Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ruth 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When the judges ruled, a famine struck the land, and a man from Bethlehem in Judah went with his wife and two sons to stay a while in the fields of Moab. Mu gihe Abisirayeli baganzwa n’abacamanza, hateye inzara mu gihugu, maze umugabo umwe w’i Betelehemu mu karere ka Yuda, hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri, baja kuba baraba mu gihugu c’i Mowabu.
2 The man was named Elimelech, his wife Naomi, and his two sons Mahlon and Chilion—Ephrathites from Bethlehem in Judah. They went to the territory of Moab and stayed there. Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe na bo bitwa Mahiloni na Kiliyoni. Abo bari Abanyefurata baba i Betelehemu, mu karere ka Yuda. Nuko baja i Mowabu babayo.
3 Then Elimelech, Naomi's husband, died, and she was left with her two sons. Haheze igihe, Elimeleki, umugabo wa Nawomi, arapfa, Nawomi asigarana n’abahungu biwe babiri.
4 They married Moabite women—Orpah and Ruth—and lived there about ten years. Mu nyuma abo bahungu barongora Abanyamowabukazi, umwe yitwa Orupa uwundi akitwa Rusi. Bamazeyo nk’imyaka icumi,
5 Both Mahlon and Chilion also died, and Naomi was left without her two children and husband. Mahiloni na Kiliyoni na bo nyene barapfa. Nawomi asigara wenyene abahungu biwe bompi n’umugabo wiwe bamaze gupfa.
6 In Moab's fields, Naomi heard that our Father had attended his people, giving them food, so she set out with her two daughters-in-law to return from there. Nawomi akiri i Mowabu yumva ko Uhoraho yatabaye abantu biwe akabarungikira ivyokurya. Nuko yitegura gusubira mu gihugu ciwe hamwe n’abakazana biwe.
7 She left the place where she had been, with her two daughters-in-law, and they went on the road back to the land of Judah. Ava aho yaba ari kumwe n’abakazana biwe bafata inzira isubira mu karere ka Yuda.
8 Naomi told her two daughters-in-law, "Return, each to your mother's home. May our Father deal kindly with you, as you dealt with the dead and with me. Ariko Nawomi abwira abakazana biwe ati: “Nimwisubirire inyuma, umwe wese aje mu nzu kwa nyina. Uhoraho aze abagirire neza nk’uko mwatugiriye twe n’abahisi.
9 May our Father give each of you rest in another husband's home." Then she kissed them, and they wept aloud. Uhoraho aze abahe impore mu ngo muzoja kwubakamwo.” Nuko arabagumbira arabasezera, bose bararira cane,
10 And they said to her, "No—we will return with you to your people." baca baramubwira bati: “Turajana nawe mu bwoko bw’iwanyu.”
11 Naomi said, "Go back, my daughters. Why go with me? Do I have more sons in my womb to become your husbands? Ariko Nawomi arababwira ati: “Nimwisubirire iwanyu, bakobwa banje. Ni igiki cotuma mujana nanje? Mbega nzosubira kuvyara abandi bahungu, ngo bababere abagabo?
12 Return, my daughters, go, for I'm too old to marry. Even if I said there's still hope, even if I had a husband tonight and bore sons, Nimwitahire iwanyu, bakobwa banje; kuko ndashaje cane nta mugabo wundi nkironka. Naho nokwiyumvira ko ngifise ibindi vyizigiro vyo kuronka umugabo iri joro nyene nkavyara abahungu,
13 would you wait for them until grown? Would you stay unmarried for them? No, my daughters—it's far more bitter for me than you, since our Father's hand has turned against me." mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka kurongorwa mubarindiriye? Oya ntivyokunda, bakobwa banje. Ivyanje ni umururazi kurusha ivyanyu, kuko Uhoraho ubwiwe yambanguriye ukuboko kwiwe!”
14 At this they wept aloud again. Then Orpah kissed her mother-in-law goodbye, but Ruth clung to her. Bumvise ivyo bongera kurira cane. Maze Orupa agumbira inabukwe aramusezera, ariko Rusi amwumirako.
15 Naomi said, "Look, your sister-in-law went back to her people and her gods. Go back with her." Nawomi abwira Rusi ati: “Raba mugenzawe arisubiriye mu b’iwabo no ku mana ziwe. Ehe jana na we.”
16 Ruth said, "Don't push me to leave you or turn back from following you. Where you go, I'll go; where you stay, I'll stay. Your people will be my people, and your God my God. Ariko Rusi aramwishura ati: “Reka kunyingingira kuvana nawe canke gusubira inyuma ngo ndaguhebe. Aho uzoja ni ho nzoja, aho uzoba ni ho nzoba. Ihanga ryawe ni ryo rizoba ihanga ryanje kandi Imana yawe ni yo izoba Imana yanje.
17 Where you die I will die, and there I will be buried. May our Father punish me ever so severely if anything but death separates you and me." Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho bazompamba. Uhoraho aze abimpanire, mbere birushirije, nihagira ikintandukanya na wewe atari urupfu.”
18 When Naomi saw that Ruth was determined to go with her, she said no more to her. Nawomi amaze kubona ko Rusi yafashe ingingo ntabanduka yo kujana na we, ntiyasubira kumwinginga.
19 So both of them traveled until they reached Bethlehem. When they entered Bethlehem, the whole town stirred over them, and the women said, "Is this Naomi?" Abo bagore uko ari babiri baragenda gushika bashitse i Betelehemu. Bahashitse, abo mu gisagara bose bazira rimwe kubaraba. Abagore baho baravuga bati: “Mbega uwu si Nawomi?”
20 "Don't call me Naomi," she said. "Call me Mara—the Almighty has dealt very bitterly with me. Na we arababwira ati: “Ntimunyite Nawomi, munyite Mara, kuko Iyishoboravyose yahinduye ubuzima bwanje umururazi ukomeye.
21 I went away full, but our Father has brought me back empty. Why call me Naomi, when our Father has afflicted me and the Almighty has brought misfortune upon me?" Nkigenda nta co nari nkenye, ariko Uhoraho angarukanye ata kintu na kimwe mfise. None ni igiki cotuma munyita Nawomi? Uhoraho yanteje amagorwa; Iyishoboravyose yanteje ivyago.”
22 So Naomi returned from the fields of Moab with Ruth the Moabite, her daughter-in-law, who came back with her. They reached Bethlehem as barley harvest began. Nuko Nawomi agaruka avuye i Mowabu ari kumwe n’umukazana wiwe Rusi, Umunyamowabukazi, bashika i Betelehemu mu gihe iyimbura ry’ingano ryari ritanguye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]