Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses in the Sinai wilderness, in the tent of meeting, on the first day of the second month of the second year after they left the land of Egypt. He said: Uhoraho avugana na Mose ari mw’Ihema ry’Ibonaniro mu bugaragwa bw’i Sinayi ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri, mu mwaka ugira kabiri Abisirayeli bavuye muri Egiputa, amubwira ati:
2 "Count the whole community of Israel's people, by clans and fathers' houses—every male, by name, head by head. “Harura Abisirayeli bose ukurikije imiryango yabo n’inzu zabo, ushire ku rutonde amazina y’ingabo kandi uharure umwumwe.
3 Register everyone in Israel twenty and older who can serve in the army—you and Aaron—by their divisions. Mwe na Aroni muze muharure abagabo bose b’Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ibiri canke irenga, bashobora kuja ku rugamba, mubashire mu migwi yabo.
4 A man from each tribe is to be with you, each one the head of his family. Umugabo aserukira umuryango akaba n’umukuru wawo azobafashe muri ico gikorwa.
5 "Names of the men who will stand with you: from Reuben, Elizur son of Shedeur. Aya ni yo mazina y’abazogufasha: mu muryango wa Reyubeni, ni Elisuri mwene Shedewuri;
6 "From Simeon, Shelumiel son of Zurishaddai; mu muryango wa Simeyoni, ni Shelumiyeli mwene Zurishadayi;
7 "From Judah, Nahshon son of Amminadab; mu muryango wa Yuda, ni Nahashoni mwene Aminadabu;
8 "From Issachar, Nethanel son of Zuar; mu muryango wa Isakari, ni Netaneli mwene Zuwari;
9 "From Zebulun, Eliab son of Helon; mu muryango wa Zebuloni, ni Eliyabu mwene Heloni;
10 "From the sons of Joseph: from Ephraim, Elishama son of Ammihud; from Manasseh, Gamaliel son of Pedahzur; muri bene Yosefu: mu muryango wa Efurayimu, ni Elishama mwene Amihudi; mu muryango wa Manase, ni Gamaliyeli mwene Pedasuri;
11 "From Benjamin, Abidan son of Gideoni; mu muryango wa Benyamini, ni Abidani mwene Gidiyoni;
12 "From Dan, Ahiezer son of Ammishaddai; mu muryango wa Dani, ni Ahiyezeri mwene Amishadayi;
13 "From Asher, Pagiel son of Ochran; mu muryango wa Asheri, ni Pagiyeli mwene Okurani;
14 "From Gad, Eliasaph son of Deuel; mu muryango wa Gadi, ni Eliyasafu mwene Dewuyeli;
15 "From Naphtali, Ahira son of Enan. mu muryango wa Nafutali, ni Ahira mwene Enani.”
16 "These were the community's called ones, leaders of their ancestral tribes, heads of Israel's clans." Abo ni bo batowe mw’ihanga ryose, bakaba bari abakuru b’imiryango ya ba sekuruza babo. Ni bo kandi bari abakuru b’amazu y’imiryango ya Isirayeli.
17 So Moses and Aaron took these men who had been designated by name, Nuko Mose na Aroni begeranya abo bantu batowe,
18 on the first day of the second month they gathered the whole community. The people registered their ancestry by clan and family—every male twenty years old and older, listed by name, one by one, baca batumako ikoraniro ry’ihanga ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri. Abantu bariyandikisha bakurikije amazu yabo n’imiryango yabo, hanyuma abagabo bakwije imyaka mirongo ibiri n’iyirenga barandikwa, umwumwe wese ku rutonde rw’amazina,
19 as our Father had commanded Moses. So Moses counted them in the wilderness of Sinai. nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose. Yabaharuriye mu bugaragwa bw’i Sinayi.
20 From Reuben's descendants, Israel's firstborn: recorded by clan and family, name by name, every male twenty years old and up, able to serve in war. Mu bakomoka kuri Reyubeni imfura ya Isirayeli: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
21 Those counted from the tribe of Reuben were 46,500. Igitigiri c’abakomoka kuri Reyubeni cari ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu.
22 Simeon's descendants, by clans and families, counted by name, head by head: every male twenty years old and up, fit for the army. Mu bakomoka kuri Simeyoni: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
23 Those counted from the tribe of Simeon were 59,300. Igitigiri c’abakomoka kuri Simeyoni cari ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu.
24 From Gad's descendants: by clans, families, and names, every man twenty and older fit for military service. Mu bakomoka kuri Gadi: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
25 Those counted from the tribe of Gad were 45,650. Igitigiri c’abakomoka kuri Gadi cari ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu.
26 Judah's descendants, listed by clans and families, by name, every man twenty and older able to serve in the army: Mu bakomoka kuri Yuda: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
27 those counted from the tribe of Judah were 74,600. Igitigiri c’abakomoka kuri Yuda cari ibihumbi mirongo indwi na bine n’amajana atandatu.
28 Issachar's descendants, listed by clan and family, by name, every man twenty years and older fit for war: Mu bakomoka kuri Isakari: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
29 those counted from the tribe of Issachar were 54,400. Igitigiri c’abakomoka kuri Isakari cari ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane.
30 Zebulun's descendants: registered by clan and family, by name, every man twenty years old or older fit for military service. Mu bakomoka kuri Zebuloni: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
31 Those counted from the tribe of Zebulun were 57,400. Igitigiri c’abakomoka kuri Zebuloni cari ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane.
32 Sons of Joseph, Ephraim's line: recorded by clan and family, by name, every man twenty and older fit for military service. Abo mu bahungu ba Yosefu: Mu bakomoka kuri Efurayimu, Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
33 Those counted from the tribe of Ephraim were 40,500. Igitigiri c’abakomoka kuri Efurayimu cari ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu.
34 Manasseh's descendants, listed by clans and families, by name, each man twenty years or older able to serve in the army: Mu bakomoka kuri Manase, Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwe umwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
35 those counted from the tribe of Manasseh were 32,200. Igitigiri c’abakomoka kuri Manase cari ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri.
36 From Benjamin's descendants, recorded by clan and family, by name, every man twenty years old and older, fit for military service: Mu bakomoka kuri Benyamini: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwe umwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
37 those counted from the tribe of Benjamin were 35,400. Igitigiri c’abakomoka kuri Benyamini cari ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane.
38 From Dan's descendants, listed by clan and family, by name, every man twenty years old and older fit for war: Mu bakomoka kuri Dani: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
39 those counted from the tribe of Dan were 62,700. Igitigiri c’abakomoka kuri Dani cari ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi.
40 Asher's descendants, listed by clan and family, by name: every man twenty years old and up, fit for military service. Mu bakomoka kuri Asheri: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
41 Those counted from the tribe of Asher were 41,500. Igitigiri c’abakomoka kuri Asheri cari ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu.
42 Naphtali's descendants: by clan and family, counted by name, every man twenty and older fit for war. Mu bakomoka kuri Nafutali: Abagabo bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba barandikwa, amazina y’umwumwe wese ashirwa ku rutonde, hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
43 Those counted from the tribe of Naphtali were 53,400. Igitigiri c’abakomoka kuri Nafutali cari ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane.
44 Moses, Aaron, and Israel's twelve leaders counted these men, each for his family. Abo ni bo bagabo baharuwe na Mose na Aroni na ba bakuru icumi na babiri batowe mu Bisirayeli, umwe wese aserukira umuryango na ba sekuruza akomokako.
45 All Israel's people were counted by families, every man twenty years old and older, fit to serve in Israel's army. Abisirayeli bose bari bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga bashobora kuja ku rugamba baraharuwe hakurikijwe amazu ya ba sekuruza n’imiryango yabo.
46 All those counted came to 603,550. Igitigiri cabo bose hamwe cari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu.
47 But the Levites were not counted among them by their ancestral tribe. Ariko abakomoka kuri Lewi ntibaharuwe hamwe n’abandi.
48 For our Father had said to Moses: Uhoraho yari yarabariye Mose ati:
49 "Do not count the tribe of Levi or list them among the Israelites. “Ntimuze muharure abakomoka kuri Lewi canke ngo mubashire hamwe n’abandi mu guharura Abisirayeli.
50 Instead, put the Levites in charge of the tabernacle of the testimony, all its furnishings, and everything belonging to it. They must carry the tabernacle and its furnishings, care for it, and camp around it. Ariko, Abalewi uzobazeze igikorwa co kwitaho ivyo mw’ihema ry’ibonaniro, bazezwe ibikoresho vyaho hamwe n’ibintu vyose biri muri ryo. Ni bo bazoterura ihema n’ibikoresho vyaryo vyose; baze baryitwararike kandi bacumbike barikikuje.
51 When the tabernacle sets out, Levites take it down; when it is pitched, Levites set it up. Any outsider who comes near is to be put to death. Igihe cose bizoba bikenewe ko ihema ryimurwa, Abalewi baze bazobe ari bo barizinga, na ho bikenewe ko rishingwa, Abalewi bazobe ari bo barishinga. Uwundi muntu wese azoryegera aze yicwe.
52 Israel's people are to camp, each by his own camp, each under his own banner, by their companies. Abisirayeli baze bashinge amahema yabo mu migwi, umuntu wese azobe mu muce agenewe, abe musi y’ibendera ryabo.
53 The Levites must camp around the tabernacle of the testimony, so no wrath falls on the Israelite community; the Levites are to guard the tabernacle of the testimony." Ariko Abalewi bo baze bashinge amahema yabo bakikuje iryo hema ry’isezerano kugira ngo simpave ndakira Abisirayeli. Abalewi ni bo bajejwe kwitaho ihema ry’isezerano.”
54 The people of Israel did everything our Father had commanded Moses; that is exactly what they did. Nuko Abisirayeli bakora vyose nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]