Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Brothers and sisters, my heart's desire and prayer to our Father for Israel is for their salvation. Bene Data, ico umutima wanje wipfuza cane kandi nsaba Imana, ni uko Abisirayeli bose bokizwa.
2 I testify about them: they have zeal for our Father, but not according to knowledge. Ndashobora gushinga intahe y’uko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.
3 Ignorant of our Father's righteousness, seeking to establish their own, they did not submit to our Father's righteousness. Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, maze baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.
4 For Christ is the law's goal, so all who believe receive righteousness. Mu vy’ukuri Kristo yashikije intumbero ivyagezwe vyari vyarashiriweho. Ni co gituma umuntu wese amwizeye aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi.
5 For Moses writes about the righteousness that is based on the law: "The one who does these things will live by them." Kuko Mose yanditse avuga ati: “Umuntu ashaka kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi yisunze ivyagezwe, azobeshwaho na vyo.”
6 But faith-based righteousness says: "Don't say in your heart, 'Who will go up to heaven?'" (that is, to bring Christ down). Ariko ukwemerwa n’Imana nk’umugororotsi biciye mu nzira yo kwizera kuvuga kuti: “Ntukibaze mu mutima ngo mbega ni nde azoduga mw’ijuru?” (bisigura, kuzana Kristo kw’isi)
7 "or 'Who will descend into the abyss?'" (that is, to bring Christ up from the dead). canke ngo: “Ni nde azomanuka i kuzimu iyo abapfuye bari?” (bisigura: kuzura Kristo mu bapfuye).
8 But what does it say? "The word is near you, in your mouth and in your heart"—meaning the word of faith we proclaim: Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ijambo riri hafi yawe; mbere riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe.” Iryo jambo ni bwo Butumwa bwo kwizera tuvuga.
9 If you confess with your mouth Jesus is Lord and believe in your heart that our Father raised him from the dead, you will be saved. Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.
10 For with the heart you believe and are made right with our Father, with the mouth you confess and are saved. Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuye n’akanwa kiwe bituma akizwa.
11 For the Scripture says, "Everyone who believes in him will not be put to shame." Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Umuntu wese amwizera ntazokwigera amaramara.”
12 No difference between Jew and Greek: the same Lord is Lord of all, generous to all who call on him. Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese.
13 For "everyone who calls on the name of our Lord Jesus will be saved." Kuko “Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.”
14 So how can they call on one they haven't believed in? How can they believe in one they haven't heard of? How can they hear without someone preaching? None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye?
15 How can they proclaim him unless they're sent? As written: "How beautiful are the feet of those bringing good news!" Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”
16 But not all obeyed the good news, for Isaiah says, "Our Father, who believed our message?" Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: “Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?”
17 So faith comes from hearing, and hearing through the word about Christ. Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.
18 But I ask: did they not hear? Yes, they did: "Their sound went out to all the earth, their words to the ends of the world." Ubu rero ndabaza: mbega none Abayuda iryo jambo nta ryo bumvise? Egome cane bararyumvise! Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ijwi ryumvikanye mw’isi yose; kandi ivyavuzwe vyashitse ku mpera z’isi.”
19 But I ask, did Israel not know? First Moses says: "I will make you jealous by those not a nation, angry by a nation without understanding." Nkongera nkabaza nti: Mbega Abisirayeli ntibigeze baritahura? Egome cane bararitahuye, kuko Mose ari we yabanje kuvuga ati: “Nzobateza kwipfuza ivy’abantu batari babereye no kwitwa ihanga; ndabateze kugirira ishari ihanga ritagira n’ugutahura.”
20 Isaiah is bold enough to say, "I was found by those not seeking me; I appeared to those not asking for me." Mu nyuma, Yesaya na we yavuze ashize amanga ati: “Nabonywe n’abatariko baranandondera, niyereka abatariko baranabaza ivyanje.”
21 But about Israel he says, "All day long I stretched out my hands to a disobedient, defiant people." Ariko ku vyerekeye Isirayeli, Imana yaravuze iti: “Umusi wose niriwe nshanje amaboko, ndayategeye ubwoko butumvira kandi bw’intagondwa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]