Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ruth 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Naomi had a relative through her husband, a prominent, wealthy man from Elimelech's clan, named Boaz. Nawomi yari afise incuti ku ruhande rw’umugabo wiwe, umugabo yari atunze kandi w’umwubahwa wo mu muryango wa Elimeleki, yitwa Bowazi.
2 Ruth the Moabite said to Naomi, "Let me glean grain behind anyone who favors me." She said, "Go, my daughter." Umusi umwe Rusi wa Munyamowabukazi abwira Nawomi ati: “Nyemerera nje mu mirima ntoratore ingano zakorotse inyuma y’umuntu wese aza kundaba ijisho ryiza.” Nawomi aramubwira ati: “Genda mwana wanje.”
3 So she went out and gleaned behind the harvesters, and she happened to come to the field belonging to Boaz, of Elimelech's family. Nuko aragenda atangura gutoratora ingano zasigaye mu mirima inyuma y’abimbuzi. Maze birahurirana asanga ariko atoratora mu murima wa Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.
4 Just then Boaz came from Bethlehem, telling the harvesters, "May our Father be with you." "Our Father bless you," they replied. Maze Bowazi aca arashika avuye i Betelehemu, aramutsa abimbuzi ati: “Uhoraho abane namwe!” Baramwishura bati: “Uhoraho aguhe umugisha!”
5 Then Boaz said to his foreman, "Whose young woman is this?" Bowazi abaza umukozi yari ajejwe abimbuzi ati: “Urya mukobwa ni uwa nde?”
6 The foreman answered, "She's the young Moabite woman who returned with Naomi from Moab's country. Uwo mukozi aramwishura ati: “Ni wa Munyamowabukazi yazanana na Nawomi bavuye i Mowabu.
7 She said, 'Please let me glean and gather among the sheaves behind the harvesters.' She came and has stayed from morning till now, resting only briefly in the shelter." Yaje asaba ati: ‘Ndabinginze mundeke ntoratore utwasigaye hagati y’imikama inyuma y’abimbuzi.’ Yaje mu murima kuva mu gitondo kandi gushika n’ubu ntarahagarika gukora, uretse akanya gato yicaye mu gitutu ngo aruhuke.”
8 Boaz said to Ruth, "Listen, my daughter. Don't glean in another field or leave here; stay close to my young women. Nuko Bowazi abwira Rusi ati: “Mukobwa wanje, nyumviriza. Ntuze uje gutoratora ingano mu wundi murima kandi ntuze uje kure y’aha. Uze ugumane n’abakobwa bankorera.
9 Watch the field they harvest and follow behind them. I've told the young men not to touch you. When thirsty, drink from the jars the young men filled." Uze urabe umurima abimbuzi banje bariko barimburamwo, hanyuma ugende ukurikira abakobwa bankorera. Nihanije abakozi ngo ntihagire uwugukorako. Kandi unyotewe, uzoce ugenda wihe amazi yo kunywa ku mibindi abakozi bavomye.”
10 She bowed facedown to the ground and asked him, "Why have I found favor in your eyes that you notice me, a foreigner?" Amubwiye ivyo, Rusi aca aramwunamira, amubwira ati: “Ni igiki gitumye ngirirwa ubuntu imbere yawe ngo unyiteho, jewe umunyamahangakazi?”
11 Boaz answered, "I've heard all you did for your mother-in-law since your husband died—how you left your father, mother, and homeland to come to a people you didn't know before. Bowazi aramwishura ati: “Barambwiye ivyo wakoreye nyokobukwe vyose kuva umugabo wawe apfuye, ko wahevye so na nyoko n’igihugu c’amavukiro ukaza kuba mu bantu utigeze umenya.
12 May our Father repay your deed; may our Father, the God of Israel, under whose wings you've come for refuge, reward you fully." Uhoraho, Imana ya Isirayeli, uwo waje guhungira musi y’amababa, aze aguhembere ivyo wakoze. Uhoraho aze akwishure birushirije.”
13 "May I find favor in your eyes, my lord," she said, "for you've comforted me and spoken kindly to your servant, though I'm not one of your servants." Rusi aramubwira ati: “Icompa ngashishikara kugirirwa ubuntu imbere yawe, Nyakwubahwa. Urandemesheje kandi umbwiye amajambo meza jewe umusavyikazi wawe, naho ntari mpwanye n’umwe mu bakobwa bagukorera.”
14 At mealtime Boaz said, "Come here, eat some bread, dip your piece in the wine vinegar." She sat beside the harvesters; he passed her roasted grain. She ate her fill and had some left. Hageze gufungura, Bowazi aramubwira ati: “Ingo hano. Niwakire umukate ukoze mu muvinyu w’inkarisha.” Maze yicaye hamwe n’abimbuzi, amuha intete zikaranze. Ararya arahaga kandi aranasigaza.
15 When she rose to glean, Boaz ordered his young men, "Let her glean even among the sheaves; don't shame her. Ahagurutse ngo atoratore ingano zakorotse, Bowazi ategeka abimbuzi biwe ati: “Naho yotoratora hagati y’imikama, ntimumugore.
16 Instead, pull stalks from the bundles for her and leave them for her to pick up, and don't correct her." Ahubwo, muze murakororera hasi ingano zimwe kugira ngo azitoratore, kandi ntimumukarire.”
17 She gleaned in the field till evening, then beat out what she'd gathered—about twenty quarts of barley. Nuko Rusi atorora ingano muri uwo murima gushika ku mugoroba. Asekuye izo yegeranije, akwiza ingero efa.
18 She carried it to town; her mother-in-law saw how much she'd gleaned. She also brought out and gave her what she'd saved after eating her fill. Araheza azijana mu gisagara, maze inabukwe abona ingene yegeranije ingano nyinshi. Kandi Rusi arongera asokorora ivyo yari yashigaje ahejeje gufungura agahaga, arabimuha.
19 Her mother-in-law asked, "Where did you gather today? Where did you work? Blessed be the man who noticed you!" Ruth named whose field: "The man I worked with today is Boaz." Inabukwe aramubaza ati: “Mbega watoratoye he uwu musi? Wakoreye he? Uwo mugabo yakwitayeho aragahezagirwa!” Maze Rusi abwira inabukwe nyene aho hantu yakoreye. Aravuga ati: “Izina ry’uwo mugabo nyene umurima nakoreyemwo uno musi ni Bowazi.”
20 Naomi told her daughter-in-law, "May our Father bless him, whose kindness hasn't left the living or the dead." She added, "He's a close relative, one of our redeemers." Nawomi abwira umukazana wiwe ati: “Uhoraho amuhezagire. Ntiyigeze ahagarika kugirira neza twebwe abazima n’abahisi.” Arongerako ati: “Urya mugabo ni incuti yacu ya hafi; ni umwe mu bacunguzi bacu.”
21 Then Ruth the Moabite said, "He even told me, 'Stay with my workers until they finish all my harvest.'" Maze Rusi Umunyamowabukazi aravuga ati: “Kandi yambwiye ngo: ‘Uze ugumane n’abakozi banje kugeza bahejeje kwegeranya umwimbu wanje wose.’ ”
22 Naomi told her daughter-in-law Ruth, "Good, my daughter—go out with his young women, so you won't be harmed in another field." Nawomi abwira Rusi umukazana wiwe ati: “Bizokubera vyiza, mukobwa wanje, kujana n’abakobwa bamukorera, kuko ugiye mu murima w’uwundi muntu wohava ugira ingorane.”
23 She stayed close to Boaz's young women, gleaning until the barley and wheat harvests ended, and lived with her mother-in-law. Nuko Rusi aguma hafi y’abakobwa bakorera Bowazi atorora gushika iyimbura rya sayiri n’ingano rirangiye. Kandi ico gihe yabana na inabukwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]