Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father spoke to Moses and Aaron, saying: Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:
2 "The Israelites are to camp, each by his standard, with banners of their ancestral houses, facing the tent of meeting all around, they are to camp. “Abisirayeli baze bacumbike bakikuje Ihema ry’Ibonaniro ariko bataryegereye cane, umuntu wese azobe musi y’ibendera ry’umuryango wiwe no musi y’ibendera ry’inzu yiwe.”
3 "To the east, toward sunrise: the camp of Judah, by their divisions, under its standard. Leader of Judah's people: Nahshon son of Amminadab. Mu buseruko hazobe hari: Abakomoka kuri Yuda bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Nahashoni mwene Aminadabu.
4 His division, those counted, numbered 74,600. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo indwi na bine n’amajana atandatu.
5 "Camping next to him: the tribe of Issachar; the leader of Issachar's sons is Nethanel son of Zuar. Abakomoka kuri Isakari baze bakurikire. Umukuru wabo ni Netaneli mwene Zuwari.
6 His division, those counted, numbered 54,400. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane.
7 "Then the tribe of Zebulun; leader of Zebulun's sons: Eliab son of Helon. Abakomoka kuri Zebuloni baze bakurikire. Umukuru wabo ni Eliyabu mwene Heloni.
8 His division, those counted, numbered 57,400. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane.
9 "All counted in Judah's camp: 186,400, by their divisions. They set out first. Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Yuda, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitandatu n’amajana ane. Abo ni bo bazoja imbere y’Abisirayeli. Ni bo bazofata inzira ubwa mbere.
10 "South side: the banner of Reuben's camp, by divisions. Leader of Reuben's people: Elizur son of Shedeur. Mu bumanuko hazoba hari: Abakomoka kuri Reyubeni, bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Elisuri mwene Shedewuri.
11 His division, those counted, numbered 46,500. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu.
12 "Camping beside him: the tribe of Simeon; leader of Simeon's people, Shelumiel son of Zurishaddai. Abakomoka kuri Simeyoni baze bakurikire. Umukuru wabo ni Shelumiyeli mwene Zurishadayi.
13 His division, those counted, numbered 59,300. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu.
14 "Then the tribe of Gad: leader of Gad's people, Eliasaph son of Deuel. Abakomoka kuri Gadi baze bakurikire. Umukuru wabo ni Eliyasafu mwene Reyuweli
15 His division, those counted, numbered 45,650. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu.
16 "Those counted in Reuben's camp, by their divisions: 151,450. They set out second. Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Reyubeni, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana na mirongo itanu na kimwe n’amajana ane na mirongo itanu. Ni bo bazofata inzira ubwa kabiri.
17 "Then the tent of meeting sets out, with the Levites' camp in the middle of the camps. They set out in the order they camp, each in place, under their banners. Hanyuma haze hakurikire ihema ry’ibonaniro n’abakomoka kuri Lewi, bagendere hagati y’iyindi migwi. Baze bakurikirane mu guhaguruka nk’uko bakurikirana mu gucumbika, umwe wese mu kibanza ciwe, kandi ari musi y’ibendera ryabo.
18 "West side: Ephraim's camp standard, by their divisions; leader of Ephraim's people is Elishama son of Ammihud. Mu burengero hazoba hari: Abakomoka kuri Efurayimu, bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Elishama mwene Amihudi.
19 His division, those counted, numbered 40,500. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu.
20 "Beside him: the tribe of Manasseh, led by Gamaliel son of Pedahzur. Abakomoka kuri Manase baze bakurikire. Umukuru wabo ni Gamaliyeli mwene Pedasuri.
21 His division, those counted, numbered 32,200. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri.
22 "Then the tribe of Benjamin, led by Abidan son of Gideoni. Abakomoka kuri Benyamini baze bakurikire. Umukuru wabo ni Abidani mwene Gidiyoni.
23 His division, those counted, numbered 35,400. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane.
24 "All counted in Ephraim's camp: 108,100, by their divisions. They set out third. Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Efurayimu, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana n’umunani n’ijana. Baze bafate inzira ubwa gatatu.
25 "Dan's camp standard stands on the north side, by divisions. Ahiezer son of Ammishaddai leads Dan's people. Mu buraruko hazoba hari: Abakomoka kuri Dani bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Ahiyezeri mwene Amishadayi.
26 His division, those counted, numbered 62,700. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi.
27 "Camping next to it: the tribe of Asher, its leader Pagiel son of Ochran. Abakomoka kuri Asheri baze bakurikire. Umukuru wabo ni Pagiyeli mwene Okurani.
28 His division, those counted, numbered 41,500. Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu.
29 "Then the tribe of Naphtali; Naphtali's leader is Ahira son of Enan. Abakomoka kuri Nafutali baze bakurikire. Umukuru wabo ni Ahira mwene Enani.
30 His division, those counted, numbered 53,400. Igitigiri c’umugwi w’abo ni ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane.
31 "All counted in Dan's camp: 157,600. They set out last, by their standards." Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Dani ni ibihumbi ijana na mirongo itanu n’indwi n’amajana atandatu. Abo ni bo bazohaguruka ubwa nyuma.
32 These are Israelites counted by their clans, all camp divisions: 603,550. Abo ni bo Bisirayeli, baharuwe hakurikijwe imiryango bakomokamwo. Abaharuwe bose mu mice y’igisoda cabo, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu.
33 But the Levites were not counted among the Israelites, just as our Father had commanded Moses. Ariko Abalewi bo, ntibaharuwe hamwe n’abandi Bisirayeli, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
34 So the Israelites did all our Father commanded Moses. So they camped by their standards, and so they set out, each by clan, by ancestral family. Nuko Abisirayeli bakora vyose nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose. Bashinga amahema musi y’amabendera yabo, umwe wese mu nzu ya ba sekuruza no mu muryango wiwe, kandi ni muri urwo rutonde nyene bahaguruka bagafata inzira.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]