Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Does not Wisdom call out, and understanding raise her voice? Ntiwumva ko Bwenge ariko ahamagara n’ijwi rirenga? Ntiwumva ko ugutahura kudugije ijwi ryakwo?
2 Atop the heights along the way, where the paths meet, she takes her stand. Ahagaze ku gatwe k’umusozi, no ku mahwane y’inzira.
3 Beside the gates, at the entrance to the city, at the doorways she cries aloud: Arasemerera ari ku marembo aja mu gisagara no ku mabarabara ajayo.
4 "To you, all people, I call out; my voice reaches all humanity. Avuga ati: “Yemwe bagabo, ni mwebwe mbwira; ndugije ijwi mpamagara abantu bose.
5 You who are simple, learn prudence; you who are foolish, gain an understanding heart. Yemwe mwa mburabwenge, nimuronke ubwenge. Namwe mwa bijuju, nimuronke ugutahura.
6 Listen, for I speak of noble things, and everything I say is right. Nimunyumvirize, kuko mfise ivyiza vyo kubabwira, nteranuye akanwa kanje ngo mbabwire ibibereye.
7 My mouth utters truth, for my lips detest wickedness. Akanwa kanje kavuga ukuri, kuko iminwa yanje yanka ububeshi bw’uburyo bwose.
8 All the words of my mouth are righteous; none of them is twisted or crooked. Amajambo yo mu kanwa kanje yose aragororotse, nta na rimwe muri yo rigoramye canke ry’uruhendo,
9 To the one who understands they are all clear, and right to those who find knowledge. yose arumvikana ku bafise ubwenge, kandi aragororotse ku baronse ubumenyi.
10 Take my instruction instead of silver, and knowledge rather than choice gold, Nimuhitemwo inyigisho zanje muzirutishe ifeza, n’ubumenyi muburutishe inzahabu.
11 for wisdom is better than jewels, and nothing you desire can compare with her. Kuko ubwenge buhambaye kurusha amabuye y’agaciro, kandi nta co kwipfuzwa cogereranywa na bwo.
12 I, Wisdom, dwell with prudence, and I find knowledge and discretion. Jewe Bwenge mbana no kwiyubara. Kandi mfise ubwenge no kurobanura.
13 The fear of our Father is to hate evil. Pride and arrogance, the evil way, and perverse speech I hate. Kwubaha Uhoraho bitera kwanka ikibi. Ni co gituma nanka ubwibone, ukwishira hejuru, ingeso mbi hamwe n’amajambo y’uruhendo.
14 Counsel is mine, and sound wisdom; I am understanding; strength is mine. Kuja inama no kugira ivyiyumviro birashe ni ivyanje; mfise ugutahura hamwe n’ububasha.
15 By me kings reign, and rulers decree what is just; Abami ni jewe ndabaha kuganza, abatware nkabaha gushinga amategeko abereye.
16 by me princes govern, and nobles—all who rule with justice. Abaganwa baganza kubera jewe, co kimwe n’abashizwe hejuru hamwe n’abacamanza bo kw’isi bose.
17 I love those who love me, and those who search for me find me. Nkunda abankunda, kandi abandondera bose bazondonka.
18 With me are riches and honor, enduring wealth and righteousness. Ubutunzi n’icubahiro biri kumwe nanje, hamwe n’amatungo n’ubugororotsi.
19 My fruit is better than gold, than the finest gold, and what I yield surpasses choice silver. Icamwa canje ni ic’agaciro gusumba inzahabu itunganijwe, ivyamwa vyanje bisumvya agaciro ifeza yarobanuwe.
20 I walk in the way of righteousness, along the paths of justice, Ngendera mu nzira z’ukugororoka, no mu nzira z’ubutungane.
21 giving wealth as an inheritance to those who love me, and filling their treasuries. Abankunda baragwa ubutunzi, kandi nzokwuzuza ibigega vyabo.
22 Our Father brought me forth at the beginning of his way, before his works of old. Uhoraho yambumvye mu ntango y’igikorwa ciwe, imbere y’uko arema ibindi vyose.
23 From ages past I was established, from the beginning, before the earth began. Nashizweho imbere y’ibihe, uhereye mbere na mbere, isi itararemwa.
24 When there were no deep waters I was brought forth, when there were no springs overflowing with water. Navutse ibiyaga bitararemwa, amasoko adudubiza amazi atarabaho.
25 Before the mountains were settled, before the hills, I was brought forth, Imbere y’uko imisozi ishirwaho, n’imbere y’uko imitumba ibaho, nari naravutse.
26 while he had not yet made the earth and its fields, or the first dust of the world. Navutse kera cane imbere y’uko Imana irema isi n’imirima, canke urushi rwa mbere rw’ivu.
27 When he set the heavens in place, I was there; when he drew a circle over the face of the deep, Igihe yashiraho amajuru ni ho nari ndi, n’igihe yashiraho urubibe rw’i kuzimu ni ho nari ndi.
28 when he set the skies in place above, when he established the springs of the deep, Igihe Uhoraho yashira ibicu hejuru ni ho nari ndi, kandi n’igihe yaha inkomezi amasoko y’i kuzimu ni ho nari ndi.
29 when he set for the sea its boundary so the waters would not cross their limits, when he marked out the foundations of the earth, Igihe yashiraho imbibe z’ibiyaga, kugira ngo ntibirenge inkombe zavyo, kandi n’igihe yashiraho imfatiro z’isi ni ho nari ndi.
30 then I was beside him as a master craftsman, and I was his daily delight, rejoicing before him always, Ico gihe nari kumwe na yo ndi nk’umuhinga. Namana akamwemwe imisi yose, nezererewe imbere yiwe.
31 rejoicing in his whole world, and delighting in the human family. Nari nezererewe isi yose yaremye, nezererewe abana b’abantu.
32 And now, my children, listen to me: blessed are those who keep my ways. None rero, bana banje, nimuntege amatwi; hahiriwe abagendera mu nzira zanje.
33 Listen to instruction and be wise; do not ignore it. Nimwumve inyigisho zanje, maze mugire ubwenge, ntimuzirengagize.
34 Blessed is the one who listens to me, watching daily at my gates, waiting beside my doorway. Hahiriwe umuntu antega amatwi, akaguma anderetse ari ku muryango wanje ku musi ku musi, akandindirira mu rwinjiriro.
35 For whoever finds me finds life and receives favor from our Father. Kuko uwundonse aba aronse ubuzima, kandi agira ikiganza ciza k’Uhoraho.
36 But whoever misses me harms his own soul; all who hate me love death." Ariko uwutandondeye aba yishe ubuzima wiwe, kuko abanyanka bose bakunda urupfu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]