Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Israel's men had sworn at Mizpah: "None of us will give his daughter to Benjamin as a wife." Igihe Abisirayeli bari bahuriye i Misipa bagira baje kugwanya Ababenyamini, bari barahiye bati: “Nta n’umwe wo muri twebwe azoshingira umukobwa wiwe Ababenyamini.”
2 The people came to Bethel and sat there before our Father until evening, crying out and weeping bitterly. Inyuma y’intambara n’Ababenyamini, abantu bose baca bahurira i Beteli, bicara imbere y’Imana gushika ku mugoroba, baborogana umubabaro mwinshi,
3 They said, "Why, our Father, God of Israel, has this happened in Israel—one tribe missing from Israel today?" bavuga bati: “Uhoraho, Mana ya Isirayeli, ni kubera iki ibi vyashikiye Isirayeli, bituma umuryango umwe uzimangana muri Isirayeli?”
4 The people rose early next day, built an altar there, and offered burnt and peace offerings. Bukeye mu gatondo ka kare, abantu bubaka igicaniro bashikana ibimazi bituriwe hamwe n’ibimazi vy’ishimwe.
5 Then Israel's people asked, "Which of all the tribes of Israel did not come up to the assembly, to our Father?" For they had sworn a solemn oath that whoever did not come up to our Father at Mizpah must surely be put to death. Abisirayeli baca barabaza bati: “Ni nde wo mu miryango ya Isirayeli atari kumwe natwe i Misipa aho twakoranira imbere y’Uhoraho?” Babajije gutyo kubera bari barahiriye imbere y’Uhoraho ko uwutazokwifatanya na bo azokwicwa.
6 The Israelites grieved for their brother Benjamin. They said, "Today one tribe is cut off from Israel. Maze Abisirayeli bagandarira benewabo ari bo Babenyamini, bavuga bati: “Uno musi umwe mu miryango ya Isirayeli wazimanganye.
7 How can we get wives for the survivors, since we swore by our Father not to give them our daughters?" None abacitse kw’icumu tuzobakwera abagore gute ko twarahiriye imbere y’Uhoraho ko ata mukobwa wacu tuzobashingira?”
8 Then they asked, "Which of the tribes of Israel did not come up to our Father at Mizpah?" No one from Jabesh-gilead had come to the camp, to the assembly. Barabaza bati: “Nta muryango wo mu Bisirayeli utakoraniye hamwe natwe imbere y’Uhoraho i Misipa?” Basanga nta n’umwe w’i Yabeshi Gileyadi yaje muri iryo koraniro.
9 For when the people were counted, not one of the inhabitants of Jabesh-gilead was there. Kuko bamaze guharura abari bahari bose, basanze ata wo muri Yabeshi Gileyadi yari ngaho.
10 The assembly sent 12,000 of their bravest fighters there, ordering: "Go strike the residents of Jabesh-gilead with the sword, including women and children. Ikoraniro rica rigena abasoda ibihumbi cumi na bibiri bamenyereye intambara, ngo baje i Yabeshi Gileyadi, bicishe inkota ababayo bose, harimwo abagore n’abana
11 Do this: devote to destruction every male, and every woman who has had relations with a man." Bababwira bati: “Uku abe ari ko muzobagenza: muzotikize abagabo n’abahungu bose, hamwe n’abagore bose batakiri inkumi.”
12 Among Jabesh-gilead's residents they found 400 young virgins who had never slept with a man, and brought them to the camp at Shiloh, in the land of Canaan. Baca basanga mu baba i Yabeshi Gileyadi harimwo inkumi amajana ane batararyamana n’abagabo, baca babatwara mw’ikambi i Shilo muri Kanani.
13 Then the whole community sent word to the Benjaminites at the rock of Rimmon and declared peace to them. Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rica rirungika intumwa ku masigarira y’Ababenyamini bari ku gitandara c’i Rimoni kubabwira ko bashaka ko babana amahoro.
14 Benjamin returned at that time; they gave them the women kept alive from Jabesh-gilead—still not enough for them all. Nuko Ababenyamini basubira iwabo, bahabwa za nkumi z’i Yabeshi Gileyadi zari zazigurijwe. Ariko ntibabakwiye.
15 The people grieved for Benjamin, because our Father had made a breach in the tribes of Israel. Abantu bose bagira umubabaro mwinshi ku bw’Ababenyamini kuko Uhoraho yari yaciye igihengeri mu miryango ya Isirayeli.
16 The elders of the assembly said, "How do we get wives for the survivors, since Benjamin's women were wiped out?" Abari barongoye ikoraniro baravuga bati: “Mbega abagabo basigaye bo muri bene Benyamini tuzobaha abagore dukuye he ko abagore bose bo mu muryango wa Benyamini bapfuye?”
17 They said, "Benjamin's survivors need an inheritance, so a tribe isn't erased from Israel. Barongera bati: “Amasigarira yo mu muryango wa Benyamini ategerezwa kuronka abagore kugira ngo uwo muryango wa Isirayeli ntuzimangane ibihe vyose.
18 We cannot give them our daughters as wives, for Israel had sworn, 'Cursed is anyone who gives a wife to Benjamin.'" Ntidushobora kubaha abakobwa bacu kuko twarahiye tuti: ‘Azoba avumwe umuntu azoshingira umukobwa wiwe ku muntu wo mu muryango wa Benyamini.’
19 They said, "There's a yearly feast of our Father at Shiloh, north of Bethel, east of the road up from Bethel to Shechem, south of Lebonah." Baravugana bati: Ehe raba, hariho isabukuru y’Uhoraho uko umwaka uheze ibera i Shilo, mu buraruko bwa Beteli no hakuno y’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, hamwe no mu bumanuko bwa Lebona.”
20 And they instructed the Benjaminites, "Go and hide in the vineyards. Baca babwira abo mu muryango wa Benyamini bati: “Muzogende mwinyegeze mu mizabibu,
21 Watch—when Shiloh's young women come out to dance, rush from the vineyards, each seize a wife from Shiloh's young women, and go to Benjamin's land. nimwabona abakobwa b’i Shilo bakoranye ngo batangure gutamba, muzoce muva mu mizabibu, umwe wese acakire umukobwa umwe amutware mu ntara ya Benyamini abe umugore wiwe.
22 When their fathers or brothers come to us to complain, we'll tell them, Show them favor for our sake, since we didn't capture a wife for each in battle, and you didn't give them wives yourselves—else you'd be guilty now." Ba se babo canke basaza babo nibatwitwarako tuzobabwira tuti: ‘Nimutugirire ubuntu mubafashe, kuko tutashoboye kubaha abagore muri ya ntambara. Mwebwe nta co mwagirizwa kuko si mwebwe mwabashingiyeko abakobwa banyu.’ ”
23 So Benjamin's sons did this: they took wives, one for each, from the dancers they seized, went back to their inheritance, rebuilt the cities, and lived there. Ababenyamini babikora uko babibwiwe. Mu gihe abakobwa bariko baratamba, umwe wese aca asumira umukobwa umwe aramutwara ngo abe umugore wiwe. Baca basubira mu ntara yabo, basubira kwubaka ibisagara, babibamwo.
24 At that time the Israelites left there, each to his tribe and clan; each went out from there to his inheritance. Inyuma y’ivyo Abisirayeli baca basubira inyuma bamwebamwe bose mu miryango yabo, baja mu ntara zabo.
25 In those days there was no king in Israel; everyone did what was right in his own eyes. Muri ico gihe, Abisirayeli nta mwami bari bafise, umuntu wese yakora ibintu uko avyumva.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]