Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nahum 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 An oracle concerning Nineveh. The book of the vision of Nahum the Elkoshite. Ibi ni ivyo Nahumu yavugishijwe vyerekeye Ninewe. Biri mu gitabu, akaba yabironse mu kwerekwa ari i Elikoshi.
2 Our Father is jealous and avenging; our Father takes vengeance and is filled with wrath. Our Father takes vengeance on his adversaries, and he reserves his wrath for his enemies. Uhoraho ni Imana ipfuha kandi yihora; Uhoraho ni Imana yihora kandi ifise uburake bwinshi. Uhoraho yihora abamugwanya, kandi uburake bwiwe abwamiza ku bansi biwe.
3 Our Father is slow to anger and great in power, and he will never leave the guilty unpunished. His way is in the whirlwind and the storm, and the clouds are the dust beneath his feet. Uhoraho ateba kuraka, ariko ni umunyenkomezi ahambaye; Uhoraho nta ho azoreka guhana uwagiriwe n’icaha. Yigaragariza mu gashururu no mu gihuhusi, kandi ibicu ni nk’umukungugu musi y’ibirenge vyiwe.
4 He rebukes the sea and dries it up; he makes all the rivers run dry. Bashan and Carmel wither, and the blossom of Lebanon fades. Akankamira ikiyaga kigakama, agakamya inzuzi zose. I Bashani n’i Karumeli harumye, kandi amashurwe y’i Libani arakabiranye.
5 The mountains quake before him, and the hills melt away. The earth heaves at his presence—the world and all who live in it. Imisozi iratigita imbere yiwe, udutumba tugashonga. Isi ihinda agashitsi imbere yiwe, co kimwe n’abayibako bose.
6 Who can stand before his fury? Who can endure the heat of his anger? His wrath pours out like fire, and the rocks shatter before him. Ni nde yohagarara imbere y’uburake bwiwe, ni nde yokwihanganira uburake bwiwe bw’inkazi? Umujinya wiwe iyo usutswe umeze nk’umuriro; amenagura ibitandara.
7 Our Father is good, a stronghold in the day of trouble; he knows those who take refuge in him. Uhoraho ni mwiza, ni ubuhungiro mu gihe c’amagorwa, kandi yitaho abamuhungirako.
8 But with an overwhelming flood he will put an end to her place, and he will pursue his enemies into darkness. Ariko asendanishije nk’umwuzure w’amazi menshi, azorandura Ninewe. Kandi abansi biwe azobakurikirana, gushika no mu mwijima.
9 What do you plot against our Father? He will put a complete end to it; trouble will not rise up a second time. Ivyo mutegura vyose vyo kugwanya Uhoraho Azokubita rimwe gusa, abarandure, ntazorinda gukubita irya kabiri.
10 For though they are entangled like thorns and soaked in their drink, they will be consumed like dry stubble. Abansi biwe bazomera nk’abari mu mahwa y’inzitane, bamere nk’abantu baborewe umuvinyu mwinshi. Bazotongorwa nk’ubwatsi bwumye.
11 From you, Nineveh, came one who plots evil against our Father, a counselor of wickedness. Muri wewe, yewe Ninewe, hariho uwosha abantu afise imigabo mibi k’Uhoraho, akagira inama mbi abantu.
12 This is what our Father says: However strong and numerous they are, they will be cut down and disappear. Though I have made you suffer, I will make you suffer no more. Uku ni ko Uhoraho avuze: “N’aho abansi bawe ari benshi kandi bakaba bakomeye, bazorandurwa baherengetere. Namwe Bayuda bantu banje, n’aho nigeze kubababaza, sinzosubira.
13 Now I will break his yoke from your neck and tear away your chains. Ngiye kuvuna ingogo iri ku bitugu vyanyu, ncagagure n’iminyororo ibaboshe.”
14 Our Father has commanded about you, Nineveh: your name will have no descendants. I will cut off the carved image and cast idol from your gods' house. I will make your grave—you are contemptible. Uku ni ko Uhoraho ategetse ku bwawe, yewe Ninewe: “Ntuzosubira kuronka uruvyaro rwitirirwa izina ryawe. Nzorandura ibishushanyo bibajwe n’ibibumbano biri mu ngoro z’imana zanyu. Nzokwimbira imva, kuko uri umunyakibi.”
15 Look! There on the mountains, the feet of one who brings good news, who proclaims peace! Celebrate your feasts, Judah; fulfill your vows. For never again will the wicked invade you; they are completely cut off. Ehe ku mpinga z’imisozi, hari ibirenge vy’abazanye inkuru nziza, bazanye inkuru z’amahoro! Gira imisi mikuru yawe, yewe Yuda, ushitse n’ivyo wasezeranye. Nta banyakibi bazosubira kugutera; kuko bazorandurwa baherengetere.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]