Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So brothers and sisters, by our Father's mercies I urge you: offer your bodies as a living sacrifice, holy and pleasing to him—your true, reasonable worship. None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.
2 Don't be shaped by this age, but be transformed by renewing your mind, so you can discern our Father's will—good, pleasing, and perfect. Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
3 By the grace given me, I tell each of you: don't think of yourself more highly than you should, but think with sound judgment, each according to the measure of faith our Father assigned. Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.
4 Just as one body has many parts, and the parts do not all have the same function, Nk’uko iyi mibiri yacu ifise ibihimba bitandukanye kandi ivyo bihimba bigakora ibikorwa bitandukanye,
5 so we, though many, are one body in Christ, and each of us belongs to the others. ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.
6 Our gifts differ according to the grace given us: if prophecy, use it in proportion to our faith; Dufise ingabire zitandukanye, bivanye n’ubuntu Imana yatugiriye. Nimba ufise ingabire yo kuvugishwa n’Imana, ubikore ukurikije ukwizera wahawe.
7 if service, in our serving; the one who teaches, in his teaching; Nimba ingabire yawe ari ugufasha abandi, ubikore neza. Nimba ingabire yawe ari ukwigisha, igisha neza.
8 the encourager, in encouragement; the giver, with generosity; the leader, with diligence; the merciful, with cheerfulness. Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.
9 Let love be genuine. Hate what is evil; hold fast to what is good. Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mufatane n’ivyiza.
10 Love one another with brotherly affection. Outdo one another in showing honor. Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.
11 Do not be lacking in zeal, but be fervent in spirit, serving the Lord. Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.
12 Rejoice in hope, be patient in affliction, be devoted to prayer. Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.
13 Share with our Father's people in their needs; pursue hospitality. Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.
14 Bless those who persecute you; bless, and do not curse. Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire.
15 Rejoice with those who rejoice; weep with those who weep. Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.
16 Live in harmony with one another. Don't be arrogant, but associate with the lowly. Don't be wise in your own eyes. Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.
17 Repay no one evil for evil; think ahead to do what is honorable before everyone. Ntimukishure inabi uwayibagiriye. Ahubwo mwitwararike gukora ivyiza mu maso y’abantu bose.
18 If possible, so far as it depends on you, live at peace with everyone. Nimba bishoboka, igihe cose vyoba biva kuri mwebwe, mubane amahoro n’abantu bose.
19 Beloved, don't avenge yourselves; leave room for our Father's wrath. As it's written: Vengeance is mine, I will repay, says our Father. Abo nkunda, ntimukihore uwubagiriye nabi, ariko mubirekere uburake bw’Imana, kuko handitswe ngo: “Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.”
20 Instead: "If your enemy is hungry, feed him; if thirsty, give him a drink; doing this, you'll heap burning coals on his head." Ikigeretseko: “Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira; niyanyoterwa umuhe ico kunywa. Niwakora uko, uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe.”
21 Do not be overcome by evil, but overcome evil with good. Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]