and deeds, so he has dealt with us.' Mbega none amajambo yanje n’ivyo nashinze nkabishikiriza abasavyi banje navugisha ntivyashitse kuri ba sogokuruza banyu? Maze barihana bavuga bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose yadukoreye ibikwiranye n’ingeso zacu n’ibikorwa vyacu, nk’uko yari yagabiye kubitugirira.’ ”
7 On the twenty-fourth day of the eleventh month, Shebat, in Darius's second year, the word of our Father came to Zechariah son of Berechiah, son of Iddo the prophet: Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’indwi, mu kwezi kwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido.
8 During the night I had a vision—and there before me was a man riding a red horse, standing among the myrtle trees in a ravine, and behind him were red, brown, and white horses. Mw’ijoro nabonye ivyo neretswe, maze imbere yanje hari umugabo yari yicaye kw’ifarasi ifise ibara rigomba gutukura kandi na yo yari ihagaze mu biti vyitwa mirite, ahantu h’umwonga. Inyuma yiwe hari ayandi mafarasi na yo nyene y’akagajo, ayagomba kwera hamwe n’ayera.
9 I asked, 'What are these, my lord?' The angel talking with me said, 'I will show you what they are.' Ndabaza nti: “Izo farasi zisigura iki, ga Mwami wanje?” Umumarayika yariko aravugana nanje aranyishura ati: “Ndakwereka ivyo ari vyo.”
10 The man among the myrtle trees answered, 'These are the ones our Father sent to patrol the earth.' Maze wa mugabo yari ahagaze muri vya biti vyitwa mirite, aransigurira ati: “Ni abo Uhoraho arungitse kugendura isi yose.”
11 They reported to the messenger of our Father standing among the myrtle trees, 'We have patrolled the earth; the whole earth sits at rest and peace.' Maze baha icegeranyo wa mumarayika w’Uhoraho yari ahagaze musi y’ivyo biti bati: “Twagenduye isi yose kandi twasanze isi yose itekanye iri mu mahoro.”
12 Then the messenger of our Father said, 'Father of heaven's armies, how long will you hold back mercy from Jerusalem and Judah's cities, angry with them these seventy years?' Maze wa mumarayika w’Uhoraho arishura ati: “Uhoraho Mushoboravyose, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye kumara iyi myaka mirongo indwi yose?”
13 So our Father spoke kind and comforting words to the angel who was talking with me. Maze Uhoraho abwira amajambo meza kandi aremesha wa mumarayika yavugana nanje.
14 Then the angel talking with me said, 'Proclaim: This is what the Father of heaven's armies says: I am very jealous for Jerusalem and Zion,' Nuko wa mumarayika yariko aravugana nanje ambwira ati: “Semerera ubu butumwa ubwire abantu bose uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ngize ipfuhe ku bwa Yerusalemu na Siyoni,
15 but I am very angry with the secure nations; I was only a little angry, but they added to the harm. kandi ndashavuriye cane amahanga yibereye mu mutekano no mu mahoro. Nari narashavuriye gatoya abantu banje, ariko ayo mahanga yabahaye igihano kirengeje.’
16 So our Father says: I will return to Jerusalem with mercy; there my house will be rebuilt, declares the Father of heaven's armies, and the measuring line will be stretched over Jerusalem. Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzohindukirira Yerusalemu mfise imbabazi, kandi aho ni ho Ingoro yanje izosubira kwubakwa. Kandi umugozi wo gupima uzosubira kugororwa i Yerusalemu,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
17 Proclaim further: So says the Father of heaven's armies: My cities will again overflow with prosperity; our Father will again comfort Zion and again choose Jerusalem. Semerera umenyeshe abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ibisagara vyanje bizosubira kwuzura bisesekare ivyiza, kandi Uhoraho azosubira kuremesha Siyoni no gutoranya Yerusalemu.’ ”
18 Then I looked up, and there before me were four horns. Maze ndavye hejuru, mbona imbere yanje amahembe ane.
19 I asked the angel talking with me, 'What are these?' He said, 'These are the horns that scattered Judah, Israel, and Jerusalem.' Mbaza wa mumarayika yariko aravugana nanje nti: “Ibi ni ibiki?” Anyishura ati: “Ayo mahembe aserukira amahanga ane yashwiragije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.”
20 Then our Father showed me four craftsmen. Nuko Uhoraho anyereka abacuzi bane.
21 I asked, 'What are these coming to do?' He said, 'These horns scattered Judah so no one could lift his head; but these craftsmen came to terrify them and throw down the horns the nations raised against Judah's land to scatter it.' Ndabaza nti: “Abo baje gukora iki?” Aranyishura ati: “Wabonye ya mahembe ane ari yo mahanga yashwiragije Abayuda kugira ngo ntihagire uwuzokwongera kuvyura umutwe. Aba bacuzi bazanywe no gutera ubwoba ayo mahanga no guca ayo mahembe yayo yadugije ngo agwanye Abayuda no gusanzaza abantu baho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]