Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Haggai 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the seventh month, on the twenty-first day, the word of our Father came through Haggai the prophet: Ku musi wa mirongo ibiri na rimwe w’ukwezi kugira indwi, ijambo ry’Uhoraho riraza riciye mu wavugishwa n’Imana Hagayi, rivuga riti:
2 "Speak now to Zerubbabel son of Shealtiel, governor of Judah, to Joshua son of Jehozadak, high priest, and to the rest of the people: “Vugana na Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, na Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’amasigarira yose y’abo bantu. Ubabaze uti:
3 Who among you is left? Who here saw this house in its former glory? How does it look now? Doesn't it seem like nothing to you?' ‘Ni nde muri mwebwe agisigaye yoba yarabonye iyi Ngoro mu bwiza bwayo bwa kera? Mbega ubu isa gute? Mbega ntisa n’aho ari ubusa?’
4 Yet now be strong, Zerubbabel, declares the Father; be strong, Joshua son of Jehozadak, the high priest; and be strong, all you people of the land, declares the Father, and work, for I am with you, declares the Father of heaven's armies. ‘Ariko ubu rero shikama, yewe Zerubabeli,’ ni ko Uhoraho avuze. ‘Shikama, yewe Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru. Nimushikame mukomere, namwe bantu mwese muri mu gihugu,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘maze mukore. Kuko ndi kumwe namwe,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
5 Just as I promised when you came out of Egypt, my Spirit remains among you; do not be afraid. ‘Ibi ni vyo nasezeranye namwe igihe mwava muri Egiputa. Kandi Mpwemu wanje aguma hagati muri mwebwe. Ntimutinye.’
6 This is what the Father of heaven's armies says: Once more, in a little while, I will shake the heavens, the earth, the sea, and the dry land. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Mu gihe gito nzosubira kunyiganyiza amajuru n’isi, ikiyaga n’i musozi.’
7 And I will shake all the nations, and what all nations most desire will come, and I will fill this house with glory, says the Father of heaven's armies. Nzonyiganyiza amahanga yose, kandi ivyo amahanga yose yipfuza bizoza, maze nzokwuzuza ubwiza iyi Ngoro, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
8 The silver is mine and the gold is mine, declares the Father of heaven's armies. ‘Ifeza ni izanje n’inzahabu ni izanje,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
9 The final glory of this house will surpass the first, says the Father of heaven's armies; and in this place I will give peace, declares the Father of heaven's armies." ‘Ubwiza bw’iyi Ngoro buzoruta ubw’iya kera,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. ‘Kandi nzozana amahoro aha hantu,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”
10 On the ninth month's twenty-fourth day, Darius's second year, our Father's word came to Haggai the prophet: Ku musi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza riciye ku wavugishwa n’Imana Hagayi riti:
11 This is what the Father of heaven's armies says: Ask the priests for a ruling: “Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Baza abaherezi uko ivyagezwe bivuga:
12 If a man carries holy meat in the fold of his garment and with it touches bread, stew, wine, oil, or any food, does it become holy? The priests answered, No. Umuntu niyatwara inyama zeguriwe Imana mu muzingo w’impuzu wiwe, maze uwo muzingo ugakora ku mukate canke imboga, umuvinyu, amavuta ya elayo canke ibindi vyokurya vyose, mbega ivyo na vyo nyene bizoca biba ivyeguriwe Imana?’ ” Maze abaherezi barishura bati: “Oya.”
13 Haggai asked, If someone unclean from a dead body touches any of these, does it become unclean? Yes, it becomes unclean, the priests answered. Maze Hagayi aravuga ati: “Umuntu yahumanijwe no gukora ku muvyimba akoze kuri kimwe muri ivyo, mbega gica gihumana?” Ba baherezi barishura bati: “gica gihumana.”
14 Then Haggai said: So it is with this people and this nation before me, declares the Father; so with all they make, and what they offer there is unclean. Maze Hagayi aravuga ati: “ ‘Ni ko bimeze no kuri aba bantu no kuri iri hanga mu nyonga zanje,’ ni ko Uhoraho avuze. ‘Ivyo bakora vyose n’ivyo bashikana vyose biranduye.’
15 "Now consider carefully from this day on: before stone was laid on stone in our Father's temple. None rero nimwiyumvire kuri ibi uhereye uno musi, mwibuke igihe ata buye ryari bwagerekwe ku rindi mu Ngoro y’Uhoraho.
16 How did you fare? Coming to a grain heap for twenty, there were ten; to the wine vat to draw fifty, there were twenty. Umuntu yaja kurondera ingero mirongo ibiri mu kigega z’ingano, yasangamwo ingero cumi gusa. Uwaja kurondera ingero mirongo itanu z’umuvinyu mu bwato bwo kuganiramwo, yasangamwo ingero mirongo ibiri gusa.
17 I struck you and all your work with blight, mildew, and hail, but you did not turn to me, declares the Father. Nateje igikorwa c’amaboko yanyu kurumba, ukubora n’urubura, ariko na ho nyene ntimwangarutseko, ni ko Uhoraho avuze.
18 Think carefully from this day on—from the twenty-fourth day of the ninth month, the day our Father's temple foundation was laid—think carefully: ‘Kuva uwu musi, umusi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira icenda, mwiyumvire cane ku musi itanguriro ry’uru rusengero rw’Uhoraho ryashirwaho. Mwiyumvire neza:
19 Is seed still in the barn? The vine, fig, pomegranate, and olive tree have not yet borne fruit. But from this day on I will bless you." Mbega hari n’imbuto zisigaye mu bigega? Kugeza ubu, umuzabibu, n’umusukoni, umukomamanga n’umwelayo ntivyamye ivyamwa vyavyo. Uhereye kuri uwu musi nzobahezagira.’ ”
20 The word of our Father came to Haggai a second time on the twenty-fourth of the month: Ijambo ry’Uhoraho riraza riciye kuri Hagayi ubugira kabiri ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’uko kwezi nyene, riti:
21 "Speak to Zerubbabel, governor of Judah: I am about to shake the heavens and the earth. “Bwira Zerubabeli umukuru w’intara y’i Buyuda ko ngiye kunyiganyiza amajuru n’isi.
22 I will overturn the thrones of kingdoms and destroy the power of the kingdoms of the nations. I will overturn chariots and their riders; horses and their riders will fall, each by the sword of his brother.' Nzotembagaza intebe z’ubwami nsangangure ubushobozi bw’amahanga. Nzotembagaza imikogote n’abayigenderako; amafarasi n’abayagenderako bizotemba, umwe wese yicwe n’inkota y’umuvukanyi wiwe.
23 On that day, declares the Father of heaven's armies, I will take you, Zerubbabel son of Shealtiel, my servant, declares the Father, and make you like a signet ring, for I have chosen you, declares the Father of heaven's armies." ‘Kuri uwo musi,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nzogutwara, wewe Zerubabeli umusavyi wanje mwene Sheyalutiyeli,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘maze ndakugire nk’impeta yo ku rutoke rwanje, kuko nagutoranije,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]