Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So I ask: has our Father rejected his people? Never—I too am an Israelite, from Abraham's line, tribe of Benjamin. Ndongera nkabaza nti: Mbega Imana yoba yarahevye abantu bayo ari bo Bisirayeli? Haba na mba! Jewe ubwanje ndi Umwisirayeli, uruvyaro rwa Aburahamu, nkaba nkomoka mu muryango wa Benyamini.
2 Our Father didn't reject his people, whom he foreknew. Or don't you know what Scripture says of Elijah, how he pleads with our Father against Israel? Imana ntiyahevye abantu bayo yatoranije kuva kera. Mbega murazi ico Ivyanditswe Vyera bivuga kuri ivyo? Uwavugishwa n’Imana Eliya yareze Abisirayeli ku Mana ati:
3 "Father, they killed your prophets, tore down your altars; I alone remain, and they seek my life." “Uhoraho, bishe abavugishwa bawe, basangangura n’ibicaniro vyawe. Ni jewe jenyene nsigaye kandi nanje bariko barandondera ngo banyice.”
4 God's reply: "I've kept 7,000 men for myself who haven't bowed the knee to Baal." Mbega inyishu y’Imana yabaye iyihe? Yamubwiye iti: “Naribikiye abantu ibihumbi indwi batigeze bapfukamira ikigirwamana Bayali ngo bagisenge.”
5 So too at the present time there is a remnant, chosen by grace. No muri kino gihe ni ko bimeze, harasigaye Abisirayeli bakeya bakiri abizigirwa kuko ubuntu bw’Imana bwabazigamye.
6 But if by grace, no longer by works; otherwise grace would no longer be grace. Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.
7 What then? Israel didn't get what it sought; the chosen did, but the rest were hardened. Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,
8 As it is written: "Our Father gave them a dulled spirit, eyes that can't see and ears that can't hear, to this day." nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Imana yabahinduye ibiyingiyingi; bafise amaso ariko ntibabona, bafise amatwi ariko ntibumva, gushika n’uno musi.”
9 And David says, "Let their table become a snare, a trap, a stumbling block, and payback for them. Dawidi na we yavuze, ati: “Reka indya zo ku meza yabo zibabere umutego n’ikinogo co kugwamwo, ibuye ritsitaza n’ingero bakwiranye.
10 Let their eyes be darkened so that they cannot see, and bend their backs forever." Reka amaso yabo ahume ntibashobore kubona, n’imigongo yabo yame ihetamye ibihe vyose!”
11 So I ask: did they stumble to fall completely? By no means! Rather, their failure brought salvation to the Gentiles, to make Israel jealous. Nuko rero ndabaza: None abantu b’Imana baratsitaye bagwa ubutakivyuka? Haba na mba! Ariko kugwa kwabo kwatumye agakiza gashikira Abanyamahanga, kugira ngo bibatere kugira ishari, maze bipfuze ako gakiza na bo.
12 If their sin enriches the world, and their failure enriches the Gentiles, how much more their full inclusion! Nimba kutumvira kwabo kwatungishije isi kandi nimba Abanyamahanga bahawe umugisha n’uko Abisirayeli banse agakiza, iyumvire ingene isi izohezagirwa igihe bazohindukirira Imana n’imitima yabo yose.
13 I say this to you Gentiles: since I am apostle to the Gentiles, I honor my ministry, Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe,
14 in the hope that I may somehow make my own people jealous and save some of them. kugira ngo ntume Abisirayeli bagirira ishari ico mwebwe abanyamahanga mufise, bikunze ndokore bamwe muri bo.
15 If their rejection reconciled the world, what will their acceptance bring but life from the dead? Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!
16 If the firstfruit is holy, so is the batch; if the root is holy, so are the branches. Nimba ikimanyu c’umukate cashikaniwe Imana nk’ivyeze ubwa mbere cejejwe, umukate wose uba wejejwe; kandi nimba imizi y’igiti yejejwe, n’amashami na yo nyene aba yejejwe.
17 If some branches were broken off, and you, a wild olive shoot, were grafted in among them, sharing the olive tree's rich root, Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano.
18 don't boast over the branches. If you do, you don't support the root—the root supports you. Nuko rero, ntimukishime kuri ayo mashami yaciwe, kuko mwebwe muri amashami gusa, ntimuri imizi. Imizi ni yo ibashigikiye.
19 Then you will say, "Branches were broken off so that I might be grafted in." Ariko urashobora kuvuga uti: “Erega ayo mashami y’ukuri yaciwe kugira ngo nterwe mu kibanza cayo.”
20 True. They were broken off for lack of faith; you stand by faith. Don't be proud—fear instead. Ukwo ni ukuri. Ariko wibuke ko ayo mashami yaciwe kubera ukutizera, kandi nawe uhagumijwe n’ukwizera. Rero, ntiwishime ahubwo utinye.
21 For if our Father did not spare the natural branches, neither will he spare you. Kuko nimba Imana itihanganiye Abayuda bagereranywa n’amashami y’ukuri, na wewe yohava itakwihanganira.
22 So see our Father's kindness and severity: severity to the fallen, kindness to you—if you continue in it; otherwise you too will be cut off. Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza.
23 And if they don't remain in lack of faith, they too will be grafted in—our Father can graft them in again. Kandi Abisirayeli nibemera guhindukira bakava mu kutizera kwabo, bazosubira baterwe ku giti bahozeko, kuko Imana irashoboye kubikora.
24 If you were cut from an olive wild by nature and grafted, against nature, into a cultivated one, how much more will natural branches be grafted back into their own olive tree? Mu vy’ukuri, wewe muri kamere muntu kawe umeze nk’ishami ry’umwelayo wo mw’ishamba. Nimba rero Imana yakoze ikintu kinyuranye n’uko ibintu bisanzwe bimeze, ikemera kugutera ku mwelayo wo mu murima, bizoyorohera cane gusubiza amashami y’ukuri aho yahoze?
25 Brothers and sisters, I don't want you unaware of this mystery, so you aren't wise in your own eyes: Israel is partly hardened, until the full number of Gentiles comes in. Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.
26 So all Israel will be saved, as it is written: "The rescuer will come from Zion and remove evil from Jacob, Ico gihe, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe ngo: “Umurokozi azova i Siyoni, kandi azohindura aba Yakobo abakure mu kutubaha Imana.
27 and this will be my covenant with them, when I take away their sins." Iri ni ryo sezerano nzobashitsako ninabakurako ibicumuro vyabo.”
28 In the gospel, they are enemies for your sake; in election, beloved because of the fathers. Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo.
29 For the gifts and the calling of our Father are irrevocable. Kuko Imana idasubira ku ngabire yatanze canke ngo ihebe abo yatoranije,
30 For just as you once disobeyed our Father, but now have received mercy through their disobedience, nk’uko namwe abanyamahanga mwigeze kuba mu mugararizo, mutumvira Imana, ariko ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi kubera Abisirayeli bagararije.
31 so they too now disobeyed, so that by the mercy shown you, they too may now receive mercy. Babaye abagarariji, kugira ngo nk’uko namwe mwagiriwe imbabazi, na bo baze bazigirirwe.
32 For our Father has bound everyone over to disobedience, that he may have mercy on all. Kuko abantu bose baragararije Imana, bituma ibafata nk’imbohe. Ivyo ibikora kugira ngo ibagirire imbabazi bose.
33 Oh, the depth of the riches and the wisdom and the knowledge of our Father! How unsearchable are his judgments and how untraceable his ways! Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana! Ingingo ifata ntizitahurika kandi inzira zayo ntizimenyekana.
34 "For who has known the mind of our Father, or who has been his counselor? “Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho? Canke ni nde yayibereye umujenama?”
35 Or who has given a gift to him that he might be repaid?" “Hari uwoba yarigeze kugurana Imana kugira ngo ize imwishure?”
36 For from him and through him and to him are all things. To him be the glory forever. Amen. Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]