Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Haggai 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In King Darius's second year, in the sixth month, on the first day, the word of our Father came through Haggai the prophet to Zerubbabel son of Shealtiel, governor of Judah, and to Joshua son of Jehozadak, the high priest: Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi ari ku ngoma, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatandatu, ijambo ry’Uhoraho ryaciye ku wuvugishwa n’Imana Hagayi ribwirwa Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, na Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru.
2 This is what the Father of heaven's armies says: "These people say it isn't yet time to rebuild the house of our Father." Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Aba bantu bavuga bati: ‘Igihe ntikiragera co gusubira kwubaka Ingoro y’Uhoraho.’ ”
3 Then the word of our Father came through Haggai the prophet: Maze Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza riciye ku wavugishwa n’Imana Hagayi riti:
4 "Should you be living in your paneled houses while this house lies in ruins?" “Mbega iki ni igihe c’uko mwebwe mwibera mu mazu yanyu asharije kandi yubatse neza, ariko Ingoro yanje yoyo ikaguma ari umusaka?”
5 So then, this is what the Father of heaven's armies says: "Consider carefully how you have lived. None rero uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nimwiyumvire neza ku nzira zanyu.
6 You have sown much, but harvested little. You eat, but never have enough. You drink, but never have your fill. You put on clothes, but no one keeps warm. And the one who earns wages earns them only to put them into a purse with holes." Mwateye vyinshi, ariko mwimbuye bike. Murarya, ariko ntimwigera muhaga. Muranywa, ariko ntimwigera mushira inyota. Murambara, ariko ntimushira imbeho. Muronka imishahara mukayishira mu mifuko itobotse.”
7 This is what the Father of heaven's armies says: "Consider carefully how you have lived. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nimugenzure inzira zanyu.
8 Go up into the hills, bring down timber, and rebuild the house, so that I may take pleasure in it and be honored," says our Father. Nimuduge mu misozi muzane ibiti maze mwubake Ingoro yanje, kugira ngo inezereze kandi impeshe icubahiro,” ni ko Uhoraho avuze.
9 "You expected much, but it amounted to so little. What you brought home, I blew away. Why?" declares the Father of heaven's armies. "Because of my house, which still lies in ruins, while each of you is busy with his own house. “Mwari mwiteze kwimbura vyinshi, ariko raba, mwimbuye bike. Ivyo mwashikanye mu ngo ntuma bikeha. Ni kubera iki?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza. “Ni kubera inzu yanje, yagumye ari umusaka, mu gihe umwe wese muri mwebwe yitwararitse kwubaka neza inzu yiwe.
10 Therefore, because of you the heavens have withheld their dew, and the earth has withheld its produce. Nuko rero, kubera mwebwe, ikirere carabimye urume, eka n’isi yarabimye ivyimburwa.
11 I called for a drought on the fields and the hills, on the grain, the new wine, the olive oil, on whatever the ground produces, on people and livestock, and on all the labor of your hands." Nahamagaye uruzuba ngo ruze ku mirima, ku misozi, ku ngano, ku mizabibu, ku mavuta ya elayo ku bindi vyimburwa vyose isi itanga, ku bantu no ku bitungano, no ku vyo mwaruhiye vyose.”
12 Then Zerubbabel son of Shealtiel, Joshua son of Jehozadak the high priest, and all the remnant of the people obeyed our Father's voice and the words of Haggai the prophet, since our Father had sent Haggai; and the people feared before our Father. Nuko Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’amasigarira yose, bumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yabo n’ubutumwa bw’uwavugishwa n’Imana Hagayi, nk’uko Uhoraho Imana yabo yari yamutumye. Abantu bubaha Uhoraho.
13 Then Haggai, our Father's messenger, gave the people this message: "I am with you, declares our Father." Maze Hagayi, intumwa y’Uhoraho, ashikiriza abantu ubu butumwa buvuye k’Uhoraho buvuga ngo: “Ndi kumwe namwe,” ni ko Uhoraho avuze.
14 So our Father stirred the spirit of Zerubbabel son of Shealtiel, governor of Judah, the spirit of Joshua son of Jehozadak the high priest, and the spirit of all the remnant of the people. They came and worked on the house of the Father of heaven's armies, Nuko Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, n’umutima wa Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’umutima w’amasigarira yo mu bantu. Baraza batangura kwubaka Ingoro y’Uhoraho Mushoboravyose, Imana yabo,
15 on the twenty-fourth day of the sixth month in the second year of Darius the king. ku musi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira gatandatu. Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi ari ku ngoma,
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]